IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bweru : Yishwe ariko arenga ibigo

Bweru : Yishwe ariko arenga ibigo

jeudi 18 Nyakanga 2014

Musitanteri wa komine ya Bweru mu ntara ya Ruyigi, asaba abanyagihugu kutaza barihanira, mu gihe hari umugabo yafashwe ariko ararenga ibigo, aca aricwa.

Uwo musitanteri akaba yasavye ivyo abo banyagihugu ko batosubira kwihanira ko umuntu wese afashwe ariko arakora amakosa, ko yoshikirizwa ubutungane. Musitanteri wa komine ya Bweru akaba ndetse agabisha abo bose bafise akageso ko kwihanira. Uwo mugabo yakubiswe amahiri ariko ararenga ibigo, akaba yakubiswe cane n’umugabo w’umugore bariko barashurashurana, ku musozi wa Caga muri iyo komine,igihe yari yafatanywe itonga.

Alexandre Ntirampeba musitanteri w’iyo komine ya Bweru akaba asaba abanyagihugu kuvavanura n’iyo ngeso yo kurenga ibigo, co kimwe n’uguharika. Muri iyo komine, bikavugwa ko hari bamwe mu banyagihugu bava mu zindi ntara bubatse, bashitse muri komine ya Bweru bagashika bironderera udukumi tukiri duto.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.