Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Indyane z’amatongo ziragisibije
Cibitoke : Indyane z’amatongo ziragisibije
jeudi 10 Mukakaro 2014
Ubwicanyi mu ntara ya Cibitoke bufatiye ku bintu bitandukanye buguma bwiyongera, aho mu ndwi ya mbereya Mukakaro, abantu 4 bagandaguwe.
Buramatari w’intara ya Cibitoke akavuga ko ubwo bwicanyi nka bwose bufatiye ku ndyane za matongo. Anselme Nyandwi avuga ko bagiye gushiraho umurwi uhurikiyemwo abantu batandukanye, kugira ubwo bwicanyi bushobore gutuzwa. Ubwo bwicanyi bufatiye ku ndyane z’amatongo bukaba buri mu bituma umutekano uhungabana mu miryango.
Yaba abajejwe intwaro n’igiporisi, bose bakaba bagiye gukorera hamwe mu gufasha kugira izo ndyane n’ubwicanyi bihere, bifatiye ku matongo canke izindi ndyane zose zitandukanye zituma amaraso aseseka. Ukwezi kwa Ruheshi muri iyo ntara hakaba havugwa ubwicanyi buri hagati y’abubakanye.
Aristide Nizigire
Messages
17 Ndamukiza 2015, 17:08, par niyimbona anselme
Niyo biri uko bapfa amatongo atari ayabo canke baranyazwe babaziza ivyabo?ese ntababijejwe ngo babatunganirize?hasabwa iki?