Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Gerenade zibiri zasibije abanyeshure ivyigwa
Cibitoke : Gerenade zibiri zasibije abanyeshure ivyigwa
lundi 26 Gitugutu 2015, par
Gerenade zibiri zaturikiye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere hafi y’ishure ryisumbuye hamwe n’ishure ritoya ryo kw’ibarabara ry’icenda n’iry’icenda, zatumye ivyigwa bidatangwa kuri uwu wa mbere kuri ayo mashure. Abanyeshure n’abigisha baciye bataha kubera ubwoba.
Abanyagihugu baba mu Cibitoke, hafi y’ahaturikiye izo gerenade zibiri bamenyesha umugore yariko agira isuku, yegeranya umwavu, awuturirira mu kibanza cahambwemwo izo gerenade zibiri atabizi.
Abanyeshure bo ku mashure yegereye urwo rugo rwaturikiyemwo ayo magerenade baciye bata ivyigwa bariruka kubera ubwoba.
Igiporisi cahashitse, haca hahagarikwa ku mvo z’amatohoza abagore babiri bo muri urwo rupangu, umusore umwe, hamwe n’uwundi mwana, bose baba kw’ibarabara ry’umunani mu Cibitoke.
IGIHE
Messages
26 Gitugutu 2015, 17:21, par Jean
Mbasha Uwomuvyeyi Ntaco Yabaye,uti Pore.Iyo Mihimbiri Nayo Iziranyegeza Ayo Magerenade Nibamenyeko Igihe Caheze,ntibibazeko Ivyobakora Babikora Tubabona,bazovyishura Tu.Naho Bozishira Mu Twarete Tuzozikurayo,natwe Atatwaye Ikikiringo Ca2ntituzokwemera Twebwe Imbonerakure,nakomera
26 Gitugutu 2015, 17:22, par Jean
Mbasha Uwomuvyeyi Ntaco Yabaye,uti Pore.Iyo Mihimbiri Nayo Iziranyegeza Ayo Magerenade Nibamenyeko Igihe Caheze,ntibibazeko Ivyobakora Babikora Tubabona,bazovyishura Tu.Naho Bozishira Mu Twarete Tuzozikurayo,natwe Atatwaye Ikikiringo Ca2ntituzokwemera Twebwe Imbonerakure,nakomera
26 Gitugutu 2015, 20:26, par J.F.K
Imana Irakunda Abarundi N’uburundi.Ahubwo Abasenzi Ntimuryame
26 Gitugutu 2015, 20:29, par Cikinorisi
Ntimubagirire Nabi Uhoraho Aratubona