Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Grenade yatewe kw’ishuri ryisumbuye CND
Gitega: Grenade yatewe kw’ishuri ryisumbuye CND
jeudi 7 Rusama 2015
Grenade imwe yaraye itewe kw’ishuri ry’isumbuye Lycee Notre Dame de la Sagesse ryahoze ryitwa CND riri ku birometero bitatu uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega,ariko nta numwe yahitanye.
Nk’uko amakuru dukesha abanyeshuri biga kuri iyo shuri,iyo Grenade yatewe nk’igihe c’isaha zitanu n’igice z’ijoro ryo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 rusama,hagati y’uburaro bw’abakobwa n’ubwo abahungu,ariko Imana yarakinze nta cononekaye kuko yaguye ahasanzwe hatewe ibitoki.
Abanyeshuri bavuga ko batazi abateye iyo grenade,ariko bikeka ko yoba yatewe n’abamaze iminsi babandikira ko badatashe ngo bave mu ndaro bazokwibonerako.
Ubuyobozi bw’iryo shuri bwanse ko abanyeshuri bataha mu mihana iwabo kuko kuri iryo shuri hagiye kuzanwa ikirindiro c’abasirikare mu ntumbero yo kubacungerera umutekano.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Rusama 2015, 10:47, par cnd
Abo nabashaka kudutera ubwoba gusa ntayindisiguro twobiha.
7 Rusama 2015, 11:12
abo n’abasi burwaruka n’uburundi bashaka kuburabuza urwaruka ruri mumashure.bazicuza munyuma.
7 Rusama 2015, 12:51, par Rieno Koach
Mbega gutera ubwoba urwaruka no kurushuhurira mw’ibarabara bifasha nde? Abo bana bazira iki? Batiz ni nde azobaha n,akamanyu k’umukate mu ba nyepolitique? Uyu munsi hari aba ntu batay conscience!
7 Rusama 2015, 15:37, par I
Ivyovyose mugihe abahamagariye abenegihugu mumigumuko bataratangazako bongeye guhamagarira abobahamagariye mumiguko kuyihagarika 100% ivyobibi nkivyo biharurwa kuribo, ngiramwabonye kobatanguye nokwicabantu babaturiye. Akabi kavanukanwa kanyeneko.
7 Rusama 2015, 15:40, par kera
Izo nimbonerakure turabizi bashka abanyeshure ntibave mu ma ndaro ngo baje kwifatanya nabandi
8 Rusama 2015, 09:10, par Emmanuel Niyongabire
Non Abo Bana Bigihugu Bbahoriki Nibarik Iterabwoba Bareke Kurendra Gutwara Bashesh
8 Rusama 2015, 09:35, par mpozenzi
Ingumba itazi kikibi irigata ishenyo,uno musi uri mwibarabara ameze nkakagomba karuhira imbaka,azabaze abarwanye muri CNDD-FDD uno musi ntiwibazeko bose babayeho neza gusa bose barakoze none nabo nibakomeze babaronderere umunyu wabana ejo bifumbereje nzoraba uwo bazobwira ngo nari mwibarabara mpa iki canke kiriya amwemerere burakeye.
9 Rusama 2015, 08:28, par iradukunda
nibabarekure batahe vyoba vyiza kurusha
14 Rusama 2015, 19:58, par IRADUKUNDA Grace
Jew Igihugu C’uburundi Ndagiherej Imana Kuko Niyo Ishoboy Vyose
24 Ruhuhuma 2016, 01:32, par Ngenzebuhoro Symphorien
Abashak k dutaha barihenda twararinz rugabo.abaguma bashira ikibi imbere mbabwiy nti teshwamute kk ntimusumb iyaturemy