Accueil > Amakuru > umutekano > Gerard Birantamije:" Inguvu zakoreshejwe n’igipolisi zatumye abanyagihugu (...)
Gerard Birantamije:" Inguvu zakoreshejwe n’igipolisi zatumye abanyagihugu barondera ibirwanisho"
mercredi 19 Myandagaro 2015
Inyuma y’igihe kitari gito humvikana amasase menshi nama grenade mu gisagara ca Bujumbura,umwigisha w’ivyigwa vya politike akaba n’umuhinga mu bijanye n’umutekano Gerard Birantamije,amenyesha ko inguvu zakoreshejwe n’igipolisi mu kubuza imyiyerekano arizo zatumye abanyagihugu barondera ibirwanisho.
Gérard Birantamije avuga ko aho ibintu bigeze ubu,amasase n’amagrenade bitavugira gusa mu bice vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,ariko ko n’ahandi hanzwi ko hari abanywanyi benshi b’umugambwe CNDD FDD nko muri komine ya Kamenge naho amasase yumvikanayo,aho hari n’abamaze gupfa.
Gerard Birantamije avuga ko aho ibintu bigeze ubu atakiri igikorwa co kwicunga gusa,kuko ijoro rigeze amabarabara yugarwa,ibikorwa vyo gukizura bigakorwa n’abantu bafise ibirwanisho bikomeye kandi bitunganije neza,biboneka ko boba bafise intumbero yo gukura umukuru w’igihugu babicishije mu birwanisho.
Kubw’uwo muhinga,ivyo birwanisho vyonyene ntibisigura ko ari umurwi w’abarwanyi wamaze kuvuka,ariko harakenewe ko haba hari ababatera intege kandi bakaba bafise n’abantu benshi.
Gerard Birantamije avuga ko bimaze kuboneka ko mu gisirikare c’igihugu hari ukutumvikana,aho hari abasirikare bahagarikwa ivyo navyo bigashobora gutuma abasirikare bamwe binjira mu mirwi irwana.Ivyo navyo bikerekanwa n’uko gushika ubu atawuzi aho abasirikare bayoboka Gen godefroid Niyombare yashatse gutembagaza ubutegetsi atawuzi aho bari.
Uwo muhinga arangiza amenyesha ko ibiba mu gisagara ca Bujumbura bisa n’ivyabaye mu magume yo mu mwaka w’1993,aho umuhari CNDD FDD wavuka.Avuga ko igishobora gukurikira ari uko abarasa mw’ijoro bashobora kumenyesha izina ryabo n’abarongozi babo.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Myandagaro 2015, 11:51, par teddymazina
ntakindi wovuga atarico!ububz=eshi gusa nibwo bubuzuyemwo?kamenge mwashatse kuhazana akajagari harabananira none ubu muriko murementanya!mbe uwuturira abantu,amazu,akabomora amabarabara,akankira abantu kuja kukazi canke kwishure wumva police yaca imugarura gute?mwige kuvuga mudahengamye!!!nta muhinga urimwo uragaragara!
19 Myandagaro 2015, 12:25, par Nicayenzi
Kera twari tuzi yuko abanyamugamba ari abasirikare b’intarumikwa ku rugamba, none ubu vyarabataye kuwa amazi! nta muntu yarazi yuko vyobahindukana nkuko birimeze ubu. N’akamaramaza kubona uwari ahagaze kera akandagirwa n’uwo yari yicayeko hemwe!!!!!!!!!!
19 Myandagaro 2015, 12:25, par Bizimana
#1*
19 Myandagaro 2015, 12:57, par Dushaka Amahoro
Nuwotwara Siwewe Nyangoma Weee!!!! Uriko Urakorera Rwasa
19 Myandagaro 2015, 13:37, par patricko
Isi igeze kumuhero uwoshaka yokwihana
19 Myandagaro 2015, 13:57, par mugisha
Erega Gerard intabarirwa ibwirwa nuko amaso atukuye, kandi kananira abagabo ntiyimye!! ubu nukwita kugirango umuntu ntiyicwe buhene kandi yishwe nabomukingiye, raba nawe kubona abajejwe umutekano bakorana nabatabifitiye uruhusha mukuniga abantu kurasa ninsasu zica umunyagihugu yataritse amaboko, nishano mugihugu, igitumye twibazako hoba hari ibirwanisho mu buce bumwebumwe bwigisagara nukugirango bibaye ngombwa bivune vyanke bagerageje!!! Harumucuraranzi yitwa rupande, ngo mukuza wamengo babaroze mukukigabura wamengo basaze, ubutabarirwa mbabwire burazirwa nibwo bwishe ......... mu mazi yaruru!!! aba dd ako karirimbo ndakabatuye babone inkurikizi yivyabaye ico gihe.
19 Myandagaro 2015, 14:14, par emma
emma
eeeehe reta uraba wumva niwubarigwa cuguma ureze amaboko wumva nanyangoma ukuntu yabwiye iradiyo ya merika, ubunaho urumva umuhinga ivyavuga kohariho imisore yitunganya gisirikare bwije kandiko banashaka kugutembagaza kunguvu, kanura harageze.
19 Myandagaro 2015, 15:34, par None?
Bamenyekanye bizocavyoroha kubasya kuko amero yokubarwanya araturembeje mbese nubu ikibitebeje nukumukuru wigihugu atararahira ngohajeho ingingo ruhasha kuko ubu dusanabadafize inzegozikwiye akarorero icegera cumukuru wigihugu cakabiri caratekeye cigira mwawamurwi winjavyi urongowe na Nyangoma umugumutsi ruharwa rekandabibutse muri 2010 mbereyukwahunga yarigeze gusemerera avugango harabaye jonucude mugihe icogihe atanumuntu numwe yariyakomeretse!
19 Myandagaro 2015, 18:05, par dada
ahubwo uyomugabo reta yuburundi nitamufata ngo imubaze neza kubijanye niyonkuru!...kuko uyomugabo azi vyinshi sivyo gusa.
19 Myandagaro 2015, 18:07, par dada
ahubwo uyomugabo reta yuburundi nitamufata ngo imubaze neza kubijanye niyonkuru!...kuko uyomugabo azi vyinshi sivyo gusa. ntagukokeza ingwano biza birenze ivyo!
19 Myandagaro 2015, 19:23, par bz
abahinga babatutsi ntiboberana ivyo wavyigiy he
23 Myandagaro 2015, 20:58, par BIRABARABA
huuuyo yewe teshwa ute nyangomantimungana busabubi kuko arakwije mumutwe vyosi muburundi incabwengeyambere muveko kurikira rujongoyanyu ariko ayomarasoyoyo azobahumiratu enderea
23 Myandagaro 2015, 21:05, par BIRABARABA
huuuyo yewe teshwa ute nyangomantimungana busabubi kuko arakwije mumutwe vyosi muburundi incabwengeyambere muveko kurikira rujongoyanyu ariko ayomarasoyoyo azobahumiratu enderea