Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi kirabeshuza abavuga ko abanyarwanda bariko barirukanwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kirabeshuza abavuga ko abanyarwanda bariko barirukanwa mu (...)

Igiporisi kirabeshuza abavuga ko abanyarwanda bariko barirukanwa mu Burundi

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Igiporisi c’Uburundi kirabeshuza abavuga ko abanyarwanda baba mu Burundi bariko barirukanwa ku butaka bw’Uburundi. Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Nkurikiye Pierre Claver amenyesha ko bariko bakora ibikorwa vyabo vya minsi yose vyo kurondera abanyamahanga baba mu Burundi batabifiye uburenganzira.

JPEG - 12.6 ko
OP1 Nkurikiye Pierre Claver, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ku munsi wa kabiri, abaporisi barafashe mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hamwe no muri komine Giharo iri mu ntara ya Rutana, abanyamahanga 48. Muri abo bafashwe, 42 ni abanyarwanda baba mu Burundi. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko igihugu c’Urwanda kitigeze kibasaba ko barungika abo banyarwanda, ahubwo ko kwabaye ugufata abanyamahanga baba mu Burundi batabifiye uburenganzira, muri bo hababa harimwo abo banyarwanda badafise impapuro zibaha uruhusha rwo kuba mu Burundi, canke kuhakorera. OP1 Nkurikiye Pierre Claver, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko ibikorwa nk’ivyo bigiye kubandanya no mu yindi mihingo y’igihugu, ari naco gituma abanyamahanga baba mu Burundi, canke bahakorera borondera impapuro zibaha ubwo burenganzira, kuko abazofatwa batazifise bazoca birukanwa.

Ku bijanye n’abo banyarwanda baheruka kwirukanwa ku bwinshi, mwomenya ko mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko ata mpunzi z’abanyarwanda zikirekuriwe kuba mu Burundi, kuko amasezerano yabaha ubwo burenganzira yaheze ku genekerezo rya 27 Ruhuhuma 2014. Impunzi z’abanyarwanda zahora mu Burundi akaba ari izaje kuva mu mwaka w’1959 gushika ku genekerezo rya 31 Kigarama 1998.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyo kwirukana abanyarwanda nizera kwari ukuri kuko Police yuburundi barazi aba congo benshi bibera iwacu ata vyangombwa ata nsiguro nimwe yico baje kurangura iwacu bigeze batanga;akarorero Buyenzi,Bwiza,Mutakura,nyakabiga nahandi kandi ubutegetsi bwacu nyene bukabaha namakarangamuntu atararekuriwe abanyamahanga!Hari nabadi ngo nabarundi batanavuga nikirundi turabazi babanyamahanga bibera iwacu ata n’akama canke n’uducimbiribavukamwo muburundi!!Nibarye aahera ya Kagame bice benewabo babashora kumbugita.Mbega Peter canke Adolphe iyo Tanzania yumvira amategeko ya Buyoya Ikabirukana mu KIREREMA NA MUYOVOZI(adolphe) ubu baba bakiriho.NTIMWIBAGIRE IYO MWAVUYE NAYESU YARABAYE IMPUNZI bahungu.Mushaka kugenzura abanyamahanga hera kurabo mwahaye ubutegetsi(Les Kalenga Ramadhani,..etc)

  • We Nayuburundi abo banyarwanda batabirukanye ejo uzokumva biyise kumwe biyita abanyamurenge batangire batere akaduruvayo ngo nabarundi,jewe ndabishigikiye ahubwo babahashe kuko benshi ni abatutsi kandi baza muri izo modoka zitwa Volcano.ahubwo abapolice baje bazisaka cane jewe mbona ziteye amakenga.

  • Nonega ko mu burundi dukomeza kwikeka amabinga ngo; yemama abanyarwanda baziyita amazina nk’ayo biyise muri Congo Kinshasa mukekako haraho mukibigarurira? Ikibabaje ni abana b’urwaruka murogesha ivy’iswe imigambwe kandi mubiziko atariyo!. None ko twamaze gusubira kugira abo twokwita impunzi mu Rwanda mbivuz’uko kuko abahunze mbere bashikira mu ma kambi ya UNHCR bikamenyekana!, kandi ntivyababujije kuyatoroka nubwo barindwana igitsure gikaze, bandurutse bagira ivyo bagizen vyandurutsebibananira jkugumya! Uyu musi dufiseyo Intwazangabo z’intarumikwa, abana babo n’abo zareze abapolisi bahezwe bariko barabahata umusunu ku ngoro ya base(ku mugumya), mukekako bishobora guherera aho?. Abo kukinyamakuru Igihe Sindi Umunyapolitiku ariko Nkundira nsemerere, Abategetsi bakunda gushira amashurwe ku mva z’ababataguriye, mugabo ntibabigirako, niyo biswe ngo;babigiyeko barabiyitirira canke bakigana integenke zabo ubutwari bukibairwa!

    Uwoshaka yobonako Habyarimana Juvinal w’Urwanda Imana yamukunze akigira ruikubita, nayo abacu bashobora kuzobura uwo mu gisha yagize. Enda ca bugufi mwababiririra mwe namwe mwese ababirirana mukingire Uburundi aka kaga! Mbabarira ni mutakundako ubu butumwa burengaana murabubike ahantu. Kuko butazobura gusohora. Umwami Dawudi wewe iyo ibintu vyamuzungura yaramenya uwo yirukira, yiruka mu ngoro y’Uwiteka canke mw’itaba amwitirira agaca bugufi kandi akishurwa; Ku ngoro y’Umugambwe runaka(imvuze iya Uprona gusa)"Ntanyishu iriyo"

  • Nemera cane ntakekeranya ko iibazo dufise bifise inkomoko ahanini zifatiye ku nda ndende z’akagwi kabantu bake bari kubutegetsi bafukamye bene burundi munda!!akarorero:Rapports za OLUCOM kumpusha n’umwimbu mubutare nagataka!!

  • Nimubohereze i kigali kuko Leta y’urwanda niyo yivugiye ngo ntihagire umunyarwanda wongera kwitwa impunzi byaba byiza uburundi butwoherereje bariya bose bahunze 59 bakaza gusogongera kw’iterambere.kubwanjye uburundi bukwiye kubohereza iwacu mu Rwanda vuba!!

  • Umunyafrikayarakwiye kuba aharihohose mur,Afrika.Mugihe boba barabonye ko bagomba guhungabanya umutekano kubatekeza birakwiye.Nacane cane abo bo mu1959.

  • INZEGOZUMUTEKANO NIBARONDERE KUBWISHI NIBO BAHUNGANYA UMUTEKANO NABIGAMUMAKAMINUZA BABANYANDWANDA MUBASUZUME IVYABO BIRATE AMAKENGA

  • kubera bavuga ngo aburundi ngo turi muntambara bakabibwira biwabo bari hanze haba murwanda canke nahandi twasaba abo badafise uburenganzira bubaranga bwokuba mu b’urundi ni birukanwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.