Accueil > Amakuru > umutekano > Igipolisi cahagurukiye uturwi tw’abasuma muri komine ya Rohero
Igipolisi cahagurukiye uturwi tw’abasuma muri komine ya Rohero
mercredi 16 Gitugutu 2013
Mu gihe abanyagihugu bo muri komine ya Rohero cane cane muri Rohero ya mbere n’iyakabiri, ku mabarabara yinjirana ikiraro Mao co kimwe n’ibarabara ryinjira muri quartier Asiatike uvuye ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi, abanyagihugu bobmuri iyo micungararo bidoga bavuga ko hari uturwi tw’abasuma tugisibije mu kwambura abantu iyo bugorovye.
Muri quartier ya Asiatique, uwuyirongoye umupfasoni Médiatrice Ndayisaba akaba atarya umunwa mu kwemeza ko hariho akarwi k’abasuma muri iyo karatiye arongoye. Uyo mupfasoni rero akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko muri iyi minsi abapolisi bazanwe muri ako karere ari benshi kugira bashobore gutuza akarwi k’abasuma bivurwa ko koba karongowe n’uwo batazira Mukono, ndetse yoba afise amamuko yo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Umukuru wa quartier Asiatique rero co kimwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo komine bose bakaba bamenyesha ko ubu hashizweho abapolisi benshi bagiye guhasha uyo murwi co kimwe n’abatimbayi bivurwa ko banywera urumogi ku mugaragaro aho muri iyo quartier. Ubu rero kuva hagati mu gisagara ca Bujumbura ugashika epfo ya kaminuza yitwa Sagesse d’Afrique hakaba hagiye gucungerwa bimwe vy’akarorero, nk’uko vyamenyeshejwe n’uwo arongoye quartier Asiatique.
Aristide Nizigire
Messages
28 Gitugutu 2013, 16:36, par Coldman’Zi
Bien fait, ni uko bacungera umutekano!! Abansi b’amahoro bakoresha abantu mwene abo mu kuja babaha ibiyayur’umutwe kugire bigire surivu. Abo bose bagir’amarigara muri ville n’ahandi kubera ataco bafise bakora atari ugukeka abo biba, ni ukubagabisha hama abategetsi banateguze ababo canke abavyeyi. Concernant les mayibobo, ni ukuraba aho mubashira abaje bava ruguru babasubize iwabo. Je nagira nti kuv’isoko nkuru ya Bjumbura iheye, rwa ruja n’uruza rw’abantu kuri Bata n’ahitwa kubavunjayi rwaheze. Usangwa ari uko bicifashe, Imana ishimwe kumva les terroristes batari mwo.