IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Carama : Nyene akabare yishwe n’abitwaje ibirwanisho

Carama : Nyene akabare yishwe n’abitwaje ibirwanisho

vendredi 30 Rusama 2014

Jean Paul HABONIMANA, umunyagihugu wo mu Carama ya 2 muri komine Kinama yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rishira iryo kuwa kane. Abamwishe ntibaramenyekana, abanyagihugu bagasaba ko amatohoza yokorwa kandi akanyaruka kugira ubwicanyi bwimonogoje butuzwe.

Abana ba Jean Paul HABONIMANA, umunyagihugu wo mu Carama yahora afise akabare bita Ku NKENDE, bavyuwe n’abantu bariko babomora igihome c’inzu bari baryamyemwo, binjira mu nzu baca barasa amasasu abiri Jean Paul Habonimana umuvyeyi w’abo bana, aca yitaba Imana.

Ababanyi ba Jean Paul HABONIMANA bamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise urwo rupfu rw’uwo munyagihugu wo mu bwoko bw’abatwa. Bavuga ko yari umuntu abanye neza n’abandi, ata poritike arimwo. Yakora urudandazwa ku kabare bita Ku NKENDE mu Carama, abo banyagihugu bakiyumvira ko yoba yagandaguwe n’abamufitiye ishari ko yaronka abamushorera benshi.

Zakariya NIBIGIRA, musitanteri vy’imfatakibanza wa komine Kinama amenyesha ko mu giporisi bamaze gutangura amatohoza kuri urwo rupfu. Abanyagihugu basaba ko ayo matohoza yonyaruka, kugira ubwicanyi bwimonogoje butuzwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • noneho ibintu birayangaye mugihugu,abantu basigaye bicana nkinyamaswa.umuntu nguyo arishwe ngw’azize abakiriya,jewe sindiko nahura ibintu biri mugihugu.mbe ndabaze inyamaswamukira zoba zarangiye.none twe turi mumahanga wumva tuzo taha,umuntu uzogera mugihu bakurare kumugono ngo wazanye amanoti naho namba usange uzize ubusa,nukuri ubutegetsi nibuhashe izonkozi zibibi bimwe vyakarorero,murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.