IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kirahakana ko ata bantu umunani bahafatiwe ku Musaga

Igiporisi kirahakana ko ata bantu umunani bahafatiwe ku Musaga

jeudi 22 Gitugutu 2015, par egide

Abantu bagera kw’icumi bafashwe n’abaporisi muri zone ya Musaga. Nk’uko abanyagihugu babibonye bemeza ayo makuru badahurizako n’igiporisi, umunani muri abo bantu bafatiwe ku Musaga, babiri nabo bakaba bafatiwe mu Kinindo.

Abanyagihugu bo ku Musaga bavuga ko babibonye bamenyesha ko abantu bo ku Musaga batwawe n’imodoka y’igiporisi itagira iparati ndangamuduga. Babasanze aho bari bahagaze kw’ibarabara, babafatirako inkoho, baca barabajana batabamenyesheje igituma. Abaporisi bari muri iyo modoka bakaba bagiye bararasa.

Umuvugizi w’igiporisi arahakana ko hari abantu bafatiwe ku Musaga, akavuga ko abo azi bafashwe n’igiporisi ari abantu batatu bafashwe mu Kinindo, mu gihe igiporisi cariko kirasaka ibirwanisho. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko uretse abo ata bandi bantu bafashwe n’igiporisi c’igihugu aho ku Musaga.

OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo batatu bafatiwe muri karitiye ya Kibenga, zone Kinindo, komine ya Muha, bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Amakuru ava aho mu Kinindo avuga ko babiri muri abo bafashwe ari Emmanuel Kimana hamwe na Clovis Ntukamazina, bompi basanzwe ari abanywanyi b’umugambwe MSD.


IGIHE

Messages

  • UMUNSI W’UHORAHO URI HAFI, UKO WAGIZE NIKO UZOGIRIRWA.UKO UFATA ABANDI NIKO NAWE UZOFATWA.UKO UTOTEZA NAWE UZOTOTEZWA.

  • turashakakumenya imvoyatumye abobantu bafatwa.

  • murakoze kuza muratwereka ayo mafoto yabo bantu bamaze abantu cane cane abakuru babo.

  • Ko ariko arahakana usanga bagomba kuja kubica. Amaraso arahuma ntimwibaze ko muzoronka amahoro mwishe abantu kandi turi muri 21eme siecle ntanakimwe muzokora ngo kireke kumenyekana

  • NTAKUNDI ABO BARISHWE KO BARI BAFASHWE NIGIPLICI KWARUKWICA GKO NTAKANDI KAZ ATAR UKWICA MUGABO BIZOBAKWIRIKIRANA MUBUZIMA.

  • Nkurikiye amaraso ntawe yereye!
    None ayo mahera uzoyatwara he ga mon frere ko ari aya rusiferi, sha urambabaje kabisa vuga ukuri urakuze. Le sang des innocents!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! Genda ukizwe Imana ni inyabuntu hanyuma wihane kuko ujejeta amaraso

  • Il s’agit d’Emmanuel Kamana de la zone Musaga àla 3ème avenue. Il a été arrêté mercredi 21 octobre 2015. Ses proches indiquent qu’il était filé par des éléments de l’API (Appui pour la Protection des Institutions) parce qu’ils l’ont arrêté au niveau de l’avenue du large. Les membres de sa famille affirment avoir fait le tour dans différents cachots et prisons dans l’espoir de le retrouver sans succès. Ils sollicitent l’intervention des défenseurs des droits de l’Homme pour que ce membre du MSD ne soit pas exécuté.
    Contacté par Iwacu, Pierre Nkurikiye, porte-parole de la police dit ne pas être au courant de ce cas : « Ce cas ne figure pas dans les rapports reçus. »

  • nimwitege ibiziga vyabo muminsi mike bizoba vyatowe kwibarabara. igihugu kitwawe nabicanyi

  • Uko biri kose abica bozopfa nabone!! Ikibabaje nuko Imana izobabaza amaraso basheshe kandi atayo baremye

  • Gezaho bwana abo wishe baramaze TROP C’EST TROP!

  • Abo nabamenyekanye abatamekana nibo beshi, aboyahakanye gayibaza kwabanyagihugu aribijuju bavuga icobatabonye? ni bareke birazwiko batoranye umwuga woguherengeteza abenigihugu,mugabaho bariko bikwegera umuvumo.

  • we sha urekura amajimbiri wa muhimbiriwe murica nabi mura tortura abanyagihugu l heure va bientot sonner kizobagira muzokwicuza bitagifise igaruriro mwebwe ba gahini

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.