Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu ca Kenya gishaka kuba icibare c’ubuhinga bwa none mu (...)
Igihugu ca Kenya gishaka kuba icibare c’ubuhinga bwa none mu gutumanatumanako amakuru
mercredi 23 Nzero 2013
Kenya yatanguje ibikorwa vyo kubaka ico yizera ko kizoba ikibanza ca mbere gikuru muri Afrika kiberamwo ikoranabuhanga rya za ordinateur nka Silicon Valley yo muri Amerika.
Umukuru w’igihugu Mwai Kibaki yahagarikiye ibikorwa vyo gutanguza uwo mugambi w’akataraboneka i Konza, akarere kari mu bumanuko bwa Nairobi, aho ico cibare gishasha c’ikorana buhanga kigiye kubakwa mu myaka 20 iri imbere.
Uwo mugambi uzotwara amahera ashika ku miriyaridi cumi na zine n’igice z’ama dollar, uzoba urimwo ibibanza biberamwo urudandaza, za kaminuza zikora ubushakashatsi hamwe n’ikoranabuhanga.
Hazoba kandi amazu yo guturamwo, amashure hamwe n’amavuriro.
Grace Irimbere