Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibimaze iminsi bikorwa n’igipolisi n’ubusuma mu bundi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Ibimaze iminsi bikorwa n’igipolisi n’ubusuma mu bundi"

"Ibimaze iminsi bikorwa n’igipolisi n’ubusuma mu bundi"

samedi 28 Kigarama 2013

Ivyaraye bishikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ubuyobozi bukuru bw’igisagara ca Bujumbura bwasabwe kuronderera ikibanza abakenyezi badadandariza mu mabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe kitaraboneka igipolisi kikabandanya kibirukana, Beatrice Nyamoya arabinegura akavuga ko wumvirije iyo mvugo umenga arashigikiye ko babandanya baturatuzwa.

Mu kiganiro c’abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye, umuvugizi w’umukuru w’igihugu hamwe n’umuvugizi wa Reta, cabaye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 27 kigarama, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Evariste Nsabiyumva yavuze ko ubushikiranganji bwasavye ko bobaronderera ibibanza bakoreramwo. Kubwa Nsabiyumva ,urudandazwa rwo mw’ibarabara rushobora gutera indwara zisanzwe ziva ku mwanda muke. Ivyo rero narirya mu minsi yahera amakaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura yari icumbi y’indwara ya Cholera. Eka mbere abandanya avuga ko urwo rudandazwa rushobora gutera umutekano muke. Muri ubwo bushikiranganji bw’intwaro yo hagati bakaba basavye ko ubuyobozi bw’igisagara bwobaronderera hafi bakorera mu masoko asanzwe azwi .
Evariste Nsabiyumva agasaba abo badandaza boba barumvira iyo ngingo bakaja kudandariza mu masoko asanzwe azwi mu gutenyenya ko ibindi bibanza vyo kudandarizwamwo biboneka.

Kubwa Beatrice Nyamoya asanzwe ari mw’ishirahamwe ry’abakenyezi bize ivy’ amategeko aranegura imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Avuga ati: " wumvirije imvugo y’uwo muvugizi umenga arashigikiye ko igipolisi kibandanya kija guturatuza barya bakenyezi". Beatrice Nyamoya avuga ko hari imice itatu y’abakenyezi, hari abahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ,hari abadandariza mu bibanza bisanzwe bidandarizwamwo imboga n’ivyamwa hakaba n’abandi bava mu masoko yandi bugorovye bose bakaca bihereza amabarabara y’igisagara ca Bujumbura bagakubita bakuzura. Kubwo uwo mupfasoni rero, ico ni ikimenyetso c’uko ubukene bwugarije imiryango. Abandanya avuga ko ico gipolisi kirenga amategeko kuko baza bagapakira ata cegeranyo kibaye bimwe bita PV. Ku bwiwe iyo nyifato y’igipolisi irimwo igifungu cinshi kuko ata numwe amenya iyo ibintu biba vyafashwe bijanwa . Akagira ati :’’ubwo ntibica bifungurwa, ku bwacu rero tubona ko ari ubusuma kuko mu matohoza twagize tutabona aho babishira".

Beatrice Nyamoya arangiza asaba ko igipolisi co hagarika gutwara ibidandazwa vyabo bagore kuko baba bariko bararenga amategeko. Ku bwiwe ivyo gipolisi kimaze iminsi gikora ni ubusuma mu bundi. Uwo mupfasoni arangiza anegura kandi abanyaporitike kuko badaha agaciro umukenyezi w’umurundikazi kandi bazi ko ari kirumara mw’iterambere ry’igihugu, abasaba kugira ico batereye kiboneka .


KARIRE Floxella

Messages

  • Abobavyeyi bariko barazira ukutamenya kandi ikindi abobakebuye bakomeje kubaberabakidovya kukokw’Isiyose umunyagihugu abwiwe na reta yigihuguciwe atintivyemerewe gukorera ngaha ucuvyubahiriza ndafise akarorero kibihuguvya bulaya baravugabati ngo: ntaguparikinga imodokangaha uvyemera guryo ugiyekuronderahandi harigihe naho usanga aricokimwe ubirenzeko urahanywa kandintabwuzovugango muntabare narenganiye mugihugucanje uwariwewese azokubwirako wariwarenze amategeko. Ariko ahiwacumu Burundi kubera ikintucose kibaye bacabashaka kugihinziraya politique ugiraguti ukumva umukuruwumugambwe runakango baryabavyeyibariko bararengana bakemera gushigikira abakosheje ngokumbure ngokamushigikiye mumafutiyiwe ngobizotuma mugihecamatora azocamuha ijwi, abiyitiriranabo amashirahamweyigenga kukabukwo hakubabwira ati kw’Isiyose umunyagihugu ategerezwa kwubaha amategeko ya reta yigihugu ciwe ahubwo aramushigikira mumafutiyiwe muntumbero yukobamwemwayo mashirahamwe bayashinze muntumbero yokurwanya iyo reta.

  • Abo ba Police ni bamenye neza ko abo bavyeyi ari aba maman nka ba nyina babo. Iyo l’Etat nayo idashobora gufasha abo bavyeyi bazi neza ko Isoko yahiye kandi bazi neza ko hari benshi baburara, yoba ari L’Etat yikigongwe vy’ukuri. Gerageze murondere aho abo bavyeyi bokorera. Nico coba ciza gusumba kubakubita n’ukubirukana, n’ukubatwara utwo babiriye akuya aritwo twari kubafasha.

  • Abari mu burundi numva muhangayitse none abo ba police baca bigira kuzicururiza namwe banyagihugu ja mwumva itegeko ryz babaskuyiri niho igihugu nabaco bazakibamwo neza

  • kwirukana abo bakenyezi sivyiza cane ahubwo mugufasha kugira isuku mairie nishire aho hose hakoranira abantu benshi n’aho hose abo bakenyezi babaye baritiza mukurindira ikibanza kizwi ivyo gutamwo imicafu hanyuma bakarire uwo wese adata umucafu aho ugenewe.Abo bajejwe kuyora umucafu nabo bawuyore imisi yose.ivyo bikorwa no mubihugu bindi kugira abantu babandanye baronka icobabeshaho kandi isuku rigume rwubahirizwe.Nayo kubirukana ataho umweretse akorera ntamutegetsi yitwa umutegetsi yobikora!

  • Ahubwo abo babashigikira bararaba neza kuko iyo si politike ni ukwisamburirako nk’ihene. Mbega bobo bishitse bagashikira ubutegetsi bazoca babareka bakore ivyo bagomba? Ahandi naho mbega nk’ubu ko havugwa imirwi y’iterabwoba, nkubu boturikirwako n’ikirwanisho muri karya kajagari boca bagiriza Leta ngo ntiyabakingiye? Mbega ko bavuga ngo isoko yarahiye, burya muri barya bagore bose uwo botuma urukaratasi rwemeza ko yari afise ikibanza mw’isoko yahiye rworanka bangahe ko ata na 15% boruronka! Nibakurikize amategeko nta yindi nzira.

  • oya kweli,icowita politique ntawucumva!Ntushobora gufata ingingo itagira imperekeza(mesure d’accompagnement) !ivyo uvuga niciyumviro cawe ariko ntamunyapolitique yofata ingingo yokwirukana barya bantu atagira aho abahaye bakorera.Ndaguhanure nyamba mwegereye abafata ingingo << mukurindira ko babaronderera aho bakorera nibategure ahantu hokwegeraniriza umucafu hanyuma babandanye baronderera abana babo>kandi ivyo nabibonye nomubindi bihugu vya aziya na buraya ntiturondere kwigira abanyapolitique gusa dutaribo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.