IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibitero 115 vy’amagerenade nivyo vyakozwe mu gice ca mbere c’umwaka

Ibitero 115 vy’amagerenade nivyo vyakozwe mu gice ca mbere c’umwaka

vendredi 15 Ndamukiza 2016, par egide

Mu bushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi bamenyesha ko mu gice ca mbere c’umwaka w’2016, habaye ibitero 115 vy’amagerenade, ibigera kuri 112 bikaba vyabaye i Bujumbura, abantu baharurwa muri 46 baricwa, abagera ku 215 barakomereka harimwo abaporisi umunani n’abasirikare babiri. N’aho biri uko, ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi.

Mu cegeranyo ubwo bushikiranganji bwasohoye, bamenyesha kandi ubwicanyi bwateguwe (assassinats ciblés) bwahitanye ubuzima bw’intwazangabo zitatu z’igisirikare c’Uburundi, hamwe n’abaporisi babiri, harimwo intwazangabo imwe bagandaguwe. Abajejwe intwaro babiri nabo nyene barishwe, nk’uko ico cegeranyo c’ubushikiranganji bw’umutekano kibivuga.

JPEG - 138.5 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Alain Guillaume BUNYONI arongoye ubwo bushikiranganji avuga ko muri ico gice ca mbere c’umwaka, hafashwe inkoho 117, amagerenade 121, amabombe 10 yo mu bwoko bwa mortier 60, ibikoresho bitatu bitera amarokete, ibisasu bine vya mine, hamwe n’amasasu arenga ibihumbi bitanu.

Umushikiranganji w’umutekano amenyesha kandi ko imirwi igera ku 150 y’abarwanyi bakora iterabwoba yafashwe, bamwe muribo bakaba barishikanye, bakiyemerera ko aribo bakoze ubwicanyi butandukanye bwibonekeje mu Burundi. Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko abo bafashwe bavuze ko ivyo bakoze babitumwe na bamwe mu bamenyeshamakuru b’Abarundi, abo mw’itangazamakuru mpuzamakungu, hamwe n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu, kugira inteko mvamakungu zirungikwe mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Ntagitangaje kubona bunyoni amenya igitigiri c’amagrenade yatewe kuko niwe ayatera gusa ndatangaye kumva uwiyita umushikiranji wumutekano yemerako yateye amagrenade jewe navyo narinitezeko avugako navyo yari amareresi yanemeye Ko hari abarenga 40 bishwe urumvako abobantu Baja bamaze guta imitwe mukuvuga bivuguruza kuko yabanje kuvugako atabapfa ahubwo Ari amareresi none Ngo harabapfuye noneho akanavuga kwari 40 gusa nkaho umengo sabantu bapfuye ahubwo twari utunyegeri jewe narabivuze ntamuntu yica abantu azopfa agize amahoro ayo namaraso yabantu mwakishe ariko arababiragiramwo atuma mwirirwa muvuga ayasunitswe nimpwemu naho kwiyita umushikirangaji uba uriko wiseka kuko ntawukuzi wacadukawe tembagarana na nkurumbi mwankora maraso mwe

  • Reka kutubesha twarabahinyuye

  • Usigaranye angahe mwidepo kuko ayo nayo wateye

  • Haraho wibaza kwabarundi ari intama iyurikurabesha

  • Ubwarubutama beshera hiyo

  • Uzobimenya niyo baguta ugo murubwo butama

  • Ariko mumenye amaraso arahuma

  • Ehe Nkiyi Mujeri Yiyita Ngo Nitari Ingwano Yamajambo Ntamugumyabanga Yoteshumurongo Ntanurundi Wumutima Yocivutu Twagwanye Nindege Burende Abasirikare Bugwanda Nabubuganda Ntibigeze Baduterubwoba None Twimujeri Natwisindumuja Mwibwira Yuko Harintanbwe buzoduterana Inkona Ntiyaruzwa Kirazira

  • Ukuri Ryari Ga Wa Muntu We?Ja Muri Panama Papers?

  • Abomwinonywaro Ntanisoni Bagifise ,ntanumwe Yishikanye Nirementanya ,nonekuvubutungane Buvuze Kobuzokwirikirana Abishikanye Kwatawundi Yasubiriye Kuza ?Kwarukugira Ngo Leta Yimenjure Kumabi Ikora Ariko Barihenda Mwisho Abicanyi Bomuri DD Bazoruhira Gutabwa Mumvuto .A bon Entendeur ,salut ,

  • nivyiza komwabafashe nibigwanisho abandibakishikana tugiyekuronkamahoro ndumva takiziga klzosubira gutogwa

  • mutama ministre, dukunda,bandanya ukora akazi mwashinzwe nabenegihugu,tubarinyuma kora akazi abajingitwa bajingitwe.Murumva ko abajournaliste ko babifisemwo uruhara?tohoza n,abandi mutama hama ndabipfurije kubandanya mworohegwa mubikogwa vyanyu merci! Yesu abahe umugisha

  • uyunumugabo mutama Bunyoni( icutazi urabaza!bamwitonda nkotanyi!zakagame.) komera mutama Ministre wa securité mubandanye muturinze natwe tuguma tubasabira ku Mana mushobora vyôse,uwubanka abandureko <mbe tari ntakazi ufise?kuguma kuri internet ?ariko urarushe nka kagame shobuja kuko tuzi ko uri nkotanyi!

  • Mwabuzabogusa Rekakubeshasabogusa Nubuhasigayewwe Komera Tugushira Murikagashokawe

  • Nivyiza Ko Umutekano Uriho.Ariko Abantu Baguma Bapfa, Sinze Ko Umutekano Urih Abantu Baguma Baraswa Bicwa.

  • @intagoheka hahhaah warwaniye hehe nu Rwanda hamwe na Uganda?
    ikibira aba DD barimwo u Rwanda na Uganda byariyo?
    cangwa mwagwanye na FDLR na mayi mayi mumashamba ya Congo.
    icecekere wewe sha intambara yinkotanyi uzayibaze aba bskurikira:
    1 Zaire
    2 Angola
    3 Zimbabwe
    4 ex far (mu Rwanda avant 1994)
    nimwebwe mugiye gukurikira sasa.

  • Ndashimiye.Ubukerebusti.Bwumushikira Nganji

  • Runyenzi byamukomeranye . Muhashye izo nyangaburundi maze izisigaye zijye ziyahura zimanitse mubiti kubera kwicwa n’agahinda.

  • amakuru yizewe afitiwe gihamya nuko uwo mwishe mumumanitse ari muri babandi leta ya nkurunziza peter yazanaga abakuye muri Congo ngo baze bice abanyagihugu ayo makuru akomeza avuga ko yanze umugambi wabasoda bakuru barinze peter wo kuja mubanyagihugu cane cane baba muma cartien yigumuye yanze Mandant ya 3
    ngo batangire kubica , umwiryane uri hagati ya FDLR Peter yanzanye hamwe na leta yibujumbura nuko babambwiye ko bazafashwa na kikwete, hamwe na jacobo zuma abo nabo bikaba byabarangiranye FDLR imaze kubonako ntamaherezo ya Peter kandi ari mumarembera

    igisigaye barundi mwiyamirije Mandant ya peter muragabe mube maso umugambi babafitiye simwiza

  • @Turaje . Uri Akabwa kujuje ibyangombwa....

  • Uyu mureresi wiyitwa TURAJE nje mbona yajya kwa le Gentil. Kuko mumutwe boulots zarangije gucika.

  • @jesh joe . tuzaraba uzojya kwa le gentil mbere

  • UyuTuraje ni igishushumbwa. Ubwenge bwe buri mukibona niho atekerereza.

  • @Turaje. Umeze nk’ikiyongoyongo. None se wambwa y’umusongarere hari ikindi ushoboye usibye amatiku wirwamo kuri uru rubuga. Mwamenyereye kurya ibya gusa muri politique ya Ruharwa Kagame yitwa (Muhutu kora hanyuma njye mututse ndye) . None imidigi isigaye yarabokamye!! Warangiza ngo witwa TURAJE (kurya ibyo mutahinze).

  • mukoriki?
    1 mwishe abantu , muhabwa imbabazi ntakibazo
    2 inka zarariwe babaha izokorora muranywa amata ntabwaki mukirwara
    3 mwasenye amazu babaha amazu yagusa

    ubwo abazi gukora nabahe ? ibaze hanyuma wisubize 1-0.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.