Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Imiryango y’abanyagihugu bafashwe n’igiporisi itekewe (...)
Cibitoke : Imiryango y’abanyagihugu bafashwe n’igiporisi itekewe n’ubwoba
jeudi 4 Ruhuhuma 2016, par
Igipirisi cazindutse cugarije amabaraba amwe amwe yo muri karitiye ya Cibitoke, hakaba hariko hafatwa abantu mu kivunga. Abanyagihugu bafise amakenga kuko batabwirwa aho ababo bajanwe, ntibanababwire n’ico bafatiwe.
Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, amabarabara ya 5, 6, 7 hamwe n’umunani yazindutse yugarijwe n’abaporisi bari kumwe n’abasirikare. Amabarabara yafashweko abantu akaba ari irya 6, 7 hamwe n’iry’umunani, muri karitiye ya Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura.
Imiryango y’abafatiwe abayo yamenyesheje ko abagabo n’imisore basanga mu mihana bagenda babatwaye, habaka mbere hari n’abagabo bakuze bafashwe, harimwo n’umutama w’imyaka igera kuri 60 yafatiwe kw’ibarabara rya gatandatu mu Cibitoke.
Abo banyagihugu bo mu miryango yafatiwe abayo ikaba itekewe n’ubwoba, kuko batabwiwe abayo aho batwawe, hamwe n’ico bafatiwe, igasaba ko batoburirwa irengero.
Abo banyagihugu basaba kandi ko abafashwe bobwirwa ico bafatiwe, imiryango nayo ikamenyeshwa aho batwawe.
IGIHE
Messages
4 Ruhuhuma 2016, 12:26, par impunzi
abo bafashwe buriya bstafise ikibagira. none nibabadafise icobiyagiriza ubwobw oba nub wiki? ahobaba bwiriye ngo nibave mumatiku ntibumve ahobigeze ugutwi kwimpene k wumva kwokejwe ;
4 Ruhuhuma 2016, 14:23, par Kabango
Ariko wowe wiyita impunzi ushigikiye igiporisi gifata abenegihugu gutyo atarintakyo bafatiwe, , burundi waragowe
4 Ruhuhuma 2016, 19:38, par Noir
Nibabafat basigur abarinyuma yabatez umutkano muke kuk nibo bazany akaguma mugisagara cacu. Bakome bakomek babahenz ngo igihugu gifatwa nubugizi bwanab? Mbe ababatumy ko binyegeza? Nibaseruk none tubakorerko ko binyegez barabaroshe basha! Amase yakera ntagihom urutaro. Ukutumva kwabo bagiy kuguhagurukak amatwi nazibuk. Bakom bashats bomok nakar nakera bangaje beshi bica besh izo ntakebwa!! Zikomesh!!
4 Ruhuhuma 2016, 20:18, par nkeshimana ernest
hooo! birateye agahinda n,ubwoba be kobavugango hari abarwanyi mu burundi ntubona abarwanyi ko ari twebwe nyene mbega reta yo ntibo ibiriko biraba n,itabaranye isubireko igiporisi ntisubire kubeshera ibindi bihugu reta nirabe itabare abonyagihugu.
4 Ruhuhuma 2016, 20:20, par nkeshimana
hooo! birateye agahinda n,ubwoba be kobavugango hari abarwanyi mu burundi ntubona abarwanyi ko ari twebwe nyene mbega reta yo ntibo ibiriko biraba n,itabaranye isubireko igiporisi ntisubire kubeshera ibindi bihugu reta nirabe itabare abonyagihugu.
5 Ruhuhuma 2016, 09:04, par FELIX MUHIRE
Ugutwi kw’impene kwumva kwokejwe! Mbeg’umugani!!! Ariko nivyo abaporisi n’abasirikare turabizeye kandi turabaengera. Nibakore igikorwa cabo bahashe izo nkozi z’ikibi. Ugutwi kw’impene kwumva kwokejwe,"impunzi" yabivuze...
5 Ruhuhuma 2016, 14:25, par Ntaguhendana
Kera bakirwana, bavuga ngo bariko bararwanya leta y’abicanyi, none nabo bariko barakora nkivyo barwanya? Erega bibaye gutyo nabo bitegure guterwa kuko hari abatazonezrerzwa nivyo bariko barakora nkuko nabo batanezererwa nivyo abandi bakora kirya gihe! Inama nobagira iyo mirwi Yose, niyihane yizere Yesu Kristo umwami n’umukiza abakure murupfu abashire mu bugingo!
5 Ruhuhuma 2016, 19:48, par ndizeye onesphoro
nkurunziza afise umugambi woguhonya abatutsi arko imana ihora ihoze???
6 Ruhuhuma 2016, 17:56, par Nyenimbazi
Namba Leta Ari Leta Ikwiye Kuvugishukuri Ico Iba Ifatiye Abene Gihugu Ntitugumane Amakenga Kuko Twese Ntituvyumvakumwe Nicogituma Basabako Abasirikare Mvamakungu Boza Muburundi Kuko Birababajekubona Atamusi Wijana Atamuntu Badapfuye Leta Irimwo Nyabaroberi Yicura Kuko Ntivyumvikana
6 Ruhuhuma 2016, 22:19, par Kibwa
Uzontumva Reka Babatuze.
8 Ruhuhuma 2016, 13:33, par K
A
8 Ruhuhuma 2016, 13:39, par Mukaso
Uravuze Nabi Nyakurushwa.Naw Uzopfa Iy’isi Itongo Rya So@
13 Ruhuhuma 2016, 09:33, par kubwimana king
erega nkurunziza nareke kwigira imana y’abarundi !!??’..,...
13 Ruhuhuma 2016, 09:35, par kubwimana king
erega nkurunziza nareke kwigira imana y’abarundi !!??’..,...
23 Mukakaro 2016, 06:58, par Vyurumugara Anicet
Nimba Bera Ntimugire Ubwoba.Bazobarekura.Kandi Ntimuzoryamike Abanyarwanda.Bazira Paul Kagome Batazira Kagame.