IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibirori vy’imboneka rimwe muri UPRONA irongowe na Concilia Nibigira

Ibirori vy’imboneka rimwe muri UPRONA irongowe na Concilia Nibigira

samedi 15 Ruhuhuma 2014

Mu birori vyo kwakira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mushasha mu mugambwe UPRONA urongowe na Concilia Nibigira, agashavu kari kose kuri bimwe mu bimenyeshamakuru. Mu majambo yagiye arafatwa n’abari aho uhereye kuri Gaston Sindimwo yatanga amajambo, ugashika no kucegera gishasha c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, agakebuzo ku bamenyeshamakuru ntikahara.

Aho hakaba hariko haririmbwa ururirimbo rw'umugambwe UPRONA

Muri ivyo birori vy’iteka vyari bikenyemwo inararibonye zizwi mu mugambwe UPRONA, mu kubishikamwo ntivyari vyoroshe, ivyo bikaba vyari bishasha muri uyo mugambwe wa Rwagasore, aho abaporisi babanza gusaka abahaza bose, nk’uko wamenga hari aboza kubitoba bari bitezwe. Eka Gaston Sindimwo umwe mu bahagaritswe ku Mugumya yagirizwa guhemukira UPRONA, akaba yavuze ko hari bamwe mu badasigana bariko baragirwako iterabwoba, abandi nabo bakaba bamaze kunyuruzwa, n’aho atavuze ababigira abaribo.

Yavuze ko hari bamwe boba bari babwiwe ko hamwe boza muri ivyo birori, bashobora n’ukwicwa. Muri ivyo birori kandi, akaba ariho benshi bashoboye kumenyera ko Concilia Nibigira atari umukuru w’umugambwe UPRONA, ariko ari uwuwuserukira imbere y’amategeko nk’uko vyashikirijwe na Gaston Sindimwo, umwe mu vyagaragara kuba yateguye urwo rubanza. Ariko rero ivyo bikaba bisa n’ibije mu gihe umushingamateka Niyoyankana Bonaventure asa n’uwasubiye kwivuguruza, mw’ikete aheruka gushira ahabona, ku bijanye n’uburongozi bwa UPRONA, aho biboneka ko gusubira kuwusaba amenya, atari kera.

Gaston Sindimwo aho yariko avuga ko ababazwa n'abavuga ko urwo rubanza rwitabwe n'imbonerakure za CNDD FDD

Mw’ijambo ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mushasha Prosper Bazombanza yashikirije abari ngaho, akaba yashimiye bimwe bivuye ku mutima Concilia Nibigira ku bikorwa yakoze mu kugarukira umugambwe mu gihe hari hasigaye hari ibihengeri, maze umugambwe wabo ugasubiza umwugariro mw’irembo. Yashimiye kandi abadasigana bari aho, kubona batatinye kuza kubafata mu mugongo, mu gihe batatinye amwe mu majambo yavuze ko ashikirizwa na bimwe mu binyamakuru, aho bashiramwo indenzarugero, nk’uko vyabandanije bishikirizwa na Prosper Bazombanza.

Yamenyesheje ko ataje kurwana canke kunyinyana muri ayo mabanga mashasha yagenywemwo n’umukuru w’igihugu, ariko aje kwubahiriza amategeko y’igihugu. Umugambi wo kwiyunga nawo, akaba amenyesha ko atazowusiga inyuma, ndetse mu kwezi kwa Ruheshi uwo mugambi ukazoba wagiye mu ngiro.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu ari kumwe na Concilia Nibigira

Muri ivyo birori vyo kwakira icegera c’umukuru w’igihugu vyari bitandukanye rwose n’ibindi birori vyahora bitegurwa na UPRONA, ndetse vyari na bishasha muri uyo mugambwe warondereye Uburundi intahe yo kwikukira, inararibonye mu bigeze kurongora inzego nkuru z’igihugu bava muri UPRONA nta n’umwe yari yavyitavye, icibagiwe akaba ari abashingamateka canke abakenguzamateka bo muri uwo mugambwe. Abari muri urwo rubanza, bamwe bakaba batatinye kwivugira ko bahawe amafaranga ibihumbi bitanu, nk’abava mu za Kanyosha, Musaga, Kamenge n’ahandi. Benshi bivugiye ko batari muri uyo mugambwe, baje kwironderera udufaranga. Umwe mu bakenyezi ati : ’’Jewe ndi umukenyererarugamba’’, ndetse yari afise n’umutaka wa CNDD FDD umugambwe uri ku butegetsi.

Mu kuririmba ururirimbo rw’uyo mugambwe, abari bicaye mu bibanza vy’icubahiro, akaba aribo wabona ko baruzi gusa, nayo hagati mu badasigana bamwe biyambariye ibimenyetso vy’uwo mugambwe ku mutwe, abandi babizingazinze nk’agatambara ko kwihanagura intuguta, baja kwibuka kuduza intoke zitatu, ikimenyetso ca UPRONA ari ukwo babonye abariko barafata amasanamu babegereye, ahandi naho bamwe bibagira, bakidugiriza igipfunsi, canke aho kuduza intoke zitatu hejuru, bazirabisha imbere yabo.

Ku bw’umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura yashoboye gushika ahariko harabera ivyo birori, akaba yatangajwe rwose n’urwaruka rwinshi rwari aho, ariko ataruzi, mu gihe ariwe asanzwe arongoye urwaruka mparaniramajambere ya Rwagasore. Ku bwiwe, ati iyo ni ngendo yo kuzana udushami twa NYAKURI muri UPRONA. Amenyesha ko nabo bagiye kubandanya bakurikiza amategeko, nayo abariko barakoreshwa mu gusambura umugambwe wabo, akavuga ko bariko barihenda, kuko intambwe Abadasigana bagezeko mu gusubiza hamwe n’ukwiyunga, itarota isubizwa inyuma n’umurwi muto w’abantu kandi bakuwe no mu nzego za UPRONA ari ukwo bawuhemukiye.


Aristide Nizigire

Messages

  • ndashimiye umugambwe uprona ukuntu mwiyambitse umutamana.gwiza ibikorwa abavuga bavuge.

  • Tuvuganye ukuri,naho UPRONA ntayikunda, aho nta baporona 20 barimwo!Bazanye abayaya n’ababoyi barishe amahera ngo baje mu munsi mukuru!Utwo duhutu twenewacu badukuye hehe?Yemwe!Njanye n’izindi za Nyakuri zapfuma zishirwaho n’abantu bazima!

  • Ohooo teshwe mute ngo ntimurota umugambwe wicamwo duce??kandi vyabaye...nimukure amaso inze kabaye nimusange abandi iyo bari saho nunva bamwe batanguye kunyuruzwa;;nibatekereze na Rwasa yaratekereje kandi aribo bamuhenze iyo bama bajana nabandi mukibiri kare izongorane ziba zaraheze.

  • hahaha!! @Kabizi wewe uvuze ukuri aho onye ntaba UPRONA barimwo ngaho! biraboneka vraiment

  • CNDD yakoranije ababoyi n’abayaya bo mu gisagara ca bujumbura ibaha 5000 FBU yooooo ibimaramare gusaaaa. BRAVO igihe.bi mukuduha inkuru ikoranye ubushishozi. nayo ubundi petero arihenda kuko RWAGASORE ARACAFISE IJAMBO NAHO ATAKIRI KW’ISI. Birababaje kubona muvyita ibirori nimuce muhindura title y’iyi nkuru mwandike ngo ISHANO RYAGUYE KU MUGGUMYA,,,,,,

  • Yemweyemwe uwo MUFASONI Consilia nategwe iteka,ritegwa ABAKENYEZI na BAGABO bukuri nijambo,nabandanye yikura akagaye,turamushigikiye.ndamusavye nshimitse ejo naho agene abo azosubiriza baba shikiranganji bikura mukazi,abo bakeba biw ntaco bazomugira,ntanintambara bazotera ngo tubemerere,ubu turi maso,uwuzihenda ngwatanguj intambara tuzomuvugutira umuti umubereye.abobatama nibatekereze barekere abandi batware,kuki bo badashaka GUPASURA mumabanga,bagomba kuba nkayanyondwi yumira kurushato gw,inka.muri 2015 igihugu kizorongogwa nabarundi bari musi yimyaka 50.mwabatamamwe nimuruhuke mwaracotse.TEKEREZA.Rero.

  • umuboyi wanje yansavye uruhusha rwo kugenda ndarumuha none nimba baciye bamuniga sinzi ariko ngira yaciye kwisororera muri 5000 bamuhaye. yandungikiye message akiriyo ngo yahuriyemwo n’imbonerakure gusa. hahaha mu ma quartiers hafi yayose vyari bigoye kubona umukozi(umuboyi canke umuyaya) muhira

  • Ingorane mu Burundi n iza abahutu n abatutsi, ni iza abanyabururi bashaka kuguma bifatiye igihugu. Ndisigura abahutu n abatusti kubera hariho abatutsi barahiye ko bopfuma bapfa hako batwagwa n umuhutu! Urabona ko aho muri uprona benshi ari babhutu bari bitavye ngaho...vyerekana ko babtutsi bavyiyamirije. Ibinyamauru ni ivya abatutsi. Ivyabaye muri Uprona birababaje abamenyeshamakuru gushika naho bibagira umwuga wabo. Hakumenyesha amakuru ataho begamiye oya bamenyesha amakuru nk abanywanyi ba Uprona! Amatati yo muri uprona naho CNDDFDD iya profita ni amatati y abanyabururi bifatiye Uprona bakaba bahejeje gutangazwa n abava mu zindi ntara batagishaka gutabwa mumanga n abao banyabururi! Niyoyankana ava i gitega, coniliya ava i Muramvya, Sindimwo na Francis bava I Bujumbura...ni baze baradoma urutoki ku ngorane aho ziri vyofasha benshi gutahura...

  • ndababarira nti mu ba dd harikintu cinyegeje iyuma nyivyo bariko baragirira umugambwe wabadasigana uprona none ntimubibonye ko bigaragaye bazanye imbonerakere abakenyerera ruganba umukino nibareke vyabataye kuwamazi ejo muzokumvirize niyobatabaha ayo mahera babemereye ibara rizorwa mumbonerekure bazoyishuza kunguvu . Uprona niwewe duhanze amaaaaso ganza wigaze muburundiiiiii uuuutwereki nziranyaaakuri turonke amajambere suko baraza ndarubigishe jewe ntamahera bazompa bereka guhagarara nkibishitsi vyibiti bataririmba !!!!

  • Ivyobintu vyukunyuruza abantu nibavyitondere kuko vyoshobora kutuzanira akarambaraye!intambara ihere iwabo iherere iwabo

  • Ariko ivyo vyabereye ibujumbura ncanke haze ya buja none abatutsi uko jewe ndabazi ntanumushigantahe, asigaye ngo abakureko abo bantu kugira baje kurongora mwijuru naho ,ubwoko burapfa peeee!!!?%

  • Aba Uprona ndabemeye barafise incabwengenyishi ziziguseruka rukamvye kubona baharaniye ko ibibanza vyabo kugirantibihabwe abandibantu bomuyindi migambwe nkuko vyarivyavuzwe nababifitiye ububash.

  • inkoni yakubise mukeba woyirenza urugo kare ahandiho buraca ikagukubita nawe.iyo menya iza munyuma kandi ntwurondera umukunzi kumukunzi w’inda.murantunge.

  • kuki aba PORONA ari bampeme zuzuye,nabahemu bose ntaba shingantahe barimwo nibumve nabo.ariko bobo nuko bivye kuva kera

  • Muri make,birateye isoni kumva hakiri abantu bagurwa amafaranga! Mbariza concilia mbe abarundi twarikukiye? 5000 asigay agura umuntu! Narababwiy ejo ko harinz hahemuka uwufis icarya ( Concilia,Bazombanza,Sindimwo),abadagifise nabo? Mana tabara abarundi,duharire kuko tutazi agaciro dufise... Igihe.bi,Télé Renaissance, RPA terimbere mukuturonsa inkuru z’ukuri.

  • Abo ba UPRONA murateye isoni pee

  • ehe nukuri umukozi wanj ari ikumafoto!!!!!!! ndumiwe nukuri ndatangaye. bwabundi ivyo bavuze kuri RPA n’isanganiro ndavyemeye. umukozi wanj ejo yatashe yaborewe kandi ambwira ko agiye kuramutsa umugenzi, none ndamubonye vyamunaniniye no kuduza intoke zitatu. ewe manyanga mu burundi bwacu.

  • barundi barundikazi murakwiye gukanura mukabona imbere abanye politique biburundi barahenda abanyagihugu ahanini bakitwaza ubwoko muguta igihugu mukaga bishakira amaronko yabo gwaruka burundi bwejo mukanure ntihagire ababahenda mukuberekako kubera musangiye ubwoko gusa arico gituma mubatora ariko murabe imbere kuko ivyotubandanije tubikorerako ntaho igihugu cacu kizigera gitera imbere

  • nukwihangana ariko nukureba kure.mbega bagamije iki gucamwo ibice umugambwe?

  • Mwitege ihonya bwoko, erega no mu Rwanda nikovyagenze, batutsi muzi ubwenge, muve mu Burundi muhunge bagiye kubamara

  • Kuba umututsi ,umuhutu canke umutwa ikosa ririhe ga barundi mwanyoshwe namacakubiri?Amacakubiriaterwa no kudashaka kwigira kumahanga meshi aho usanga agizwe nubwoko bwinshi ariko ahujwe nokubaka igihugu cabo!!Pole sana mwa banyamacakubiri

  • Izombonera kure nizo bagiye guhendesha ubuyoga? uwo mukozi wa chantal mbonyemwo konahora mbona yiyambarira agpira kaba DD kandi yagiye ambwiye kwagiye kwidiri simenye kwagiye kwivumbira? Mbe nkuyo munyokuru Conciliya aho ashaka inyungu ngobizomumarire iki? ikizi n’abana biwe ariko arakemesha!

  • izosura mubona ari izarwagasore?pore sana ba dd un jour vs verrez.

  • Hahahaha abarundi barantwenza, ntaco nvuga amaso n’umutima birafise ico bimbwira nzovugana n’abagenzi kurivyo mbonye!!!

  • iyo mihimbiri ya baboyi ni mbonerakure nibo ba porona ??Uwo mu president harya arasenga inkoni y’ imana ntisubira i nyuma kandi iyo iyigukubise basi biba biheze

  • Edouard ntiyibuka ingene concilie yigisha comptabilité muri droit mu wa mbere umengo nta diplôme yaronse, aguma yisubizamwo ama jambo na exercice ingene ikorwa. Nejo rero niko bizogenda

  • ewe posiyano uzohaga inombe ubwo aho wahereye iyo nyaga yawe ituzura cokimwe nabo murikumwe musa nka mushikawe concilia na mwenewanyu niyoyankana nobwira umukuru wumugambwe ariwe nditije ko bobandika kumugumya abaronse umudari wibihemu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.