IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza na Nyakabiga abagira imyiyerekano bazibiwe n’abaporisi

Bwiza na Nyakabiga abagira imyiyerekano bazibiwe n’abaporisi

vendredi 29 Rusama 2015

Mu gihe amakomine ya Nyakabiga na Bwiza yari amaze iminsi arangwamwo imyiyerekano ikomeye, kuva muri aka gatondo ntabagira imyiyerekano bibonekeza.

Izo komine uko ari zibiri, zirangwamwo abaporisi benshi, abanyagihugu baho nabo bahora baja mu myiyerekano, bakaba bari mu mazu. Abo twayaze, batumenyesheje ko kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa 28 Rusama, hagumye hibonekeza abaporisi benshi, abo nabo, bakaba batihanganira abantu bagira uturwi turwi. Muri izo komine umuntu umwe umwe ararengana, ariko abashaka kugira imyiyerekano abakaba bataronka aho baca.

Kuri uyu munsi wa 34 w’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bikaboneka ko, abagira imyiyerekano naho baguma mu mazu yabo, hamwe hamwe baguma bazibiye amabarabara, ayo nayo, bakayazibiza ibiti n’amabuye.


Aristide Nizigire

Messages

  • emma

    eheeeee none aboba police baribarindiriye iki gukora nkuko ahandihose hari imigumuko mwagize neza kuzibira izo mburakimazi zisamburirako zitabaye impene raba ejo kumusaga barimvye ibarabara ryigihugu cabavyaye nibikebuke babivemwo ntaho bizoba

  • abahora babahemba udufaranga twabaheranye

  • Izo nkozi z’ikibi akazo kashobotse. Inzara reka ibanze ibakorogoshore.abo banebwe batajya bavana amaboko mumpuzi.bamenyereye kurya ibyubusa reka bumva

  • Nibahebe ntanyungu yomwibaraba

  • Ico kiranezereye cane. Nivyo ko abarundi baharanira agateka, bagashikiriza ivyiyumviro. ariko ntibinezereye guharanira agateka ukaka ubuzima abantu. je nibaza ahubwo ko imyiyerekano yateguwe nabi, canke yateguwe n’abatari bo. kumbure iyo pacifike arekera abandi agatuma abaterera ivyiyumviro n’uburyo vyari gukinga ko imyiyerekano ijamwo musaga na nyakabiga, cibitoke na ngagara gusa, ugaca umenga dusubiye muri 95-96, mbere bagaca basubira muri bimwe vyo guturira abantu n’amapine. erega mbaye wawundi gukomereka birababaza gutonekara bitaraza. baca bagira n’ikirikora noneho hagarukamwo ivya coup d’etat. burya iyo bitagenda gurtyo imyiyerekano yari kwitabwa kurugero ruhanitse, hari kugira abantu batayitabira, ariko ntamakonine yose yari kwikumira kuko ivyavugwa ishingiyeko abavyumva bari benshi cane, ariko vyatumye baca babona ko umengo ni amayeri umengo hari ikindi kiri inyuma. gucungera umutekano ni ngombwa unzego aho ndabashigikiye cane. ariko kandi no kubuza abantu kugaragaza akari kumutima sivyo.

  • mbega ibijuju vyaba polisi!murabaza abana ba ministre wanyu iyo bageze.abagurira inzu canada namwe ngo genda murasa benewanyu,ba so na ba nyoko,abagore banyu n’abana banyu bicwe n’inzara!!aho ntimwova ibuzimu mukabonako iyo ntwaro namwebwe muyigorewemwo?

  • VUGA MAKE BASHA,INZARA IZOFATA UMURINDI WESE.MBEGAKO 1dollar IGEZE KURI
    2200 Fbu IVYO BIGIRA INGARUKA KUBAGIZE MANIFESTATION GUSA?RINDIRA DANS 1 MOIS IZOBA IGEZE KURI 3000 FBU.VYIZA MWOSABA IMANA IKABAHA UBWENGE BWOGUTAHURA NO KWIRIMBURA HAKO MUTUKANA MUMA SMS YANYU

  • Nivyo abo ba police ni ibijuju, imbwa bayibwiye ngo fata ntibaza umutima n’ubwenge kuko ntigira namba

  • @dudu genda ubanze ubwire irya mihimbiri yo ku musaga ko ababahimiriza kugumuka nabo ata numwe ari i burundi,murahumba ntimuduhemena,mwitonde gusa izo grenades mutanguye gutera!!!

  • Ooooh Dudu kubicuritse mukubivuga? Ababwiye abobantu gukora akaduruvayo nibobabakomandira kuma zimu bibereye muri Bulaya nahandi ubwo bwenewacunabwo ugasanga intoke zabaye nkizifuku mukuyorera imwavu nimyanda mumabarabara, nayobariya babakomanzira kumasinu nogukura ibabiryigiti ryaguye kumodoka yabo barinda kwambara amaga. Ariko birambabaza kubona amahera barikobarakoresha abarundi kwirirwa bayoza amazirantoke ibiganzavyabo bayashira kwiyarara, bakaba bataribwigere biyumvira kubaha amahera kugirabitezimbere birababaje cane kubona babarondera babakoresha ibizira. Ariko namaze nokumenyako amahera baribateguye koyarayukwezikumwe ngonone birikobirazamwo namatati kugezayaho barikobarashaka kugabanya uburyobaha abarimumyiyerekano ariko abaribashinzwe gushikiriza ubwoburyo baravugako abobaribasanzwe babuha bazovugako bayishiriye mumifuka yabo ndababwirako mundwiziza muzobamumbarira.

  • Ariko sha, ayo macakubiri yaw ntaho azogushikana!ese ntakindi uhoza mukanwa atari ubwoko?erega inzara izobacokora mwempi.hama abobaporisi nabo kobishinga kumarabantu ,aya mezi 2 nahera badahembwe,batarya,mwibazako batazomufata mukanigo?reka twisengere gsa Uhoraho wenyine atugarukire.Ariko sha, ayo macakubiri yaw ntaho azogushikana!ese ntakindi uhoza mukanwa atari ubwoko?erega inzara izobacokora mwempi.hama abobaporisi nabo kobishinga kumarabantu ,aya mezi 2 nahera badahembwe,batarya,mwibazako batazomufata mukanigo?reka twisengere gsa Uhoraho wenyine atugarukire...

  • @Avec
    Amazirantoki bayashira no ku mabarrières ntiworaba,urumva ngo amacinya na colera bitanguye kubisasira,nta restaurant icugurura mutakura,cibitoki,nyakabiga,musaga,ndakurahiye mwicunge umuntu mutazi aje mu kamenge mumwirukane ntibatuzanire kolera n’amacinya muri quartier,kubera abo kwa gwasa nibo baza gusuma mwirarire,

    Ivyo vya mahera ba pancrace bayatoza i bulaya nabo baciye bayikorako erega ni ba ntahonikora mu bubiligi,mwari muzi iki,na bwa bukecuru bwa kadjanin bwose harya burahembwa,rindira rero batangure kuryana inzara bace babigereka kuri cnddfdd,murahumba twarabahinyuye,izoherera i wanyu

  • Mbesha wewe uvugango aba polisi ngobazobura icobahembwa ubayeho kugerubu utaramenya koyariho ibihugu vyiyemeje gufasha abajejwe umutekano buburundi? Mbere hariho ni bindi bihugu biriko birahimiriza uburundi ngobukure abasodababwo iyobagiye gufasha ariko abategetsi bababwiyeko harihikintu bakirindiriye kokiba ngobazocababikora,ivyobihugu biremera kuzokorera uburundi ivyobushakavyose. Mwevwerero mwishinga kwitanduza ngohariho ivyago bizoshikira reta ahubworindira bizoshikire mwebwe , ahorero simvuze ibirwanisho uburundi bwemerewe igihe hovaho intambara yamajambo hakagira uwacumuriro wamasasu icoyobina. ubuhariho nabasodababarundi bazabaramaze kurungikwa mwivyobihugu gufatamahugurwa yogukoresha ibirwanisho karuhariwe , mwebwemwakomeje kwumva umukuru wigihugu avugako uwuzotanguza intambara izotangurira iwiwe igaberera iwiwe mwibaza kwabikurakuki? Nagombakubabwirako nubu hariho ibirwanisho vyarutura vyabaye birigizwa mubihuguvyahafi kuberakwikekako uburundi bushobora gugambanirwa kubasirikarebabwo bakabura ibirwanisho noneho abomutayobewe bakizanira abobishakiye bakazankabateye intambara noneho bakitwakobarwanye bagatsinda kumbe ntibarigutsinda nuko bafatiye amaboko mugongo abasirikare bigihugu mukutaronka ibirwanisho bikwiye, buryanomu Rwanda nikovyagenze iyobagumabaronka ibirwanisho nunomusi rubarucambikanye.

  • imbwa zabapolisi barajirah

  • Nikobamye.Ariko Ndabahanuye Kuva I Buzimu Bakaja I Buntu Kuko Amase Ya Kera Ntagihoma Urutaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.