Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere
Cibitoke: Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere
dimanche 20 Nyakanga 2015
Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu ruzi Nyabagere rugabura Zone Cibitoke na Zone Ngagara mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20 Nyakanga 2015.
Amakuru ava aho mu Cibitoke amenyesha ko ico kiziga catowe nk’igihe c’isaha zine n’igice,akaba yaboneka ko yoba yiciwe ahandi aza gutabwa muri urwo ruzi.
Idephonse Nduwimana arongoye quartier ya 5 amenyesha ko ayo makuru yayamenye avuye gusenga,aho yasanze ico kiziga gisa n’aho carashwe hanyuma aracumitwa,ariko ko ata numwe yamumenye.
Ildephonse Nduwimana avuga ko barushe,kuko mu ndwi zitatu,mu ruzi nyabagere hamaze gutorwa ibiziga bitatu nyene,biboneka ko vyicirwa ahandi bikaza gutabwa aho.
Abanyagihugu baho mu Cibitoke basaba ko boronka uburenganzira bwo gukorana n’abajejwe umutekano kugira ivyo bintu bihagarare,kuko biboneka ko ivyo biziga bizanwa kuko ata gikorwa co kwirarira gikorwa muri iyo micungararo.
Van Naris Mugisha
Messages
20 Nyakanga 2015, 15:13, par nyabenda emile
Nn kuki abant baguma bicwa murebera ataco mubivugako nimube mukora itohoza nyakuri mudahengamye.
20 Nyakanga 2015, 15:15, par nyabenda emile
Nn kuki abant baguma bicwa murebera ataco mubivugako nimube mukora itohoza nyakuri mudahengamye.
20 Nyakanga 2015, 17:47, par Géorges Djaména
Abarundi nimuje hamwe mufatane munda ubundi muzicuza mubonye abobantu babatuma kwica abandi nabo basubirijwe munkoko ivyo bagirira abandi, nabo nibagabe.
20 Nyakanga 2015, 19:49, par eduards
nibarebe bongeze umutekano kuko ndumva bitoroshe
20 Nyakanga 2015, 20:35, par Mana Fasha Uburundi
Wewe Mana Ndugurukire Ntubon Ko Tugeze Habi Ariko Bibe Nkukwo Ubishaka Ntibibe Nkuko Ndabishaka
20 Nyakanga 2015, 20:40, par Uwuhoraho Niwe Nyishu
Mana Ndufashe Kuko Nikibazo Muburundi
20 Nyakanga 2015, 21:02, par Nsabimana Théogène
Non ubwo imana ntiyogaragaza ababisha nkabo.
21 Nyakanga 2015, 14:27, par Evariste ruyigi
twebwe abarundi turakwiye kwikubita agashi tukareka gusesa amaraso yabenewacu kuko umuntu sigitungwa cokuri bonane barundi amaraso arahuma..
22 Nyakanga 2015, 08:52, par Ngelo
jeweharikintu kintangaza mukwiteramashugwe bavugango bazanyamahoro ariko uworabakuva 2005 bashitsekubutegetsi agaharurabantubamazegupfa bangananabapfuye ahantuharintambara jewemberentanguykwiyumvira :bavugangwamatongoyaraze nonebagombabahebe batwigabanirize? nindeyabahayuruhusha gwokugabanyabantu? jewendibaza, :mbegimanayararekuriyabantu kwicana? ukondabibona ibwirizwa ntiwice ngira ririmwikonje.
23 Nyakanga 2015, 11:02, par gedeon
Yoooo! birababaje cane . ico nabonye co ni uko aba bicanyi bafise specialite mubugome ko babanza kuboha abantu mbere yo kubica hanyuma bagaca babata muruzi . iyi imeze nka za scenes zavya biziga baterera mu rweru hanyuma bagaca bitanganiza ngo vyavuye murwanda twarabahinyuyeeee kandi ngo nyakibi ntirara bushitsi