IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igisirikare c’Uburundi cemeje ko hari umusirikare yazimiriye ku (...)

Igisirikare c’Uburundi cemeje ko hari umusirikare yazimiriye ku Musaga

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Muri zone ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura hari umusirikare w’Uburundi yahiciwe kuri uwu wa kane, mu gihe yari kumwe n’abandi bajejwe umutekano bariko basaka ibirwanisho mu gatondo ko kuri uwu wa kane.

Amakuru ava ku Musaga amenyesha ko vyabereye kw’ibarabara rya mbere, aho umwe muri abo basirikare bariko barasaka yicwa, ayo makuru akavuga ko uwo yishwe yavuga ikinyarwanda, bikavugwa ko yoba yari INTERAHAMWE yambitswe impuzu z’igisirikare c’Uburundi.

Mu gisirikare bavuga ko ico bazi ari uko hari umusirikare yazimiye ari mu gikorwa c’ugusaka ibirwanisho ku Musaga, ariko bakavuga ko bataramenya namba yoba yarishwe.

JPEG - 25.4 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yamenyesheje ko ata musirikare w’Uburundi baramenya ko yishwe, akemeza ahubwo ko hari umusirikare wo mw’ikambi ya Muha yazimiye mu gihe yariko arafashanya na bagenzi we gusaka ibirwanisho aho ku Musaga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.