Accueil > Amakuru > umutekano > Carama: Umuhungu yishwe na se wiwe amurashe
Carama: Umuhungu yishwe na se wiwe amurashe
dimanche 6 Nyakanga 2015
Umugabo azwi kw’izina rya Barutwanayo Joachim yarishe umuhungu wiwe amurashe mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2015,muri quartier ya Carama iri muri komine Ntahangwa.
Uwo yaraye yishwe na se wiwe amurasishije inkoho yo mu bwoko bwa kalashinkov ,azwi kw’izina rya Irambona Yves Lorrier w’imyaka 25 y’amavuko,akaba yari asanzwe yiga muri kaminuza.
Nkuko uwo muvyeyi abimenyesha,hari mw’ijoro igihe uwo muhungu yasanga se wiwe mu cumba c’uburyamo azanye umupanga ngo amuteme,nawe mu kwivuna aca asanga yarashe umuhungu wiwe.Avuga ko ivyamushikiye ari isanganya,kuko ataco bari basanzwe bapfa n’umuhungu wiwe uretse ko ari ivyama bishika hagati y’abana n’umuvyeyi.
Kubwo icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,Barutwanayo Joachim ategerezwa guhanwa,kuko uretse kwica yari atunze ikirwanisho atabifitiye uruhusha kandi umushikiranganji w’umutekano yari yasavye ko abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bobisubiza ku neza.
Yaba Joachim Barutwanayo yamaze gushikanwa mu gipolisi c’inyamiramabi kugira azoce ashikirizwa ubutungane,mbere n’inkoho n’umupanga vyose biri mu minwe y’igipolisi.
Van Naris Mugisha
Messages
6 Nyakanga 2015, 14:37, par Gezaho
Yihangane ntakundi uwo mwana wiwe nawe nyene yari kumugirira nabi.Police nayo nkeka yumwise aho yoja kurondera inkoho yama quartiers yama yugarijwe akaronka agahengwe.
6 Nyakanga 2015, 14:44, par Bizimana Daddy
Birakaze Ko N’abavyeyi Basigaye Bikoramunda
6 Nyakanga 2015, 19:48, par claude
Iki nigihe ciherezo bible irabivuga iti:mubihe vyanyuma hazoba intambara uvyeyi azica umwana umwana akicase ... Nitwihane Yesu arihafi gutora abiwe.
6 Nyakanga 2015, 20:24, par EGIDE
AHUBWO NIHATARI UMUNTU ASIGAY YIHEKORA AHOBWO NIBARA
6 Nyakanga 2015, 20:46, par misheri
nibasubize ivyo bigwanisho nibabisubize kuko yishe umumwana wiwe yokwishenandi nahanwe
6 Nyakanga 2015, 21:25, par mwene harimesj
Ico ntazi uyo yari umuhutu? Canke umututsi? Mutohoze neza uwomusore yoba yashaka kwica se ngo amwake iyonkoho azekuyimarisha aborutavugarumwe musanze aruko uwomutama Joachim aroba yarivunye umwansi akubitwe inkoni ngufi ikibi azobayagira ari gutunga ikigwanisho gusa nayo ubundi yokwambitswe ikidari kuko uyomusore yarafise ivyuliyumviro bibi cane. Tugire amahoro.
7 Nyakanga 2015, 07:19, par kariyo
ubu rero bunyoni aramenye ko mu carama hari abantu bafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha
7 Nyakanga 2015, 12:01, par serge
none ahandiho ntibavyirondere !mwagira nivyokugirante mpaka bamaranye !’..,
7 Nyakanga 2015, 17:29, par Niyonkur medar
Uwo joachin bivugwa ko yar mubaha inyigisho imbonerakure z’i muramvya, yarigez nugutwar iyo ntara. Ar mur cndd fdd
8 Nyakanga 2015, 10:01, par NDAMBEMBONE
reka basubiranemwo.urucira mukaso rugatwara nyoko
8 Nyakanga 2015, 14:37, par jibuntu
uwabaroze ntiyakaravye ubu murahaye mwica n abana mwavyaye umuvumo wa kaini uzobahame igihe cyose kandi ayo maraso mwirirwa muramena azobahumire mwe n uruvyaro rwanyu.
8 Nyakanga 2015, 21:54, par RUKUBO JAMAICAIN
NABAMBWE