Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihanga : Urwaruka indwi rw’Imbonerakure rwafashwe ruriko ruriba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Urwaruka indwi rw’Imbonerakure rwafashwe ruriko ruriba

Gihanga : Urwaruka indwi rw’Imbonerakure rwafashwe ruriko ruriba

lundi 21 Mukakaro 2014

Ku mutumba Kagwena, komine Gihanga intara ya Bubanza, urwaruka indwi rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rwafatanywe itonga ruriko ruriba kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke. Umwe muribo bivugwa ko ariwe yari afise inkoho yarashoboye gusiga abajejwe umutekano, abandi basigaye bakaba bapfunzwe.

Mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, niho urwo rwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rurongowe n’uwutwara Imbonerakure ku mutumba Kagwena rwafatwa ruriko rutegera imiduga yunguruza abantu kw’ibarabara Bujumbura - Cibitoke, rukaba rwatwara ivyo rusanganye abo bantu, nk’amafaranga, terefone ngendanwa n’ibindi. Igihe abajejwe umutekano bahashika, basanze urwo rwaruka rwitwaje amahiri n’imipanga, umwe muribo bivugwa ko yari afise inkoho n’ivyo bari bamaze kwiba aca atungwa n’ayo yameze.

Umukuru w’umutumba Kagwena aremera ko urwo rwaruka rwafashwe ari Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, kandi ko rwari rusanzwe rwidogerwa n’abanyagihugu ko rusahura mu mihana no ku mabarabara. Kuri uwo mutumba Kagwena, abanyagihugu ishavu riraniga, kuko bavuga ko bahora bama bibwa, ariko ntibashobore kumenya ababikoze, bagasaba ko abo bafashwe n’abasirikare n’abaporisi, ubu bari mw’ibohero bohanwa vy’akarorero kugira n’abagifise ako gatima ko gusahura bavavanure nako.

Uwutwara urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara ya Bubanza amenyesha ko ababikoze batabitumwe n’umugambwe CNDD FDD, babikoze ku gatwe kabo, ari naco gituma umwe wese yokwagirizwa akongera agahanwa ku gatwe kiwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • NONE UMUNTU AVUZE ATI REKURA IYO NTAMA ABA AVUZE NABI? MURIKO MUBONA INGARUKA YA ZA NKOHO ZATANZWE SI NGIZO NONE
    KUBERIKI UMUKURU WUMUGAMBWE YOBIHAKANA????? KANDI YEMERA KO ARI IMBONERA KURE?????!!!!!!?????

  • None izonkoho bazikuyehehe? babizinanyeho.

  • None nkubu umurundi yibwe mumahanga bavuga ni bahane umurundi canke uwo yibwe ahanwa kugatwe kiwe?!uwo nimba ari umu CNDD nimba yivye nahanwe ,none tuvuge ko ari aba CNDD gusa biba?!erega umuntu afise ubwonko numutima wiwe,CNDD ninkishure bigishirizamwo iyo yigisha abanywanyi bayo nico kimwe nuko umwarimu yokwigisha umunyeshure akananirwa.uwo munyeshure ananiwe ntibaca bavuga ngo abanyeshure bananiwe.kuki mutinya cane CNDD!?akabaye musamira hejuru mbe mwibaza ko uburundi bubamwo aba malayika?

  • Nukuvugarero ubumuntagizikosha nukuzoza murabuga umugambwe arimwo tutibagiwe nishirahamwe canke idini arimwo!? Bitabayivyo mwobamufise intumbero yogutoteza CNDD FDD?

  • Abahurikiye muri societe civile nibo nama numvise bahanura umugambwe uri k’ubutegetsi bati kuneza y’uwo mugambwe nyene bari bakwiye guha indero urwaruka rwabo.Bakunda kubaha akarorero k’ukuntu Havyarimana yatanguje interehamwe yibaza ko ar’izo kurwanira izeza y’ubutegetsi bwiwe ariko ivyo rwavuyemwo isi yose yarabibonye.Rero,iyo n’intango y’ibizoshika ku mbonerakure.Aba cndd-fdd barihenda cane mugukomeza baha impigi urwo rwaruka bagakomeza barutegura mubibi.Bitebe bitebuke ingaruka zavyo,abozizogaruka na cndd-fdd nyene irimwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.