IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Hoba hari umugambi wo kuremeka inteba ishushe Gabriel Rufyiri nabo (...)

Hoba hari umugambi wo kuremeka inteba ishushe Gabriel Rufyiri nabo bakorana

jeudi 19 Ntwarante 2015, par IGIHE

Hoba hari umugambi wo kuremeka inteba ishushe bamwe mu basanzwe bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, harimwo n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri, mbere n’umugambi wo kubagandagura woba utari kure nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na OLUCOME, mu gatondo ko kuri uno wa kane.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko ico kibi kibishe catanguranye n’ukwinjira amakonti yabo ya ku buhinga ngurukanabumenyi(email na Facebook) y’umukuru w’iryo shirahamwe Gabriel Rufyiri, aho naho abo bagizi ba nabi bagerageza kwandika ubutumwa bwo gutuka abantu bamwe bamwe, ubwo butumwa bakaburungika babicishije kw’izina rya Gabriel Rufyiri. Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME hamwe n’abagize urwego nshingwabikorwa rw’iryo shirahamwe bavuga ko atari bo bariko bandika ubwo butumwa, bakaba basaba abagenzi babo bose kudasubira kubarungikira ubutumwa, babicishije ku mazina yabo gushika babamenyesheje izindi zishasha.

Ikindi kandi n’uko hoba hari abantu bamaze igihe bakurikirana amaja n’amaza y’umukuru wa OLUCOME mu ntumbero yo kumugirira nabi, bakicura ko ata kindi kibibatuma atari kubera amadosiye akomakomeye yaramaze iminsi akurikiranwa na Gabriel Rufyiri nk’ikijanye n’ikibanza cahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ya yegereyegere yo mu gihugu cose yabaye kw’igenekerezo rya 5 Rusama, ikibanza c’amahegitari 48,5 i Karwema i Gihanga cagomba gitangwe hadakurikijwe amategeko hamwe n’uko nawe yoba adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, nk’uko yavyerekanye mu gihe yariko abonana na za ntumwa z’inama nkuru y’umutekano ya ONU.

Ako karwi nyene koba kishimikiza ko ari uko OLUCOME naryo ryoba riri mu rugamba rwo kutemera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Ku vyerekeye uwo mugambi wo kubagirira nabi , muri OLUCOME bakavuga ko ritabaye irya mbere, kuko wama ushika iyo iryo shirahamwe ryashize ahabona amadosiye akomeye ajanye n’ubunyonyezi nk’uko babandanya babivuga.

Muri iryo tangazo bakagira bati:’’ Ntitugiye guhesha ahubwo tugiye kubandanya urugamba rwo kurwanya abo bose banyonyeza amatungo ya Reta, hamwe n’ibiturire, kuko ata narimwe iryo shirahamwe rizigera ryemera ka abantu bari ku rushi babandanya batunga abandi bari mu bukene ntazina, nk’uko babandanya babishikiriza muri iryo tangazo.


Floxella Karire

Messages

  • Humura izo njavyi ntaco zizobagira ...Bazoguma badutera ubwoba Mutama twibutse iciza wadukoreye kuvyerekeye irya soko yacuu ...yadutunze imyaka nimyaka yari itunze imiryango ............Imana aho iri mw.ijuru izotwishurira .....Kandi dukeneye kumenya ukuri kuwayituriye kuko amakuru twaramaze kuyaronka bakaramuka batembagaye bakava kuntebe tuzobaturirira harya nyene aha twebwe abanyagihugu agashavu karaniga yoba tuzi uwaduhekuye .....

  • ntimubahe agahengwe abo ba dd bagwanye mwivuye inyu ntahutazopfa twese tuzopfa nabonye rurabarindiriye

  • Numvirije nkagerageza gutegera ivyo Rufyiri avuga, na cane cane intumbero y’ishirahamwe ry’iwe n’uko arangura ivyo yishinze, nca nibwira nti société civile ni kirumara, nkanizera ko nkumbure uBurundi buzoteba bukaba igihugu ciyubahiriza. Urumva neza ko ihangiro ryiwe ko ari ukwiyamiriza no gutuza igiturire n’ubunyonyezi. Arabikora kandi akabigendera, bikagaragara.

    Ariko nkurikiye nkumviriza intumbero, ibikorwa n’amajambo dushikirizwa na Pacifique Nininahazwe, nca numva umenga sinzi ico "Civil" gisigura.
    Pacifique yahoze arongoye FORSC, ihuriro ry’amashirahamwe ryemewe n’amategeko y’igihugu. Munyuma aja kurongora FOCOD, naryo nyene ni ishirahamwe ryemewe n’amategeko y’uburundi. Tukaba tuzi ko mukwemerera ishirahamwe ko rikora kumugaragaro babanza kuraba intumbero n’amategeko yaryo nshingashirahamwe na ntunganyashirahamwe. Ariko haba aho yari arongoye FORSC canke ubu arongoye FOCOD, imvugo, ingendo vyagumye ari vyabindi. None twovuga ko FORSC na FOCOD atanakantu na gatoyi bitandukaniyeko, ko vyoba bisangiye intumbero n’amategeko ngenderwako?

  • We ntiwihebure, urashikayo ubibaze imiryango iruguruye

  • Ntacuzoba mutama komeza kurenganura abarenganywa Imana ikujimbere Yoya yarababwiye ntibunva

  • Komera Mutama, urugamba rw’amahoro rwawe ndukurikirana umunsi ku munsi! Ndi mu Rwanda ariko nama ndagusabira gukomera ku rugamba wiyemeje. Abakurwanya ntibazogushobora kuko isi yose ikeneye abantu nkawe. Imana yakuremye izi ico uyimariye muri iyi si y’umwijima( umwiza aho iwanyu)!

  • Ewe sha rufyiri wewe kobakwagiriza murupfu rwa mugenzaw mwakorana koko ahurera.rekurwamo sha ikigihugu tuzokibanamwo twese

  • Humura kweri muga ico womenya mwatsa umucanwa mudashoboye kuwota? Dosiye yose ni RUFYIRI none uwo Rufyiri we azi vyose? Yize vyose. Tekereza sha . Mbe kuri BUYOYA ko utavuga canke nuko ubu hariho abo utiyumvamwo canke abakeba kuri wewe? Sawa rero wihangane ureke kuja wita no muvyo utategerezwa kujamwo sawa. Ntawugukeneye tekana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.