IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibibanza Ababirigi n’Abanyamerika babujijwe kwegera mu Burundi

Ibibanza Ababirigi n’Abanyamerika babujijwe kwegera mu Burundi

lundi 3 Munyonyo 2014

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu buhanura Ababirigi baba mu Burundi kwirinda kuja mu bibanza bimwe bimwe vy’i Bujumbura mu gatondo ka kare, canke bugorovye, kubera imvo z’umutekano. Abanyamerika nabo baba mu Burundi basabwe kwama bagavye, kuko i Bujumbura hashobora guterwa n’imirwi y’abihevyi ba Al-Shabab.

Ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi bugaruka kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu ryibonekeza mu mihingo itari mike y’Uburundi, bigakorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bicira umuriro. Ubwo buserukizi bw’Ububirigi mu Burundi busaba ko imbere y’isaha cumi na zibiri z’agatondo (avant 6h du matin) n’inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba (après 18h), Ababirigi baba mu Burundi ko bokwirinda kuja mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ayo nayo ni nka Kanyosha, Musaga, Kamenge, Cibitoke na Ngagara . Ingenzi zivuye mu Bubirigi zije kugendera Uburundi nazo zasabwe kudatumbera ahari ishamba cimeza rya Rukoko. Ubwo buserukizi bw’Ububirigi mu Burundi busaba kandi Ababirigi baba mu Burundi kutazokwegera ahashobora kubera umwanya uwariwo wose imyiyerekano ya poritike i Bujumbura, kuko kubw’ubwo buserukizi, igiporisi c’Uburundi ntikivyifatamwo neza, kandi gifise ibikoresho bidakwiye, n’ubutungane ntibwikwije. Muri urwo rwandiko bagize bati : « La police est assez peu disciplinée, mal équipée et peu efficace. La justice est déficiente.». Ababirigi baba mu Burundi basabwe kandi kuhagabira iyo bafashe ingendo zo hagati mu gihugu, kuko ibirwanisho ari vyinshi mu banyagihugu, hamwe n’ubwicanyi bw’abitwaje ibirwanisho bwabaye umurengera.

N’Abanyamerika baba mu Burundi bagabishijwe

Ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bugaruka ku mirwi y’abitwaje ibirwanisho yiyerereza mu Burundi, ibirwanisho vyibonekeza mu banyagihugu, abahoze ku rugamba bakora ubwicanyi canke bagahohotera abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, hamwe n’ibitero vy’iterabwoba bishobora gukorwa na Al Shabab mu Burundi. Ubwo buserukizi bwasavye Abanyamerika baba mu Burundi ko bokwirinda ingendo zidakenewe mu Burundi (les voyages non essentiels au Burundi). Ubwo buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi buragaruka kandi ku mirwi y’abitwaje ibirwanisho itegera imiduga ku mabarabara asohoka igisagara ca Bujumbura, bagasaba Abanyamerika baba mu Burundi kwama bakurikirana ku munsi ku munsi amakuru atangwa n’ibinyamakuru bikorera mu Burundi, imbere y’ugufata ingendo.

Ubwo buserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi buragaruka kandi ku giturire cabaye ndanse mu Burundi, ari naco gituma bamwe mu bategetsi basaba ruswa kugira batunganirize uwubituye. Nk’uko biri mu rwandiko rw’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, n’abicanyi batanga ibiturire bashobora guca baboneraho akaryo ko gukora ivyo bashaka vyose ata bwoba, kuko baba bazi ko inzego z’ubutungane zitazobakurikirana.


Egide Nduwimana

Messages

  • ngaho nimunyumvire namwe, iyo bivugwa na Pacifique ubu yari kurara mu mpimba eka nimfunguzo bagata muri wc. Yewe burundi urateye ikigongwe basi

  • ngaho dd ninyomoze ayo makuru yizewe twumve. abo bazungu barafise ama satellites araba ibibera ngaha no kwa nkuru mu gitanda bararabayo. ubu rero nuko bibagiye kuvuga abantu barara baragandagurwa na dd bibazako bitazwi.

  • MANA uratabara abantu bawe ahandi ho DD Ifatanije ni INTERA HAMWE NI IMBONERAKURE Bazokora Ibara .

  • - IMBONERAKURE
    - INTERAHAMWE ET FDLR, certains policiers du Burundi, Certains administratifs du Cndd fdd, le service national de renseignement voilàla source du mal et du drame burundais.
    Chers compatriotes , camarades, la situation est très dangereuse et très problématique , soyez vigilants, le pays est au bord du gouffre àcause la mauvaise gouvernance et de la boulimie du pouvoir du Cndd fdd

  • Nanjenkumurundi ndasohoye itangazo ryokunganira Amerika nu Bubirigi itangazoryanje rivugango: Igibecose tukibona ibimenyetso vyerekanako ivyihebe bishobora kugiriranabi abarundi nababubamwo tubayeturasaba koboba barahagaritse vyifatakibanza kwemerera uwowese yokoranya canke yohamagarira abantu muribimwe twita imyigaragamvyo,kuko abihevyi cankabagizi banabi bashobora kwikika mukiza baciye muriyo myigaragamvyo bakatwicira abobenegihugu barimumyigaragamvyo, Bivunzwe, na’ Umwenegihuhu.

  • None ndababaze, ko mubarira abantu ngo bagabe ngo Al shabab iri bujumbura, ko muziko iri bujumbira kubera iki mutayifata????? murabesha ahubwwo ivyo mwebwe CNDD FDD muriko murategura twarabahinyuye basha!!!!! vyarabapfyuye guhindura constitution nnone ammatora arashitse ataco murashikako none mushaka gutera akaguma ngo ni al shababu......... ikigira kabiri turaziko mwazanye interahamwe na FDRL mu burundi kugira batere u rwanda hama mu gihe u rwanda rubakurikiye mu burundi muce muvuga ngo habaye intambara ngo amatora ntahave aba ngo peter abandanye kugira mwicoo kiringo muce muhindura ibwirizwa nshingiro!!!!!!.............. twarabahinyuye basha....

  • Ivyo muriko muradadanganya basha vyarahinyutse. mureke kubesha mgo al shababu. muriko mutegura intambara ngo muvuge ngo ni alshababu?? none FDRL iriko ikora iki mu burundi??? Ibwirizwa nshingiro ryabananiye guhindura none mugomba kurindera agasomborotso ngo ni al shababu ubundi ngo ni u rwanda kugira mubandanye gu twara ......... m

  • Bantu bi Mana nunvise invugo zanyu zirahambaye ,mbega muraryoherwa nuko habayeho intambara?,Musabe Imana ako kabi ntikazongere ,Nobahabura ko mwokwizera Umwami Yesu Kristo niwe mukiza wizo ngara zose zimitima ,Niba wifuriza abarundi gusubiranamwo , urikebuka intambara ntihitana umwe gusa ihitana benshi , abarimwo nabatarimwo.nobibutsa ko kubeshera abandi ari igicumuro ku Mana kandi democrasi izohera umusi umwe twese tuje murubanza imbere yi Mana .Tweseturazi amabi yabaye aho i Burundi,ndibaza ko abarundi batatwenze babonye akabi kabaye,Tubasavye amahoro ,nikintu kiryoshe caaane,umuntu aratembera aho ashaka aryama ataco yinona ,naho wogira ubutunzi bwinshi ariko atamahoro ari mugihugu bimeze nkuko aho baturira amazu , imiduga , abantu bakicwa . Mbega ivyo nivyo mwita vyiza ?,Muje hamwe mwese murondere amahoro,ivyicarovyubutegetsi ntibishibora gukwira mwese ,kandi warize ushobora kukora ivyawe ,ukatanga akazi kandi ukamererwa neza gusumba nabari kubutegetsi ,Mababira mwese Amahoro, ntimwanjanjwe ku Mahoro,Mwese nimukundane kuko twese dusangiye data wa twese wo MwijuruTubaragije I Mana mwese abarundi baba i Burundi

  • REKA IMANA NIYO ITORANYA ABARONGOZI

  • Uburundi bugire bumere nabi gusumvya muri ’93 nkuru azahora yibukwa nka Idi Amin Dada wo mu buganda

  • Ahubwo nibasuzumwe neza aba DD barimwo tubiri nkumushinga mateka karenga Ramazani ko yanse gusakwa yaratwayiki nkuko aba babirigi na ba nyamerika babivuga nivyo kuko ntiyari gusubira muhira iyaba ubutungane bwakora neza yarikubandaniriza ku musaga

  • Ndizeye ko mwiganirira gusa, kuko u Rwanda twibeshe gato rugaterwa nabacumbikiwe n’u Burundi canke FDLR igatera iturutse mu Burundi, Abarundi n’ababanyi babo boca bamenya neza igihugu c’u Rwanda ico arico, ndabasabira rero kutarota nabi, ubudumbidumbi tubugumane hano mu Burundi.

  • UTAMBA UGARANYE UTAMBA WUBANYE NTANTAMBARA IZOSUBIRA MUBURUNDI!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

    Uwuzorukarisha ruzomumwa (DD) MURAGABE

    Uwuzontangura Intambara Izohera iwe Iherere Iwe (DD)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.