Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kirahakana ko hari uruhigi rw’abahoze mu gisoda ca (...)
Igiporisi kirahakana ko hari uruhigi rw’abahoze mu gisoda ca Reta
jeudi 26 Rusama 2016, par
Ubushikiranganji bw’umutekano burahakana amakuru avuga ko hoba hari uruhigi rw’abahoze mu gisikare ca Reta (Ex FAB). Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ivyo bivugwa ari ibihuha, kandi ko ababikwiragiza ari abashaka guhungabanya igihugu.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa kane, inyuma y’igandagurwa rya Colonel RUFYIRI Lucien, umukukuruke yahora mu gisirikare ca Reta, OP1 Pierre NKURIKIYE avugira ubwo bushikiranganji yiyamirije ubwo bwicanyi, ahoza n’umuryango wabuze. Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko Colonel RUFYIRI yaheruka kwitura igiporisi avuga ko hari umurwi w’abantu ushaka kwihagira itongo ryiwe riri mu Maramvya, komine Mutimbuzi.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abagandaguye Colonel RUFYIRI Lucien bafatwe, bashikirizwe ubutungane, igiporisi c’Uburundi kikavuga ko amatohoza niyahera ariho bizomenyekana namba iyicwa ry’iyo ntwazangabo ryoba rifitaniye isano n’amatati y’iryo tongo ryiwe riri mu Maramvya, komine Mutimbuzi.
Colonel RUFYIRI Lucien yarasiwe kuri uwu wa kabiri imbere y’urugo rwiwe mu Ngagara, muri karitiye ya kabiri.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko umwe mu bantu bishe Colonel RUFYIRI Lucien yamurashe amasasu ane akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, abo bantu bitwaje ibirwanisho bakaba kandi bakomerekeje n’umuhungu wiwe.
IGIHE
Messages
26 Rusama 2016, 17:23, par bernard
Birababaje.
Mana tabara
26 Rusama 2016, 18:04, par gasore
bandanye ruriy abandi rutabibagiye.
26 Rusama 2016, 18:04, par CAKIRA
nimwirambire mutama NKURIKIYE tubarinyuma ,rero natwe abarundi turamaze kubona ko ari amayeri inkozi zamaraso nacane cane bamwe bipfuza gutembagaza ubutegetsi bariko bakoresha, mukugirango bigire mubiganiro,none rero twarabahinyuye ariko nyakwubahwa nimuduhe uruhusha uwo dufashe ateye za grenade canke arashe atari uwujejwe umutekano tumuturire kurya baturiye ERIC munyakabiga muzoba mukoze sindabategetse mugabo ndabasavye!
26 Rusama 2016, 18:05, par CAKIRA
nimwirambire mutama NKURIKIYE tubarinyuma ,rero natwe abarundi turamaze kubona ko ari amayeri inkozi zamaraso nacane cane bamwe bipfuza gutembagaza ubutegetsi bariko bakoresha, mukugirango bigire mubiganiro,none rero twarabahinyuye ariko nyakwubahwa nimuduhe uruhusha uwo dufashe ateye za grenade canke arashe atari uwujejwe umutekano tumuturire kurya baturiye ERIC munyakabiga muzoba mukoze sindabategetse mugabo ndabasavye!
26 Rusama 2016, 19:19, par BUMWE
MANA GARUKIRA UBURUNDI
26 Rusama 2016, 20:03, par jean
Ko badafatwa none?kandi igihugu gitekanye 99%
26 Rusama 2016, 20:14, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 20:17, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 20:20, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 20:23, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 20:27, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 20:28, par Pastor benard
Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.
26 Rusama 2016, 21:41, par Vivi
Shankrikiye Wogomba Ukemera Barikobararondegwa Bidasanzwe ! Numwanayobikubwira Ahubwobativunye Bagiyeguhona !!
26 Rusama 2016, 22:59, par Boss
Mbega DD mwahevye kugandagura aba EX FAB mubahora ubwoko bavamo impera nimperuka muzavyishura takitagira iherezo ikimbabaza ni Buyoya yabahaye igihungu mundashoboye kuyobora mbega Sinduja yagiye kwinyegeza Hama NGO ni president wigihugu mandat yivyi zaherana na maraso ya barundi
27 Rusama 2016, 05:56, par V
Mbe mwi baza ko abantu Ari bi juju nka mwe ko bita boneka ko Ari honya bwoko rya ba Tutsi muriko murakora ku mu Gara garo hama ngo nta ruhigi muriko mura gira nkuko mwa miza mu kanwa kanyu ko amahoro Ari 99% ariko muri henda vyose bizo bahererako kandi uko muriko mura wu cana Niko muzowota
27 Rusama 2016, 08:28, par copy
None wagira ngo muvyemere. Nimuje mu matohoza nkuko bisanzwe, atagira ico atanga!
27 Rusama 2016, 09:12, par Kabango
Police irimwo guhenda abenegihugu, ubwo se aba ba officier superior ba exfab baricwa nande, igiporisi gishatse kyakwinumura, ibi birimwo gukorwa nikibondo kirabibona.
27 Rusama 2016, 09:15, par nyanzira
biranzi nimbonerakure zibicamutëyèhamwe murahumbantahomuzotumara kùrikiye nadorofe yarisombikèyaramwishe peter nikinyamaswa
27 Rusama 2016, 09:22, par tari
None mwagomba igipolisi kivuge ngwiki kurwo ruhigi arico kirurongoye arico kuri inyuma yubwo bwicanyi nukuri haragezeho amakungu yoza gutabara abarundi ataraho naho ibira rirashobora kurwa mugihugu cacu c’uburundi ikindi uyumusi ntivyumvikana ingene uburundi bwoba bufise inteko zagiye kugarukana umutekano mibindi bihugu mugabo twebwe iwacu turiko turahona niba bananiwe kuturungikira izabo nibadusubize izacu zize gucungera umutekano wacu kuko ahobukera namakungu ibibintu azotegerezwa kuvyishurako
27 Rusama 2016, 10:32, par Tari (chez le gentil)
Njyewe Tari mbasabye
Ikigongwe kuko indaro yanjye ni kwa Le Gentil. Iyo ntaranywa imiti yacu yabasazi mvuga amagambo mabi acafuza uburundi. Mumbabarire sinjyewe koko ni nostalgie y’ubutegetsi bw’abicanyi (Buyoya, Bagaza, Micombero) yotumye nsara.
27 Rusama 2016, 11:18, par Jean Freury Ntibazi
Yooo None Muzogeza Ryari Kumarana?!Imana Nigarukire Uburundi
27 Rusama 2016, 12:41, par bukuru
ehhhh!!! mon Dieu!!! Burundi kweri! ou se trouve le president de la republique et son mandat d’assurer la securite du pays? un president mortel et aveugleeeeeeee(ikijuju)
27 Rusama 2016, 17:08, par kariyo
Ukora iciza ukagisanga imbere, ariko nikibi naco nuko.Yoba yari yarakurikiye Rufyikiri arangije aguma ngaha ataritse amazuru ngo ntazomenyekana? ko abo ba frondanye biyirukiye ntiwosanga nawe yari point focal ngaha??
Tubitege amaso
27 Rusama 2016, 17:57, par Unifier
None nimba ari uruhigi rw,abahoze mu gisirikare ca kera ,, nyakwigendera Adolphe na Darius bishwe nabo nyene kuko bahoze mu gisikare ca kera be nabandi ntiriwe ndavuga? Reka guta umwanya nta gisirikare c,ubwoko bumwe kigikunda . Twese tuva k,umuntu umwe turavukana
28 Rusama 2016, 11:45, par Bisogo
@tari. Nibyo rwose nkurikije ibyo wandika wibera kwa LeGentil (warasaze)
2 Ruheshi 2016, 12:41, par Anick
Birabasha