IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza: Batatu bahitanywe n’igitero c’abantu bataramenyekana

Bwiza: Batatu bahitanywe n’igitero c’abantu bataramenyekana

mardi 19 Nzero 2016

Abantu batatu nibo bishwe ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 18 Nzero 2016 n’umuntu ari kw’ipikipiki, kw’ibarabara rya 6 riri muri zone Bwiza ya Komine ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bishwe ni umushingwamanza Emmanuel Nduwimana,umuyobozi mukuru ajejwe abakozi mu bushikiranganji bw’indero Protais Ndikuriyo n’intwazangabo mu gipolisi OPPI Anicet Dusabumuremyi OPPI Anicet Dusabumuremyi,batazira Maroha.

Amakuru ava aho mu Bwiza amenyesha ko hari mu masaha y’umugoroba igihe umuntu ari kw’ipikipiki yarasa abo bantu batatu.

Umuvugizi w’igipolisi OPPI Pierre Nkurikiye yemeje ayo makuru,akamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.