Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gerard Birantamije:" Inguvu zakoreshejwe n’igipolisi zatumye abanyagihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gerard Birantamije:" Inguvu zakoreshejwe n’igipolisi zatumye abanyagihugu (...)

Gerard Birantamije:" Inguvu zakoreshejwe n’igipolisi zatumye abanyagihugu barondera ibirwanisho"

mercredi 19 Myandagaro 2015

Inyuma y’igihe kitari gito humvikana amasase menshi nama grenade mu gisagara ca Bujumbura,umwigisha w’ivyigwa vya politike akaba n’umuhinga mu bijanye n’umutekano Gerard Birantamije,amenyesha ko inguvu zakoreshejwe n’igipolisi mu kubuza imyiyerekano arizo zatumye abanyagihugu barondera ibirwanisho.

Gérard Birantamije avuga ko aho ibintu bigeze ubu,amasase n’amagrenade bitavugira gusa mu bice vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,ariko ko n’ahandi hanzwi ko hari abanywanyi benshi b’umugambwe CNDD FDD nko muri komine ya Kamenge naho amasase yumvikanayo,aho hari n’abamaze gupfa.

Gerard Birantamije avuga ko aho ibintu bigeze ubu atakiri igikorwa co kwicunga gusa,kuko ijoro rigeze amabarabara yugarwa,ibikorwa vyo gukizura bigakorwa n’abantu bafise ibirwanisho bikomeye kandi bitunganije neza,biboneka ko boba bafise intumbero yo gukura umukuru w’igihugu babicishije mu birwanisho.

Kubw’uwo muhinga,ivyo birwanisho vyonyene ntibisigura ko ari umurwi w’abarwanyi wamaze kuvuka,ariko harakenewe ko haba hari ababatera intege kandi bakaba bafise n’abantu benshi.

Gerard Birantamije avuga ko bimaze kuboneka ko mu gisirikare c’igihugu hari ukutumvikana,aho hari abasirikare bahagarikwa ivyo navyo bigashobora gutuma abasirikare bamwe binjira mu mirwi irwana.Ivyo navyo bikerekanwa n’uko gushika ubu atawuzi aho abasirikare bayoboka Gen godefroid Niyombare yashatse gutembagaza ubutegetsi atawuzi aho bari.

Uwo muhinga arangiza amenyesha ko ibiba mu gisagara ca Bujumbura bisa n’ivyabaye mu magume yo mu mwaka w’1993,aho umuhari CNDD FDD wavuka.Avuga ko igishobora gukurikira ari uko abarasa mw’ijoro bashobora kumenyesha izina ryabo n’abarongozi babo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ntakindi wovuga atarico!ububz=eshi gusa nibwo bubuzuyemwo?kamenge mwashatse kuhazana akajagari harabananira none ubu muriko murementanya!mbe uwuturira abantu,amazu,akabomora amabarabara,akankira abantu kuja kukazi canke kwishure wumva police yaca imugarura gute?mwige kuvuga mudahengamye!!!nta muhinga urimwo uragaragara!

  • Kera twari tuzi yuko abanyamugamba ari abasirikare b’intarumikwa ku rugamba, none ubu vyarabataye kuwa amazi! nta muntu yarazi yuko vyobahindukana nkuko birimeze ubu. N’akamaramaza kubona uwari ahagaze kera akandagirwa n’uwo yari yicayeko hemwe!!!!!!!!!!

  • Nuwotwara Siwewe Nyangoma Weee!!!! Uriko Urakorera Rwasa

  • Isi igeze kumuhero uwoshaka yokwihana

  • Erega Gerard intabarirwa ibwirwa nuko amaso atukuye, kandi kananira abagabo ntiyimye!! ubu nukwita kugirango umuntu ntiyicwe buhene kandi yishwe nabomukingiye, raba nawe kubona abajejwe umutekano bakorana nabatabifitiye uruhusha mukuniga abantu kurasa ninsasu zica umunyagihugu yataritse amaboko, nishano mugihugu, igitumye twibazako hoba hari ibirwanisho mu buce bumwebumwe bwigisagara nukugirango bibaye ngombwa bivune vyanke bagerageje!!! Harumucuraranzi yitwa rupande, ngo mukuza wamengo babaroze mukukigabura wamengo basaze, ubutabarirwa mbabwire burazirwa nibwo bwishe ......... mu mazi yaruru!!! aba dd ako karirimbo ndakabatuye babone inkurikizi yivyabaye ico gihe.

  • emma

    eeeehe reta uraba wumva niwubarigwa cuguma ureze amaboko wumva nanyangoma ukuntu yabwiye iradiyo ya merika, ubunaho urumva umuhinga ivyavuga kohariho imisore yitunganya gisirikare bwije kandiko banashaka kugutembagaza kunguvu, kanura harageze.

  • Bamenyekanye bizocavyoroha kubasya kuko amero yokubarwanya araturembeje mbese nubu ikibitebeje nukumukuru wigihugu atararahira ngohajeho ingingo ruhasha kuko ubu dusanabadafize inzegozikwiye akarorero icegera cumukuru wigihugu cakabiri caratekeye cigira mwawamurwi winjavyi urongowe na Nyangoma umugumutsi ruharwa rekandabibutse muri 2010 mbereyukwahunga yarigeze gusemerera avugango harabaye jonucude mugihe icogihe atanumuntu numwe yariyakomeretse!

  • ahubwo uyomugabo reta yuburundi nitamufata ngo imubaze neza kubijanye niyonkuru!...kuko uyomugabo azi vyinshi sivyo gusa.

  • ahubwo uyomugabo reta yuburundi nitamufata ngo imubaze neza kubijanye niyonkuru!...kuko uyomugabo azi vyinshi sivyo gusa. ntagukokeza ingwano biza birenze ivyo!

  • abahinga babatutsi ntiboberana ivyo wavyigiy he

  • huuuyo yewe teshwa ute nyangomantimungana busabubi kuko arakwije mumutwe vyosi muburundi incabwengeyambere muveko kurikira rujongoyanyu ariko ayomarasoyoyo azobahumiratu enderea

  • huuuyo yewe teshwa ute nyangomantimungana busabubi kuko arakwije mumutwe vyosi muburundi incabwengeyambere muveko kurikira rujongoyanyu ariko ayomarasoyoyo azobahumiratu enderea

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.