IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi catanguje umugambi wo gutororokanya ibiharuro ku (...)

Igiporisi c’Uburundi catanguje umugambi wo gutororokanya ibiharuro ku vyaranguwe

mardi 17 Kigarama 2013

Gutororokanya ibiharuro mu bikorwa vyose minsi yose, ni bimwe muvyofasha kugurikiranira hafi ibiba vyakozwe.

Mu ntumbero yo gukurikiranira hafi ibikorwa biba vyakozwe no gukurikirana neza imigambi iba yateguwe, hatangujwe ku mugaragaro kuri uno munsi, igenekerezo rya 17 Kigarama 2013 umugambi wo gukomeza itororokanywa ry’ibiharuro mu bikorwa vya minsi yose mu bushikiranganji bw’umutekano, kugira ivyakozwe vyose bimenyekane.

OPP1 Habonimana Apollinaire, umuhuzabikorwa w’uwo mugambi, yamenyesheje ko iciyumviro co gukomeza itororokanywa ry’ibiharuro mu bushikiranganji bw’umutekano, ari umugambi watangujwe na Reta y’Uburundi kugira ibikorwa bisanzwe bikorwa mu mirimo ya minsi yonse bimenyekane.

JPEG - 37.7 ko
OPP1 Habonimana Apollinaire

Kubijanye n’akarusho kazokwiyongera kuvyari bisanzwe bikorwa, OPP1 Apollinaire Habonimana amenyesha ko umugambi wo gukomeza itororokanya ry’ibiharuro mu bikorwa vya minsi yose, uzotuma ibikorwa vyose vyakozwe bishirwa ku mugaragaro, imigambi yose yateguwe ishobore gukurikiranirwa hafi, uwo mugambi wongere ufashe kandi no mu gutegura imigambi y’iterambere kuri bose.

Umuhuzabikorwa w’uwo mugambi wishinze gukomeza itororokanya ry’ibiharuro mu bikorwa vya minsi yose mu bushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uzoba werekeye igisata c’igiporisi mpanavyaha, igiporisi kiraba ivy’amategeko agenga amabarabara, igiporisi kiraba imbibe, igisata kiraba ivy’itunganywa ry’amafaranga mu nzego zibiraba, igiporisi kijejwe gukinga impanuka hamwe n’igisata kijejwe gusuzuma no gukurikiranira hafi ikoreshwa ry’ibirwanisho bito.

Mwomenya ko uwo mugambi uzotangura kurangurwa mu ntara ntara ya Ngozi, Mwaro, Makamba na Rutana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.