Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : Ibanki ya Afrika y’iterambere (BAD) itegekanya imiliyoni 150 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ebola : Ibanki ya Afrika y’iterambere (BAD) itegekanya imiliyoni 150 (...)

Ebola : Ibanki ya Afrika y’iterambere (BAD) itegekanya imiliyoni 150 z’amadolare

mercredi 27 Myandagaro 2014

Inyuma yaho itangiye imiliyoni 60 z’amadolare mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ amagara y’abantu (OMS) mukugwanya ikiza ca Ebola muri Afrika y’Uburengero, ibanki ya Afrika y’iterambere (Banque Africaine de Développement “BAD”) itegekanya imiliyoni ijana na mirong’itanu z’amadolare yiyongerako mu ntumbero zo gushigikira ibihugu birimwo ico kiza.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye iyo banki, Donald Kaberuka, mu nama yagirishije abamenyeshamakuru ku biro bikuru vy’iyo banki iy’Abidjan, avuga ko ari ngombwa gutuza ico kiza ariko kandi ngo ninkenerwa, kugira igikorwa ku bw’ingaruka mbi ico kiza gitera mu bijanye n’ubutunzi. Luis Sambo, arongoye akarere mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS), akavuga ko iyo ngabire y’imiliyoni 60 z’amadolare zizokoreshwa cana cane mu kugwanya ebola: kwubaka amavuriro, guhamagara abazofasha n’abahinga mu vyerekeye ico kiza.

Iyo banki igategekanya gutanga izindi miliyoni 150 z’amadolare mu gufasha ibihugu birimwo ebola. Donald Kaberuka akavuga ko ikimute y’ishinga ar’ ubwinshi bw’imbibe zugagwa bigatuma haba ingorane mu budandaji buca ku mbibe kandi ko mubihugu Liberia, Guinée na Sierra Leonne birimwo ebola, hazoca hibonekeza ubukene bw’imfungurwa.

Nico gituma iyo banki izokora mu kubuza ko ico kiza gihinduka ingorane ikomeye mu butunzi no mu mibano.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.