IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi casatse ku nguvu urugo rw’umushingamateka

Igiporisi casatse ku nguvu urugo rw’umushingamateka

mardi 31 Ntwarante 2015, par Egide N

Urugo rw’umushingamateka Moise BUCUMI yatowe mu ntara ya Ruyigi rwazindutse kuri uwu wa kabiri rwugarijwe n’abaporisi bashaka kumusaka, kandi amategeko atevyemera ku mushingamateka atarakurwako ubudahangarwa.

Abanyagihugu bo mu Carama bamenyesha ko abo baporisi bashitse aho ku rugo rwa Moise Bucumi mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri. Kuri uwu wa kabiri akaba ariho bamenyesha ko bazanywe n’ugusaka urwo rugo.
Mu gihe umushingamateka Moise Bucumi yahoze ari umushikiranganji w’ubutare n’agataka, asanzwe ari mu rugendo rw’ibikorwa vyiwe mu gihugu hagati, abo baporisi bankiwe kwinjira gusaka urwo rugo, kuko mu mategeko umushingamateka kugira asakwe, inama nshingamateka ibanza gukorana ikamukurako ubudahangarwa. Abo baporisi bahinjiye ku nguvu, barasaka, ariko akaba ata kirwanisho na kimwe bahasanze.

JPEG - 47.2 ko
Umushingamateka Moise BUCUMI

Mu giporisi c’Uburundi basigura ko iyo biketse vy’ikibiriraho urugo bategerezwa guca barusaka, naho rwoba ari urugo rw’umushingamateka, canke uwundi munyamahanga uwariwe wese. Twarondeye OPC1 Liboire Bakundukize umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, kugira atumenyeshe ayo makenga y’ikibiriraho igiporisi cari cagize ku rugo rw’umushingamateka Moise Bucumi, ariko akaba yatwishuye ko adategerezwa kuyatubwira ayo makenga. Mukibuka ko umushingamateka Moise Bucumi ari mu bategetsi ba CNDD FDD baheruka kwirukanwa mu mugambwe, inyuma y’urwandiko bateyeko umukono, biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.


Egide Nduwimana

Messages

  • nikuza murabasaka abo bagabo kuko bashaka kudusubiza mu yabira ariko ntanambwe baziduterana kuko abanyagihugu twifuza amahoro numutekano.
    Igipolsi naco nibaza gifise uko gitunganijwe kuko aho biketse hose bategerezwa kuhinjira kugire barabe ko atabihungabanya umutekano biriyo.

    Turashimiye cane igipolisi cuburundi ingene ciyegereza abanyagihugu.

  • MUBURUNDI NTAMATEGEKO AGIKORA.AHO BIGEZE BITEYE UBWOBA KUBIKORWA KURIYI NTWARO.AMATEGEKO BARAZI KUYASOMA,ARIKO KUYUBAHIRIZA NTAVYO BASHOBOYE.IKIZOTEMBAGAZA UBUTEGETSI BWABO,SABANTU ABARIBO BOSE,BUZOKURWAHO N’UHORAHO IMANA.ABASIGAYE NAHO BOBIGERAGEZA KUBUTEMBAGAZA NTAVYO BAZOSHOBORA.

  • UKURI KURI HAFI

    KOMEZA MUSENGE IMANA IRUMVA

  • Nibaje gusaka kwa Adolphe irya njavyi ....sha buca tubereka rindira abagumyabanga Bukuri turajeeeeeee kurya twahora twinubana rimwe narimwe mwishamba ubu hoho tuzobasogota rira bien qui rira le dernier..

  • None jew harikintu mpora niyimvira iyo mbonye ivyo abo ba dd bigira ivyo inda zigira mwikabutura none barafashe igihugi canke bagihawe namasezerano yi Arusha none akakanya bamaze kwibagira icatumye bahunga ?

  • aba porisi biburundi nibijuju ahubwo jewe burantanga ntanumwe ahebwa ni dolls 1oo ugasa bwigize ubwadanje bwivyimbisa ariko bupfiriye mwideni ahavuje akantu ubasangayo naho ntanumwe ahebwa ni 1oo rya ma dolls nimubureke peter abuhende buzozana nawe

  • Bonne Action!! si juste; Faitez Aussi Ça Aux Présidents Cndd-Fdd Au Niveau Provicials Et Communals dans tout le Pays, Chez Lt Gen. Adolphe Nshimirimana, KAZUNGU, PASCAL NYABENDA( président cndd-fdd) et tous les Représentants COLLINAIRES des IMBONERAKURE en Province de BUBANZA.

  • Bonne Action!! si juste; Faitez Aussi Ça Aux Présidents Cndd-Fdd Au Niveau Provicials Et Communals dans tout le Pays, Chez Lt Gen. Adolphe Nshimirimana, KAZUNGU, PASCAL NYABENDA( président cndd-fdd) et tous les Représentants COLLINAIRES des IMBONERAKURE en Province de BUBANZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.