Accueil > Amakuru > umutekano > Gaciyubwenge :’’Abanyeporitike bubahe ibwirizwa nshingiro n’amasezerano (...)
Gaciyubwenge :’’Abanyeporitike bubahe ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’Arusha’’
dimanche 3 Rusama 2015
Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ugukurikirana abahoze ku rugamba, buhamagarira abanyeporitike bose, kubaha ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha.
Umushikiranganji w’ukwivuna abansi General Major Ponsiyano Gaciyubwenge, avuga ko amasezerano y’i Arusha ariyo yatumye intambara zihagara mu gihugu, aho izo ntambara zari zimaze imyaka na mirere amaraso y’abenegihugu aseseka, ndetse ayo masezerano, akaba ari nayo yatumye n’igisoda hamwe n’inzego z’igiporisi zibaho uko ziri uyu munsi. Gaciyubwenge, akavuga ko uwokwipfuza ko igisirikre gikora binyuranye n’ayo masezerano yoba yihenze.
General Major Ponsiyano Gaciyubwenge, asaba kandi abanyagihugu kwubahana bakuba n’ivyabandi. Nayo abaka ubuzima bw’abandi, akaba abagabisha. Avuga ko urupfu rw’umusirikare Caporal Chef Eufrem Habarugira rwababaje, ari naco gituma amenyesha ko uwakoze iryo bara, ry’ukumugandagura kandi yari mu kazi kiwe, azohanwa bikurikije amategeko. Amenyesha kandi ko yifatanije n’imiryango yose imaze kuburira ababo muri iyi myiyerekano, yatanguye kuri uyu wa 26 Ndamukiza.

Nayo ku makuru avuga ko abasirikare bari kugarukana amahoro mu bindi bihugu ko buca bakurwayo, Gaciyubwenge arabibeshuza, ari naco gituma asaba abo basirikare kugumana umwete, mu gikorwa c’iteka bariko bararangura mu bihugu barungitswemwo n’Uburundi. Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, akaba yashikirije iryo tangazo, mu gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu imaze guhitana ubuzima bw’abantu batari bake, aho bamwe muri abo bicwa n’abaporisi babarashe, abandi inzego z’igendereza, hamwe n’abandi baporisi biciwe muri komine ya Kamenge n’umurwi utamenyekanye.
Aristide Nizigire
Messages
3 Rusama 2015, 11:22, par barba
Abasirikare nibagarure umutekano.ibihuha n, amagambo atera ubwoba y,abanyepolitike,ahagarare.abarundi bahunze ibihuha bagaruke biteze imbere
3 Rusama 2015, 11:25, par Bondo
Ivy’uyumusirikare avuga nivyo, ariko dusubiye inyuma ngo twihweze dusanga abariko bashaka gusubiza abarundi mwihumbu ari akarwi kabantu bishakira inyungu zinda zabo nkabandibo, kuko uravyo akahise k’uburundi kagiye karangwa n’ubwicanyi bufatiye kubwoko bumwe kandi niyimwyiyerekano yo kwiyamiriza manda ya 3 ya Nkurunziza usibiyemwo ngo wihweze somehow ifatiye kubwoko bumwe kandi ninacogituma iriko inabera muma kartie amwe yonyene. kimwe gusa uyu musirikare abandanye urugamba go kwereka ibisongerezi ko atanahamwe bishigikiye nayahandiho uburundi buraba nka South Sudan.
3 Rusama 2015, 11:44, par Melchiade
Bwa Bundi Ibibimenyeshamakuru Naho Tubisoma Ntivyandika Idon,ido ry,inkuru Cank,itangazo Biba Vyatanzwe None Vyinshi Bakuyemwo Ko Yavumereye Ko Imigumuko Ihagarara Ko Bacubaha Inzego Z,igihugu Nibasubire Bazinduke Bazobamen,amatwi Umusirikare We Ntakinishwa Kurya K,umupolisi
3 Rusama 2015, 12:45, par Ndayishimiye Hypolite
Gnl Gaca ati: ".......... amasezerano y’i Arusha ariyo yatumye intambara zihagara mu gihugu, aho izo ntambara zari zimaze imyaka na mirere amaraso y’abenegihugu aseseka, ndetse ayo masezerano, akaba ari nayo yatumye n’igisoda hamwe n’inzego z’igiporisi zibaho uko ziri uyu munsi. Gaciyubwenge, akavuga ko uwokwipfuza ko igisirikre gikora binyuranye n’ayo masezerano yoba yihenze......". Iki co kwongerako????
3 Rusama 2015, 13:18, par ntawuhezuburundi
Gaciyubwenge avuze ukuri kuko arusha niyo abarundi bose bakesha amahoro naho Nkurunziza ivyo yasezeranije Satani vyamaraso yabarundi abasenga nibakomeze gusenga kuko satani nuwa Nkurunziza suwabarundi nuburundi.nivyanka abasilikare nibatume batwara igihugu kandi abarundi bose bazobaja inyuma.nkuko tubari inyuma mukubungabunga umutekanao wabigaragamvya
3 Rusama 2015, 13:41, par kireko
igihugu gihagararirwa n’ingabo.komeza mwubahiriza abarundi bose mubutandukane bwabo,bisunze amategeko.
3 Rusama 2015, 14:06, par NIYUBAHWE AUDACE
Mutama komera wewe turakwizeye. nayo uwutemera amasezerano ya arusha akavugako yimuriwe mw’ibwirizwa nshingiro ntituri kumwe.
3 Rusama 2015, 14:10, par Hamisi Boase
Ahubwo gaciyubwenge araraba neza kuko ajejwe kwivuna abasi none bamwinjiranye arihe? atabishoboye nabogozwe kandi ntiyisuke mu vya poritike ivyi arusha abirekere benevyo.
3 Rusama 2015, 14:23, par Hamisi Boase
Ahubwo gaciyubwenge araraba neza kuko ajejwe kwivuna abasi none bamwinjiranye arihe? atabishoboye nabogozwe kandi ntiyisuke mu vya poritike ivyi arusha abirekere benevyo.
3 Rusama 2015, 15:08, par Habimana Pascal
NYakwubahwa Mon Gènèral Mwijambo Mwarayemushikirije Abarundi Namakungu Niryiza Warerekanyeko Uringabo Ishakira Abarundi Amahoro Ntamuntunumwe Yokwemerako Uburundi Bwongera Kurwa Muvyago Nkivyoduhitiyemwo Twavuyemwo Harinze Gushingwaho Amasezerano Yi Arusha Nibwirizwa Shingiro Ninavyo Vyatumwe Abarundi Bavamunryane Baribahitiyemwo Ninacogituma Mwohagabira Mwebwenye Abajejwe Umutekano Ntihagire Umunto Numwe Adusubiza Mwihumbi Muguhonyanga Amasezerano Yi Arusha Kuko Musanzwemuziko Arimwebwe Bihanga Nacane Cane
3 Rusama 2015, 15:41, par elijah sabiyumva
Gaciyubwenge urumugabo 100% ntiwemere abanyagihugu ko baseseka amaraso abo biyita abagabo bagomba kwica no gusahura ntubasigirkire nikubagwanya mwiguy inyuma,abafise ivyiyumviro bipfuy biyumvira ngo nirwageranako ngo hazopfa abansi babo gusa nabagore babo nabana nicuti zabo bazopfamwo nabonyene bapfemwo urumva rero ko ubwo arubwenge bwimburabwenge,kandi namwebwe agatiro karabaciyko,imbonerakure zajeho namwe murihe mwari munaniwe niki?utugwitugwi nitwo twonona umutekano murabona ko mwakwibikiye ikara.
3 Rusama 2015, 15:43, par elijah sabiyumva

3 Rusama 2015, 15:45, par elijah sabiyumva

3 Rusama 2015, 15:45, par Question
MBENKUYUMWANDITSI IYOYANDITSE INKURU YAVUZWE NUMUNTU WUMUNYACUBAHIRO NKURYA GACIYUBWENGE MAZE AGAKURAMWO BIMWE MUVYOYAVUZE BURYA NTABURYO BISHOBORA KUGIRIRA INGARUKAMBI ? IBIBINTU VYANDITSE NGAHA HARIMWO IVYATANDITSE KUKO JEWE NIKURIKIRANIYE IJAMBO RYAGACIYUBWENGE.
3 Rusama 2015, 15:45, par elijah sabiyumva
Gaciyubwenge urumugabo 100% ntiwemere abanyagihugu ko baseseka amaraso abo biyita abagabo bagomba kwica no gusahura ntubasigirkire nikubagwanya mwiguy inyuma,abafise ivyiyumviro bipfuy biyumvira ngo nirwageranako ngo hazopfa abansi babo gusa nabagore babo nabana nicuti zabo bazopfamwo nabonyene bapfemwo urumva rero ko ubwo arubwenge bwimburabwenge,kandi namwebwe agatiro karabaciyko,imbonerakure zajeho namwe murihe mwari munaniwe niki?utugwitugwi nitwo twonona umutekano murabona ko mwakwibikiye ikara.
3 Rusama 2015, 15:47, par elijah sabiyumva

3 Rusama 2015, 17:05, par Niyukuri.Ezechiel
Barundi,nimujekumavikuko,uburundi,bugezemugihe,kigoye,nayo,abanye,poritike,nabonibumvikane,nayo,gaciyubwenge,namba,imvu,ari,ingiro,yariyaveneza,kuribamwebamwe,mugabokubandi,ntavyishinobivugako,mana,tabaruburundi,kuko,satani,yahagurukitse,arikomwizina,ryayesu,azotsindwa
3 Rusama 2015, 17:51, par Désiré Nishimwe
Bitarenga Ikombe Muhweze Ibibereye.Kuko Inzego Z Umutekano Zicanyemwo Nakaga.
3 Rusama 2015, 19:57, par ####
Russie nayo ngo ONU ntaruhusha ifise rwo kwivanga mu vy’abarundi. Il faut faire attention a la Russie na Chine kko ubu kubona Syriya asigaye ari umusaka ni kubera ivyo bihugu kubera biba bigomba kwiyopposa kuri america na europe ariko bikagomba gukinira kubuzi bw’abanyagihugu b’ibindi bihuga atari kubuzima bw’abanyagihugu babo.
3 Rusama 2015, 21:11, par Ceceka
Russie
3 Rusama 2015, 21:28, par rwezameny
Ndabahaye mwiriwe mwese ncuti.jewe ntanakimwe canke se ntangingo nimwe nokubesha ngo ndazi iri muri Accord d’Arusha canke muri Constitution.ndabasavye mumbwiremwo na zibiri canke zirenze muzoba mukoze caaaaaane.merci beaucoup
3 Rusama 2015, 22:25, par vuganeza
@"#####
Mbega aho uvuga aba russia n’aba chinois ngo nibo bakinira ku buzima bw’abantu ,america yo nubulaya bukoriki,ubu libia igeze he,si abafaransa n’ababbiligi?Aba russia nibakomere,abahutu mu burundi twishwe n’abatutsi b’i burundi ,n’abanyarwanda b’impunzi b’abatutsi,america n’ubulaya ntibabona,fyinira hiyo sha,ivyo ni ibiki uriko uravuga,hako tubahebera 2è mandat ya peter cotuma gicika umusaka avant ,uyo gaciyubwenge nawe niyivugire ivyo ashatse,ariko nta bwoba twigeze kugwana tutagira na kimwe caba igisoda canke igipolisi,bacanyemwo izoba ari ngwano rukokoma none tugiriki,turayigwana uwupfa apfe,uwukira akire!!!Ivyo abandi muvuga ngo ja ku mavi,imana na shetani vyarahunze u burundi nta masengesho yacu bicumva!!!!Mbega mwibazako abanyamerica ari iki,ni ibinyamaswa ataco umuntu yobigereranya kw’isi ,basumba umututsi ububi na kure,rero si exemple y’abantu buntu twogenderako!!!!
4 Rusama 2015, 04:18, par Mpangaje
Nibaza ko abasomye l article ko batatahuye neza nkanje muransigurira.
none gaciyubwenge yoba ari contre ko peter Nkurunziza asubira kwitoza kuri mandat yiwe bamwe babona ko ari iyakabiri abandi bakabona ko yoba ari iyagatatu.
Abaye contre azoba yibagiye igituma nigisoda ou igipolisi cahavuye kikaba uko kiri ubu
.Muri ico gihe azoba asubije kuri case depart les accords d arusha
ico atifuza nico kizoca kiba et pour longtemps
Nimba naho yumva ko ibiganiro bitegerezwa kubaho nabishigikire bimwe numwana wumucuko yumva.Impanuro atanze yoyo niyo.Mbega umuntu yiha kurasa umusirikare aba yiyumvamwo ibiki?bANTU MUROHA ABA JEUNES MU MYIYEREKANO NGO BAGENDE BAJANYE UMURINDI MUSHASHA...Umvirize impanuro ya Gaciyubwenge..Ntavuga busema
4 Rusama 2015, 06:50, par Twaje
UBWIRIZWANSHINGIRO RYI BURUNDI RIVUGANGO;UMUKURU WIGIHUGU MU BURUNDI YEMEREWE KWITOZA KABIRI YITORERWA NA BENEGIHUGU BONYENE UBWABO, URUMVANYENE NTAVYOGUTUMA ABANDIBANTU NGOBABATORERE MURUMVANYENE NABANYAGIHUGU BAMWITORERA INCURO ZIBIRI NTARENGWA.
IVYOTUBISANGA MUNGINGO ZA 7 NA 186 ZIVUGAKO UMUKURU WIGIHUGU ATORWA NABANYAGIHUGU RIMWE RISHOBORA KWISUBIRIZA RINDIRIMWE GUSA.
ARIKO INGINGO YA 302 IVUGA IGIHE KIDASANZWE C’INYUMA Y’INTWARO MFATAKIBANZA KO ATORWA N’ABASHINGAMATEKA. NIBIHE BIBIRI BIDASA.
ARIKO AMASEZERANO YI ARISHA MUGACE KA 3 K’INGINGO YA 7, UMUKURU WIGIHUGU ATORWA NABANYAGIHUGU IKIRINGO KIMWE GISHOBORA KWISUBIRIZA IRINDI RIMWE GUSA.
AHOHO HAVURWA IBIRINGO BIBI "MANDAT," NUL NE PEUT EXERCER PLUS DE DEUX MANDATS PRESIDENTIELS."
4 Rusama 2015, 09:23, par chantal
birabaje nukuri kumva abantu ibi biriko biraba babishira mwo amoko nukuri imana ibiharire kandi abifuriza abandi ikibi kizobahitane bonyene
4 Rusama 2015, 14:27, par sibomana
Uburundi bwaribarutse itwari nka Gaciyubwenge eka uwakwibarutse turamushimiye.Urateturuye igihugu urakijije imitima ya benshi yarigeze imutwe, urateyiteka igihugu cacu n’intwaramiheto zacu nkuko zidasiba kuvyerekana no mumakungu, ndaryohewe caaanee
24 Myandagaro 2015, 17:26, par MUGISHA YVES
UBURUNDI NDABUHAYE POLE