Accueil > Amakuru > umutekano > Gerevasi Rufyikiri asaba abacungera umutekano ku kibuga c’indege (...)
Gerevasi Rufyikiri asaba abacungera umutekano ku kibuga c’indege kurikanura
vendredi 20 Kigarama 2013
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yaragendeye ikibuga c’indege ca Bujumbura ku munsi w’ejo kuwa kane, inyuma y’aho habereye isanganya, umukozi akorera ibanki Interbank aracumitwa n’umuntu ataramenyekana, yongera agenda atwaye amafaranga nayo ataramenyekana igitigiri.
Kubwa Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ntawe vyoreka gutera akoba. "Mu bisanzwe, ubuhinga bwo gucungera burakomeye, ariko abajejwe gucungera bashobora kuba bafise ubuhinga, mugabo bakaba batazi gusuzuma gushika ku tuntu duto duto, ari naho umugizi wa nabi ashobora guca yikika mu kiza."
- Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu (hagati), ari kumwe na Déo Rurimunzu, umushikiranganji ajejwe ugutwara abantu n’ibintu (i bubamfu), hamwe na Albert Maniratunga, umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege ca Bujumbura (i buryo)
Yasavye abasanzwe bajejwe gukoresha ivyo vyuma vyo gucungera umutekano, ko bokwongereza ugucungera, na cane cane mu gushiraho vya vyuma bifata amasanamu "Camera", kugira baze bararaba uruja n’uruza rw’abantu. Ivyo vyuma bifata amasanamu kandi bikazotuma hagwanywa n’urudanadzwa ruciye mu kinyegero.
Albert Maniratunga, umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura yamenyesheje ko ubusuma bwakozwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura bwari ubusuma budasanzwe, kuko vyabonetse ko uwo musuma yari karuhariwe. Yinjiye aho Interbank ikorera ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, igihe c’isaha imwe n’igice y’agatondo. Umukozi wa Interbank yari yashitse kare kugira abe aratangura ibikorwa kare. Niko kubona umuntu aje amugana yibaza ko ari umunywanyi. Uwo musuma yaciye amusogota imbugita.
Umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, Albert Maniratunga, akaba asaba ko ivyo vyabaye vyobera icigwa abajejwe umutekano kuri ico kibuga c’indege. Abasaba kurikanura gusumvya, akamenyesha kandi ko n’ivyuma bikwiye kwongerezwa kugira abajejwe umutekano bashobore kugenzura neza uruja n’uruza.
Floxella Karire
Messages
20 Kigarama 2013, 15:27, par Nestor
None ko bavuga ko yacumiswe, abo babibona ntabwo babonye uyo muntu. None nimba hari Camera, iyo modoka ntayo babona muri Camera. Ntivyumvikana, Camera irerekana ibintu vyose n’ibibanza vyose rero nimba atari ukutubesha, iyo modoka yo irashobora kumenyekana, n’isaha yinjiriye eka niyo yasohokeye.
22 Kigarama 2013, 01:05, par Kabizi
Yakoresheje taxi kandi le taximan ahejeje kumushikana yaciye agaruka aho nyene kuri Aéroport!Abapolisi baba bariko barasongora(gusega) abururutse indege. umutima uba uri ahandi!(Bavuga ngo none unsize uku nyene(ni abana bo ku kibuga c indege(pour ne pas dire abo mW ibarabara)
Batabasubiyeko wibaza ngo niho baba bari?Physiquement niho baba bari ariko moralement baba bibereye ahandi