IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > RD Kongo : Ibirindiro vy’ abarwanyi biyita aba FNL vyasambuwe na (...)

RD Kongo : Ibirindiro vy’ abarwanyi biyita aba FNL vyasambuwe na MONUSCO

lundi 5 Nzero 2015

Ibirindiro vy’abarwanyi b’umuhari wa FNL vyari hafi y’urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo vyasambuwe n’abasirikare ba MONUSCO.

Nk’uko aya makuru tuyakesha ikinyamakuru ca naharnet.com abivuga, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Nzero akaba ariho ivyo birindiro vyigarurirwa n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bari kugarukana amahoro aho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, MONUSCO.

Umuvugizi wa MONUSCO lieutenant-colonel Felix -Prosper Basse akaba yabariye AFP ko ivyo birindiro vy’abo barwanyi vyari hafi y’urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, mu Bumanuko bwa Kivu vyasambuwe. Uwo muhari ukaba ufatwa ko uri muyihungabanya umutekano mu karere harimwo n’Uburundi.

Mukamenya ko abo barwanyi biyita abo muri FNL bavuga ko barongowe na Aloys Nzabampema.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe Bagwanyi Murarubonye Uwabahenze Yarabagemye Erega Umugore Nabana Babo Babahenda Bibebereye Hanze Za Iburaya Nahandi Uwuzorukarisha Ruzomumwa.Ntibaze Ino ABagenzi babo Babonye Ayo Babonye Nibaza Amaboko Ari Hejuru Igisoda Cuburundi Nikivyeyi Kizobakira Ariko Kuntambara Bazicwa Atacamira.Birebera.Rwarukwa Ntimuhendwe Nabamiginituzura Bama Basaba Kugumuka Nimwiyirukire Nubuzima Mwihoze Izo Ntumva

  • Buryarero riryajambo umukuruwigihugu yavuza akongera akarisubiramwo ngo ntantambara izosubira kubamuburundi yarifise icazicapanzwe kurwego rwibihugu bikunda uburundi nabarundi nokurwego mpuzamakungu, bamwerero barumvise abivuga bacabivayo mukurondera ahobokura uturwanisho ngobapinge ijambo ryavumerewe numukuru wigihugu, nimukomeze murakubitwa ntakibuza.

  • AHO MUVUZIKI? BIAFASHE BANGAHE CANKE BISHE BANGAHE?

  • Ahubwo’monusco’niduhamagare’tujekubafatishintoke rwasa’yarabahenze’barkobarapfa’yiberey’ikiriri’kubitamuzana’iburundi’tubagirenkabandi

  • PACIFIC, VITAL, MBONIMPA, RUPFIRI, ADC=IKIBIRI TESHWA MUTE KUKO UMUTI WANYU WARABONETSE KANDI BAZOWUBANWESHA KUNGUVU. NGO MUFISE AMANAMA MWAGIZE MUZA KAMPALA KWARI UKUBURIZAMWO AMATORA HIHIHIHIHIHIHIHIHIHIIIIIII

  • GUGUNA, HONGORA INJAVYI.

  • abanyagihugu banijeria bashegeshwe naboko haram,kubwiyomvo abo bnyagihugu bahagurukiye abobamenja namwe mwese mwiyumvira iciyumviro cukonona umutekano muharure ukomwobamungana kandimuharure ningabozigihugu muce muduteranya nimwatunesha tuzoheba bitwaje ubwicanyi mwe nyamba mutohaha nimube murimba mwigera ubuho ntakubarasa tuzobica ugwakaniko gushika muherengeteye mwabijujumwe mwama mwahenzwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.