Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisirikare c’Uburundi kirabeshuza amakuru y’ihungabana ry’umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igisirikare c’Uburundi kirabeshuza amakuru y’ihungabana ry’umutekano

Igisirikare c’Uburundi kirabeshuza amakuru y’ihungabana ry’umutekano

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Mu gisirikare c’Uburundi barabeshuza inkuru zivuga ko ku muhingamo wo ku munsi w’Imana hari umurwi w’abarwanyi watanye mu mitwe n’abasirikare b’Uburundi ku kirindiro co mu Rukoko. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha kandi ko n’ibivugwa ko hari abantu bahasize ubuzima ari ikinyoma, kuko umusirikare umwe gusa ariwe yakomeretse bisanzwe, ubu akaba ariko arakurikiranwa kwa muganga.

Bukeye rimwe gusa humvikanye amasasu atari make yamaze nk’iminota mirongo itatu ku kirindiro co mu Rukoko, hari umurwi w’abarwanyi, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’uwo murwi w’abarwanyi Eraste Dondogori, waciye umenyesha ko aribo bateye ico kirindiro, bakamenyesha ko biteguriye kurwanya ubutegetsi buhari. Uwo murwi w’abarwanyi, biciye kuri uwo muvugizi wabo Eraste Dondogori, wamenyesheje ko abasirikare batanu aribo baguye muri ico gitero bavuga ko camaze amasaha arenga abiri. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’uwo murwi w’abarwanyi abandanya avuga ko bashoboye n’ukugenda batwaye bimwe mu birwanisho vy’abasirikare b’Uburundi.

Mu gisirikare c’Uburundi barabeshuza ayo makuru, bakamenyesha ko ari akarwi k’abitwaje ibirwanisho kaje kava mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kiyadukiza ku ruhande rwa Rusizi, gasotora abasirikare b’Uburundi, baca babona kurasana nk’umwanya w’iminota mirongo itatu. Muri ukwo kwishurana amasasu, umusirikare umwe yarakomeretse bisanzwe.

JPEG - 16.9 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arahumuriza abarundi, akamenyesha ko umutekano muri ako karere ka Rukoko, hamwe no mu gihugu cose wifashe neza muri rusangi, akanamenyesha kandi ko n’amabarabara yose yegeranye n’aho humvikaniye amasasu yuguruye, kandi ko abasirikare b’Uburundi barikanuye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yewe kuhumuriza nivyo ariko mukibuka ko twebwe dukuze tuzi uko nyangoma na Gahutu Rémy ariko bitwa uturwi twabasuma canke ibindi, murama muduhumuriza atari yanvugo yakera ngo ntacabaye kandi urwaruka rwigihugu rwaheze. Nimbe arukudumuriza ibintu vyacitse, twobasaba ko mwobitorera inyishu bitarenga inkombe ngo inganda zirinde kuharwa, ubona ko abarundi twibuka kugarura impene zarenze imirambi.

  • Turagabe vyoba arivyo canke ari irementanya ryabahava bafungwa banyapolitike hange hange.

  • bazarinda bafata igihugu uvugango ni uturwi

  • Abarundi ni mureme. Ako karwi mwumva nimba koko karongowe na Eraste Dondogori ni abagumutsi. Eraste ni agahungu kakamuga, kiga kuri Univ. Lumiere, kagenda gacumbagira tukakita Wakenya! Kataye amashure kaja kurwana, kandi muvyukuri ntavyo gashoboye kuko ni akamuga nta nigihugu koshobora gutwara, nkeswe kugifata rero..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.