IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Colonel Gaspard Baratuza : Ibogozwa rya General Prime Niyongabo ni (...)

Colonel Gaspard Baratuza : Ibogozwa rya General Prime Niyongabo ni ibihuha

samedi 20 Ruheshi 2015

Mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi barabeshuza amakuru avuga ko umukuru w’ibiro vy’intwaramiheto yoba yahinduwe, agasubirirwa na General Adolphe Nshimirimana.

Mw’itangazo twarungikiwe n’ubwo bushikiranganji, rigaterwako umukono na Colonel Gaspard Baratuza rivuga ko ibihuha vyiriwe birakwiragizwa ku buhinga ngurukana bumenyi kuva kuri uyu wa 18 Ruheshi, ko abasirikare bo mw’ikambi y’i Mwaro batorotse baja ahantu hatazwi bafise ibirwanisho, abandi bakavuga ko hari abarwanyi bagomba gutera igihugu n’ikomborwa rya General Major Prime Niyongabo umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, ari ibinyoma, ko n’abasirikare b’i Mwaro bakwiriye.

Kuri izo nkuru z’ibihuha zivugwa nyene, Colonel Baratuza avuga ko ubushikiranganji avugira, buboneyeyo akaryo ko guhumuriza abarundi n’amakungu, ko umutekano w’igihugu ucungerewe n’inzego zijejwe umutekano. Avuga kandi ko abasirikare bari bahunze kubera ugutinya gukurikiranwa ku vyari vyabaye ku wa 13 na 14 Ruheshi, bagarutse, bitavye akamo k’umukuru w’ibiro vya gisirikare. Nayo ku makuru avuga ko hari abashobora gutera igihugu bavuye hanze yaco, Baratuza yemeza ko abajejwe umutekano barikanuye, kandi aboza gutera igihugu bose, biteguriye kubatesha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.