Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cafashe abagirizwa urupfu rwa HARUNA GAHINGA
Igiporisi cafashe abagirizwa urupfu rwa HARUNA GAHINGA
jeudi 29 Gitugutu 2015, par
Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe abagirizwa ko aribo bagandaguye Haruna Gahinga, yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru mu Burundi, ubu akaba yari umurorerezi n’umukunzi rurangirwanwa w’umurwi Nserukiragihugu w’Uburundi (INTAMBA MU RUGAMBA).
Amakuru dufise amenyesha ko abantu babiri bagirizwa ko aribo bagandaguye Haruna Gahinga, bafatiwe muri zone ya Bwiza, mu gatondo ko kuri uwu wa kane, n’imodoka barimwo igihe bamugandagura bamurashe ikaba yafashwe.
Haruna Gahinga yagandaguwe n’abantu bari mu modoka, bakaba bamurasiye mu Buyenzi kw’ibarabara rya 3 nomero 50, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba.
Uwo yari asigaye ari mukunzi akomeye w’umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi, abamuzi bamwibukira mu mirwi yakiniye mu myaka iheze nk’umurwi wa Vital’O, Inter Star, Kiyovu yo mu Rwanda hamwe n’iyindi yakiniye imbere y’imyaka y’1994.
Kuva aho abereye umukukuruke, Haruna Gahinga yakina mu murwi wa Alléluia FC usanzwe ukinamwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Asize umugore n’abana babiri.
IGIHE
Messages
29 Gitugutu 2015, 15:09, par None?
Biranezereje kubona hafatwa abicanyi nkabo kandindaziko abobishe bashoborakubaribeshi?
29 Gitugutu 2015, 19:30, par KAGOMA
MURABE NEZA NTIHAGIRE UWUHOHOTERWA KUKO NIBISHASHA GUFATA UMWICANYI MUBURUNDI
30 Gitugutu 2015, 07:08, par alice
yugayiciwe icawe kiracarangaye.ugingwababikozebobazumirakwisi?
31 Gitugutu 2015, 18:51, par NGENDAKUMANA Emile
Dukunde gusenga.
31 Gitugutu 2015, 21:26, par ukuri
Ivyo nibishasha none abantu bamaze imisi bariko baricwa kwatawe barafata yabishe,ivyo ntaco bigamije atari kubandanya umugambi wa cndd mubi wo kwica no guhohotera abadashigikiye 3 em mandat
1er Munyonyo 2015, 13:34, par philbert
Amana imwakire mu bwami bwayo. Amaraso ya Haruna ahumire abamugandaguye bapfe bangara nka Gahini co kimwe na CINARED yabatumye
3 Munyonyo 2015, 05:15, par danis
Nawe yakoze ibara mu rwanda
11 Nzero 2016, 12:58, par KWIZERA J.Claude
Turabuze umuntu atera intege imirwi yacu. Imana imwakire mu bwami bwayo.
11 Nzero 2016, 13:00, par KWIZERA J.Claude
Turabuze umuntu atera intege imirwi yacu. Imana imwakire mu bwami bwayo.