IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Rihanna na Drake bakuye urusaku ku musozi, bemejeko bakundana

Rihanna na Drake bakuye urusaku ku musozi, bemejeko bakundana

vendredi 21 Ntwarante 2014

Rihanna na Drake bari mu rukundo, ivyari bimaze iminsi bivugwa nk’inkuru vyagiye ahabona. Rihanna yahoze ari soma mbike na Chris Brown ubu ari mu gasho kubera inyifato mbi ziwe, yibereye mu maboko ya Drake.

Inyuma y’aho ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane w’i Buraya vyaguma bitangaza ko umuririmvyi Drake na Rihanna bari mu rukundo abo nabo bakabihakana, bahavuye bemezako bakundana. Amakuru ava mu kinymakuru TMZ avugako abo baririmvyi(Rihanna na Drake) bari mu rukundo naho bari banse kubishira ahabona.
Umwe mu bagenzi ba Rihanna avugako Rihanna asigaye ashaka kumara umwanya mu nini iruhande y’umuririmvyi Drake.

Ivyo rero bibonekera mu biteramo Drake amaze iminsi akorera k’umugabane wa Buraya aho Rihanna yamuherekeza maze bakamarana umugoroba wose bari kumwe. Aba birabira hafi bavugako urukundo rwa Rihanna na Drake rwatanguye kunaga n’igihe uwo mukobwa yaragikundana na Chris Brown akaza aramuturubika, ariko vyari mu mpisho. Rwagiye rurakomera aho Chris Brown yatangura kuza arakubita Rihanna hari mu mwaka w’i 2009. Eka nko kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2009 Drake na Brown bararwanye bahuriye mu nzu y’ubutambiro I New York bapfa Rihanna.
Kimwe mu vyemeza urwo rukundo n’ururirimbo "take care" baririmbanye.

Mwomenyako Chris Brown w’imyaka 24 y’amavuko, ari mu munyororo i Los Angeles aho yasubiye kuja mu gihano c’abacamanza, kuva aho asubiriye kurenga ku mategeko yari yahawe yo kwigenza neza, inyuma yaho asohokeye inzu yari yashizwemwo kugira ibiyayura mutwe anyoye bimuvemwo, maze amanyama bimutera gabanuke.

Raba wongere wumvirize ururirimbo "Take care"yaririmbwe na Rihanna na Drake


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Mu bisanzwe twebwe nk’abarundi ivya ba rihana n’abandi ntanyungu bitugirira atari ukwigisha abana b’abarundi indero mbi no gutitura imico n’akaranga k’abarundi. nico gituma vyoba vyiza mugiye murareka kubidutangariza. mugatuma mutubwira imigambi yo kwiteza imbere ishoboka mu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.