IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown aricuza ku makosa yakoreye Rihanna

Chris Brown aricuza ku makosa yakoreye Rihanna

jeudi 28 Ntwarante 2013

"Amakosa yose ni ayanje." , ukwo nikwo umuririmvyi Chris Brown yisiguye bamwibukije umusi akubita umukunzi wiwe Rihanna, haheze imyaka itatu. Kubw’uwo muririmvyi, ako ni akahise kuko ubu yivugira ko ari umushingantahe abushitse.

Mu kiganiro yagiranye na Ryan Seacrest biciye ku nsamirizi Kiis-FM, Chris Brown yaragarutse ku sanganya ryo kuri urya mugoroba muri Ndamukiza 2009. Chris Brown yemera ko yatwawe n’ishavu vyatumye atana mu mitwe na Rihanna. Bukeye bw’aho, urukundo rwabo rwarahagaze, basubiza hamwe inyuma y’imyaka itatu. Iryo sanganya ryaribagiwe kuko Rihanna yagiriye ikigongwe uwamukubise.

JPEG - 12.7 ko

"Naragerageje kuba umuntu atunganye, nashatse kumwereka ko nicuza ku vyanshikiye.", ivyo vyasiguwe na Chris Brown, aho ashima ukuntu umukunzi wiwe yamutahuye. “ uko yavyifashemwo, n’uko tubanye ubu, ni umuntu wakataraboneka kandi nzokama ndabimushimira » .

JPEG - 12.5 ko

Uwo muririmvyi arazi neza ko bisubiye gushika ayo mahirwe atazoyaronka kandi kuko benshi mu bakunzi ba Rihanna ntibashimishijwe n’ukwo gusubiza hamwe, atanga akarorero ka Katy Perry, umugenzi wa Rihanna. "Abantu bafise uburenganzira bwo kuvuga no kwiyumvira ivyo bashaka vyose, kandi ivyo ntawobibahora kuko ku binyerekeye amakosa yose yamvuyeko.", Chris Brown abandanya avuga ko ubu akora ibishoboka vyose kugira aboneke nk’umuntu aciye bugufi.

Uno musi, Chris Brown amenyesha ko yahakuye icigwa kandi ko bitazosubira kumushikira


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.