Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Alassane Ouattara yatsindiye ikindi kiringo
Côte d’Ivoire : Alassane Ouattara yatsindiye ikindi kiringo
mercredi 28 Gitugutu 2015, par
Alassane Ouattara w’imyaka 73 yasubiriye gutorerwa kurongora igihugu ca Côte d’Ivoire mu kindi kiringo c’imyaka itanu, nk’uko amajwi y’agateganyo avyerekana.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2015 niho umurwi wigenga ujejwe amatora watangaza ko Alassane Ouattara, yatsinze vy’agateganyo amatora yo kuwa 25 Gitugutu 2015, ku majwi agera kuri 83,66 kw’ijana. Akaba yatsinze Affi N’Guessan yaronse amajwi 9,29 kw’ijana.
Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora umenyesha ko ayo matora yitabwe ku bice 54,63 kw’ijana.
Alassane Ouattara atsinze kurongora igihugu ca Côte d’Ivoire yari asanzwe aramutswa haraheze imyaka itanu.
IGIHE
Messages
28 Gitugutu 2015, 10:22, par uburundi
Imana ni imuje imbere ateze imbere igihugu n’abanyagihugu biwe. Abahiganywe nawe bemere ko barushijwe, bashire aho abanyagihugu bashize, birinde kuzana indyane. Aabanyagihugu nabo ntibasamazwe nuyu canke uriya, ahubwo bashishikare ibikorwa vyabo. Ico ni kimwe mu vyo Afrika ikeneye.
28 Gitugutu 2015, 17:51, par ndabirorere hilaire
imana izomurinde ntazarenganye uwo bahiganwa.
30 Gitugutu 2015, 10:02, par uwimana
Nibasangwe intsinzi bobo batagira ubwibone bwogusuzugura abanyagihugu nk’abarundi. Abanyapolitike b’abarundi barakwiye kubona neza ko iteka umuntu atariguteye ntaryo uba ukwiye kandi ntaba yatoye nabi niko aba abibona kandi muje mwihangana.
2 Munyonyo 2015, 17:21, par musirikare
abarundi barakwiy kuhakura icigwa!