IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihosha: Amasase n’amagrenade vyarumvikanye

Gihosha: Amasase n’amagrenade vyarumvikanye

dimanche 10 Nzero 2016

Amasase atari make n’amagrenade vyarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Nzero 2016 muri Zone ya Gihosha,iri muri Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Amasase yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro. Hatanguye kwumvikana urwamo rwa grenade zibiri,mu nyuma humvikana amasase menshi y’urutavanako yamaze nk’iminota 30.

Ayo masase n’amagrenade vyumvikanye kw’ibarara ry’ikaburimbi riva hafi y’ahahora hakorera Commune Gihosha ubu yabaye zone rigashika ku musozi wa Siyoni mu Gikungu.
Gushika ubu ivyononekaye ntibiramenyekana,ariko vyitezwe ko biza kumenyekana inyuma y’amatohoza.

Bibaye ku ncuro ya mbere aho humvikanye amasase n’amagrenade muri ico gice c’igisagara ca Bujumbura kuva hatanguye kwibonekeza umutekano muke mu ma quartiers yerekanye ko arimwo benshi badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


IGIHE

Messages

  • abo ni abashaka amagabura nyama canke gucafuza isura yigihugu cuburundi mumakungu, nimubatuze bate bomoke.

  • NIHATARI,KOBATANAHURIZAKUVYO,BAZOGANIRA,IARUSHAHOHO,NTAKAZOSHOBOKA

  • tuzoshira nkifu kukubra uguterumugongo Umuremyi,nahoranz ng nikumusaga gsa,na ngagara,..rka kurondera inyungu yany bwite,gusa ufis icurya nah uryama biba biheze!ntamahoro azobaho kumunyavyaha mumenye.!

  • reka turinmdire amatohoza ariko ntagishasha bayubwira

  • Birabaje Kumva Amasare nkayo badushakiriki?

  • hoo!ivyomuburundivyaayakumiro jeweiconbonanukomwojamubiganirokukotwaranbiwenokwamaduhagaritseimitimainziraizodushikanaahotwifuzanibiganiro

  • Abogira Ubwenge Boreka Kubyi Vangamwo

  • Nn Nkub Bashk Ik?Tw Abarund Nibatrek T8br Mumahr,kk Tw Ntac Dush Twokr.

  • Abajejwe umutekano wuburundi bamaze hafi umwaka bagabirije kubuza uwowe ashaka gushikira ishashaka abanje kwaka ubuzima bwabandibantu, nicogituma iyo hagize uwuturitsa ikirwanisho abajejwe umutekano mugihugu cose bacabagabiriza bibazako nimba bishoboka kobategerezwa kujagufasha bagenzibabo iyobaharereye humvikanye utwihebe, ariko batarasiduka ngobagende bacabumva bahejeje gukubura utwo Satani ibayashizemwo amadaimoni abateza kwiyahura. Ariko amasengesho imbere kukoniyo afise inguvu zogushobora guhangana nabantu binjiwemwo nama dayimoni. Uwujejwe umutekano wu Burundi nihagira abashaka amagaburanyama, canke guharira muribi canke biriya atakirwanisho uturikije yemwe ntuzonamenya kobabaho! ariko uturikirije akarwanisho mugihugu uba ubahamagaye kuko uba ubinjiriye muri politique yabo. Nkuko abasirikare babujijwe kujamuri politique, nikonabo banka uwuza muri politique yabo yogucungera umutekano , uturikije ikirwanisho ubugiye muri politique yabajejwe umutekano wu Burundi ahontagahengwe baguha ntakukwihanganira nabusa canke akagongwe.

  • Nalekule Niho Tuzolonka Amaholo Atalekuyenanaho Tuzokwamilamu Ngolane Oke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.