Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Abantu babiri bishwe barashwe
Bwiza : Abantu babiri bishwe barashwe
mercredi 27 Mukakaro 2016, par
Abantu babiri bishwe barashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu muri zone ya Bwiza iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo bwicanyi bwakozwe n’abantu babiri bitwaje inkoho, bikavugwa ko bari abasuma, ariko bakaba ataco bagiye basahuye.
Abajejwe intwaro muri komine Mukaza bavuga ko hari nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro, aho humvikana inkoho. Yari abantu babiri bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Pistolet bategereye imodoka (Taxi) yari igeze ku nzu y’uburaro (Hôtel Gloria) iri kw’ibarabara ry’indwi muri zone Bwiza. Abo bantu bitwaje inkoho bishe umugabo azwi kw’izina rya Gasongo, hamwe n’uwunguruza iyo modoka, Jean Paul NIYONZIMA. Bose bakaba bari bavuye mu bunywero bitwa Escotis busanzwe buri aho nyene muri zone ya Bwiza.
Abo bantu barashwe mu gihe umukobwa yari kumwe nabo yari yasohotse umuduga, ariko aradodora kuri iyo Hôtel. Abaporisi bakaba baciye baza gutabara, ariko basanze abo bagabo babiri bamaze kwitaba Imana. Uwo mukobwa yaciye afatwa, ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi babimenyesha.
Abanyagihugu b’aho muri zone Bwiza basaba abajejwe umutekano ko ibibanza bigenderwa n’abantu benshi, nk’ubunywero n’ahari uburaro (Hôtels) vyocungerwa, kuko bimaze kuboneka ko abagizi ba nabi bahategerera abantu.
IGIHE
Messages
27 Mukakaro 2016, 14:23, par Umukobwa Gikwega
Ivyobibanza abobanyagihugu bavuze nukuri birakwiye gucungerwa kuburyo bwahafinahafi mbese hakamahariho abahakurikirana kumwanya kumwanya abobajejwe umutekano nabaserukira ivyobibanza bakaba bafitaniye contact zahafinahafi .
Kandi singombwa ngobaje mwivyobibanza gusa nukuguma bakubitiraho hafinahafi nyene.
Mubihugu vyateyimbere nikobimeze mwenivyobibanza abajejwe umutekano baravyitaho cane.
27 Mukakaro 2016, 15:56, par Muyahudi
Mbega Aboba Porice Musaba Bozabaracungera Ubunwero Nama Hotel Araramwo Abasambanyi Nivyomubona Bibaberey? Iconokebura Abenegihugu Nimuz Murava Mububar Kar Mutaha Kare Ama Hotel Acungegwa Naba Siti
27 Mukakaro 2016, 19:01, par ng
Kuvakera ubugizibwanabi bwamyeho kandibuzokwamaho .nomubihugu bitunzecane nahonyene inkoho zamaziravuga
27 Mukakaro 2016, 19:57, par tari
Abo bishwe ni ibisigarira bya mujeri Sindimumuja.
28 Mukakaro 2016, 09:04, par Rachel Niyonsaba
Nukuri Ubugizi Bwa Nabi Bwabay Ndanse Kurizomvo Twosaba Abajejwe Igihugu Ko Bohamerera Magabo Kubijanye N,ubuzima Bw,abantu Kuk Abantu Bahez Mu Gihugu Nico Gituma Abajejwe Umutekano Bohakanurira Mugucungera Abo Bansi Murakoze
28 Mukakaro 2016, 10:11, par Aferky
Izo ningaruka zo guha abenegihugu ibigwanisho wiyumvira ngo baragushigikiye. None hari imbonerakure yorara ubusa atacariye kandi afise ingoho. Izo nterahamwe mwashize mu gihugu ugirango zizohava, kuvyo kurongora abagore nabakobwa kunguvu vyovyo nibintu vyabo. Peter yarateje ingorane uburundi zitazopfa ziheze nanyuma yiwe.
28 Mukakaro 2016, 10:35, par Djuma nininahazwe
abo basuma ni bahashwe
28 Mukakaro 2016, 14:54, par Bernard
Haturagowepe kwisiyosenubwicanyigusa
28 Mukakaro 2016, 23:11, par LIli
Aferky mujeri ni umukozi wa kagame ibuka inyenzi.
29 Mukakaro 2016, 20:38, par Lévis
Ahubwo Ubwicanyi Muburundi burakwiye kuhava hakaba amahoro.
29 Mukakaro 2016, 22:03, par Joseph
Nkuko Mubivuze Najewe Mbonako Inzego Zumutekano Zorikanura.
30 Mukakaro 2016, 00:57, par JAN CLAUD Bizndamvi
sinibazako !boba barabambuz,nagato nibwabutotez abarund twiszemwo iyoniportike yumugambwe cn d.de e.fdd uri kubutegest kuk batvye ivyo turabimenyerey naha ngiz comvuga nogirngorane!%
2 Myandagaro 2016, 09:53, par eeeeeeeeeeeeeeeeqqqqq
Abobantu ninzambonerakure zabagandaguye ntabandi, kuko nibo birirwa igenza nkimpene zici mukwica abantu.