Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bwiza : Umusore yagandaguwe n’abantu bamusanze aho ari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Umusore yagandaguwe n’abantu bamusanze aho ari

Bwiza : Umusore yagandaguwe n’abantu bamusanze aho ari

mardi 19 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunyagihugu azwi kw’izina rya Bede HAVYARIMANA yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Yarasiwe kw’ibarabara rya 5 mu Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo musore yagandaguwe mu gihe yari ashitse ku rugo rubamwo umuntu yari agiye kuramutsa. Abanyagihugu babonye uko vyagenze bavuga ko abantu bane barimwo umwe afise inkoho basanze Bede HAVYARIMANA aho yari yagiye kuramukanya, bategeka uwo bari kumwe kwinjira mu cumba n’umwana wiwe.

JPEG - 86.6 ko
Bede HAVYARIMANA yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri

Abo bantu baciye barasa uwo musore amasasu ane bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, akaba yacikanye ageze kwa muganga.

Bede HAVYARIMANA yavuka mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.