IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abantu 12 batanditswe mu makaye y’ingo batawe muri (...)

Cibitoke : Abantu 12 batanditswe mu makaye y’ingo batawe muri yompi

mercredi 18 Rusama 2016, par egide

Abanyagihugu bo muri zone ya Cibitoke kuva kw’ibarabara rya gatandatu gushika kw’ibarabara ry’icumi bazindutse basanga bugarijwe n’abaporisi benshi bari kumwe n’abasirikare. Igikorwa cari candikunye abo bajejwe umutekano wari umukwabu w’abanyagihugu batanditswe mu makaye y’ingo.

Abanyagihugu bo kuri ayo mabarabara ntibashoboye kuzindukira ku mirimo yabo nk’uko vyategerezwa. Abajejwe umutekano bareka abanyeshure gusa, naho nyene babanje kubasaka, hamwe n’ukuraba ko amazina yabo yanditswe mw’ikaye y’urugo rw’aho basanzwe baba.

Ku rugo ku rugo, abaporisi binjira bakaraba ko abantu banditswe mw’ikaye y’urugo aribo bari muri urwo rugo. Abo basanze batanditswe bafashwe, begeranirizwa hamwe, mu nyuma bose bajanwa kuri komine Cibitoke, aho abari barongoye ico gikorwa bavuze ko bagiye kwumviririzwa. Imisore igera kw’icumi hamwe n’abagore babiri bari bafise abana akaba aribo bafashwe.

Umwe mubari barongoye ico gikorwa yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko abagizi ba nabi binyegeza mu banyagihugu, mu nyuma bagahungabanya umutekano, agasaba abo banyagihugu ko bokwiyandikisha mu makaye y’ingo nk’uko babisabwe n’abajejwe intwaro.


IGIHE

Messages

  • murahumbatuzoheza sha ntambonerakunya izoba ahamucibitoke

  • None tuvuge ko abobanyagihugu bataribamenye ko bategerezwa kwiyandikisha ? None abobabanyi babo babimenyegute ivyokwiyandikisha abonabo ntibabimenya?
    Tuvugeko kabaye akavayo?
    Tuvugeko ariho baribagishika?
    Tuvugeko aribamwe bavuga komu Burundi ata reta ihari?
    Tuvyite akagagazo?
    Rekandabirekere indanga zuburundi zimwe zasuzuma Nyamuragi Niyombare zibasuzume kandi zikomeze kubamurika.

  • izonzira karengane muzihorki vyababuriye tuzobabanaho imana iruta ingabo.

  • Eeh bandanya no mu ntara za ruguru mubone neza ababa mu ngo kandi mushireho n,amakomite ajejwe umutekano mutavyerekanye kugirango ntibiyoberanye bazoze babona bacakiwe, hari n,abari ngaho mu buzi bwa Leta bihishije nabo nyene mubatohoze muciye kubo bikorana . Kandi ko igihugu gifise abasirikare bakwiye gerageza mucungere ubunywero mwihishije gutyo uwuzotera grenade azoce atabwa muri yompi, abasirikare nibatonde ku ma barabara nka kumwe kwa kera gutyo abo bicanyi bazotinya, jew simbona igituma abo basirikare baba mu makambi nibabanze basubire bashware igihugu barabe hose ariko mumutekano, ikibazo si mandat ahubwo n,amacakubiri nkukwo nama ndabisemerera abarundi bamwe bamwe baratangara babonye bamwe mubagize inzego aho hamber batahora babona . Nyakwubahwa President ati< ntantambara izongera, uwuzoyitangura nawe izoherera iwe nyene> ngo ntamahoro ahari! Ntitwibagire akahitiye abarundi mwibagira ningoga

  • Nagomba gutera akamo benewacu Bose nacanecane twebwe tuba mumakaritiye yiyamirije ikiringo ca3 ngomuze tuvirehasi rimwe twiyamirize iryoyandikwa atakindi rigamije Atari uguharura abonkurunziza yishe namabasigaye twemere bashaka batumare kuko nubundi ntaco tucera arukuduhekura baraduhekuye natwe twitwa Ngo turacahema ntahodutaniye nabapfuye kubera agahinda kabacu tugumatubona bashorerwa nkintungwa bajagukererwa tutazi icobazira muze tuvehasi tuvyiyamirize kanatsinda urugamba twararutanguye kandi ntiruzohagarara tudashitse kucotwiyemeje kanatsinda gowigira agatebo bakakuyoza ivu

  • Wowe wiyise TARI nkuko ubivuze warafuye koko, bazakujane muba mfu nubundi.

  • Uyu wiyita Tari yataye umutwe ni Rubebe. Niba ashaka kujya mwibarabara azajyane nase na nyina. Twaramuhinyuye uyu mupfayongo.

  • We Tari, uramenya yuko ibihe bigenda bihinduka. Kandi uramenya ko atawitega isegenya kuko ishobora kumuhitana. Kandi ntawitega inkona. N’uko uvugira hasi nk’ikimuga, nimba ushaka kubona ay’imbga yaboneye k’umugezi, urihanaguze mur’iyo kaye niho nzomenya ko ur’umugabo.

  • Rusakumba urumugabo wari wagiyehe?ikinyamakuru igihe turagukunda je ndagukunda nuko ntokubona ikindinaco bandanya udefanda igihugu Imana izakwishura ino muri CANADAabarundi babino turakunda umukuru wigihugu naho hari abaducanganya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.