IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Hagati mu gisagara ca Bujumbura abari mu myiyerekano bazibiye (...)

Hagati mu gisagara ca Bujumbura abari mu myiyerekano bazibiye amabarabara

mercredi 13 Rusama 2015

Abagira imyerekano baje mu ma komine nka yose y’igisagara binjiye mu hagati mu gisagara ca Bujumbura, bahaganye n’igipolisi bamwe batera amabuye abandi batera ivyuka bikoroza amosozi.

Bageze neza na neza imbere y’ikigo ca Saint Michel ahakorera ikinyamakuru NDONGOZI, abagira imyiyerekano isinzi boba bari bavuye mu makomine ya Nyakabiga na Bwiza bafise amabendera y’igihugu, baciye bahura n’igipolisi. Bamwe baca bahungira mu mashuri ari kuri Saint Michel ari naho hahavuye hava amabuye menshi canke yaterwa abapolisi. Abo banyuma bakoresheje vya bisasu vyokera bigakoroza n’amosozi(Lacrimogenes), bagerageje kubasubiza inyuma. Abo banyagihugu bahavuye n’abanyagihugu bagwiriyemwo abagore n’abakobwa. Aho bigeza ibarabara riva mu ma Quartier yo mu buruaruko bw’igisagara rica haruguru ya Hotel Novotel na Ego rizibiriye kuri Ucar, rizibije ibiti n’amabuye ahandi hariko haturirwa ama "pneus".

Tubamenyeshe ko indirimbo n’ivyapa bafise mu minwe vyose bihurira ku vyo basaba bimwe, bati:" turiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, turasavye RPA yugururwe, turanse kuba abaja". Ivyo biriko biba mu gihe i Dar-es Salam hariko habera inama yahuje abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ku kibazo c’umutekano muke uri mu Burundi watewe n’ugushaka kwitoza kwa Petero Nkurunziza


Cherif Nkeshimana

Messages

  • IMANA.NITABARE.UBURUNDI

  • IMANA.NITABARE.UBURUNDI

  • Abarundi mwahungiye irwanda ikinani cyacu cyananiye abagome nabagambanyi. murakigambanira. Mureke imana ibererko arimana. twarabareze amashuli ineza twarayibonye duhungiye iburundiwe. sentalempanabyaha ibabone agatekakamuntu muriguhonyanga

  • MBE UBUHO KO BAJA MUMABARABARA MUGOMBA GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI KO VYABANANIYE ABWAYE IMIGONGO NTIBAGIYE GUSANDABA?

  • Ubwose namwemwabona ibyicanyi rukudwa, ibigesera. byitwajeza bible ngonabantubimana . leta ya Bagosora yafashe imbunda irambika mucyahoze zäire namwe mufate ibyobitabo byanyu bya bibilia muzirambike. murekekubeshya amakungu.bigendabyubitse ibitwe mumabarabara ukagirango nabantu. mufunge ninsengero. niba ikiringo cye cyarangiye niyegure

  • Uyu wiyise Isirahinduka ni intagondwa kabuhariwe yumututsi.Gusa aratekereza ko ibyo se wabo mu Rwanda kagame wamaze abantu ko iburundi naho bishoboka. Muzongere mutwike umuhutu iyo za Musaga hanyuma mwirebere.

  • Ngo muzi kuzibira amabarabara.muzihende muzibirire muta sha.igihe atahutse ko yayazungurutse yose mwarihe?niyo mpamvu mukora ivyo mutazi kugira muhemuke hama muramuke.gezaho mwantamenyamwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.