IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ijambo ryo guhumuriza inyuma y’igandagurwa rya General Adolphe (...)

Ijambo ryo guhumuriza inyuma y’igandagurwa rya General Adolphe Nshimirimana

dimanche 2 Myandagaro 2015, par Jean De Dieu

Barundi, Barundikazi.

Imbere ya vyose, Twagomba tubanze tubasabe mudufashe dushimire Imana Rugiravyose yo itanga ubuzima kandi ari nayo yo nyene ifise uburenganzira bwo kubusubirako.

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 02 Myandagaro 2015, aho Abarundi bari bazindutse baja guhimbaza Imana, hari abandi bobo bazindukiye kwitegurira gukora ishano. Abo nabo bahekuye Uburundi.

Mu gitondo co kuri uyu musi w’Imana, Intwazangabo Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana, yahitanywe n’ibisasu vy’abicanyi, bamwe ata kindi barota atari ukwamiza igihugu mu maganya no mu marira.

Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Umukuru w’igihugu.

Uburundi burabuze umugabo w’ijunja n’ijambo kuko Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana yari intwari koko.Yaritanze bidasanzwe mu gukora atiziganya kugira hatebe hashingwe inzego z’umutekano zihurikiyemwo abarundi bose Uburundi bufise uno musi.

Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.

Tuboneyeho n’akaryo ko gusaba Imana ko yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha.
Barundi, Barundikazi,

Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.
Hagize kandi imisi higaragaza ubwicanyi bugirirwa abantu bamwe bamwe kubera amabanga bajejwe, haba mu migambwe canke mu nzego z’igihugu. Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe.

Abarundi tubasavye kugendera ubwitonzi n’ubwira vyaranze Nyakwigendera Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana, ntibagwe mu mutego w’abo babisha, ngo bahave baja mu vyo kwihorahorana.

Lieutenant Génerali Adolphe Nshimirimana yari umugabo w’ijunja n’ijambo, agendana kandi akundana na bose, atagutandukanya ubwoko, intara, amadini n’imigambwe
Dusavye rero ko abamukunda bose kandi bakunda igihugu cabibarutse bokwirinda ako gasomborotso, ntihagire uwurya urwara uwundi, kuko abamugandaguye ariwo mutego bashaka gukoresha ngo abarundi basubiranemwo.

Turasubiye kandi gushima ingendo yaranze abanyakamenge mu bihe biheze, kuko bagumye bigumije mu gihe abo mu ma karitiye vyegeranye bariko baragumuka.
Ni mugume mufatanye mu nda, mugendere impanuro z’umuvukanyi wanyu Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana mwahora mwamana aho mu Kamenge, akaba ari naho yagandaguriwe. Ntimusukire mu coze abansi b’igihugu ata kindi barota atari ukubacanishamwo.

Uwukunda Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana tumusavye kwigenza nkawe, agendere ubuntu, urukundo n’ubumwe yirinde ishavu n’ihorihori, kuko Abarundi barayamaze ngo:’’Ihorihori rihonya Umuryango“, kandi ngo:“ishavu rigira ngo ica uwawe nkureke“.

Abarundi aho bari hose mu mitumba no mu makaratiye tubasavye gutekana nokubandanya bafatana munda. Inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi, kurya hari ikimenyetso c’umutwe w’intare kiri ku mwambaro ubaranga, bakoreshe ubwenge, ubuhinga n’ubutwari bafise, kugira ikiringo dutanze c’iyinga rimwe ntikirangire abo bicanyi batarafatwa.
Barundi, Barundikazi,

Nkuko ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu rubivuga ngo:“Imana yakuduhaye ikudutungire“, twashaka kuremesha ababuze n’abarundi bose, yuko abagize imisi bakora ubwo bwicanyi bugayitse, n’abafise iyo migambi igayitse bagiye kuja ahabona.

Twashaka kugabisha abantu bamaze imisi bakora ubwo bubisha n’abagifise iyo migambi babihagarike mu maguru masha. Atari uko, Imana igiye kubagaragaza bicuze. Burakeye tuharabe, Imana yo mw’ijuru niyo cabona.

Turangije dusubira gusabira ku Mana Mushoboravyose Nyakwigendera Adolphe Nshimirimana, incuti akaba n’umugenzi w’igihugu n’abarundi, ngo imwakire mu Bwami bwayo.

IMANA NIHANGAZE UBURUNDI N’ABARUNDI,
MURAKOZE.


IGIHE

Messages

  • uvuz ngo iman ibaj imber mute mugash abamugandaguy k usenga wari kubababarira. kko na dorofo bamukubis ruketo ya mbere yaciy abababarir.n Imana yaramubabariy hamw bababikira bapfa.

  • Ariko abarundi barazi gushikuza kweri, umuntu yamaze inganda, ahari umu jeune wese atotezwa, torture, iperereza rya nyakwigendera ryamariye abasore mu ma fosse commune hanyuma ngo uburundi burabuze umugabo w’ijunja, ahubwo umwicanyi, agiye atavuze ingene yicishije ababikira ba bataliano, ajanye amabanga menshi kwa shetani, ntiyaronse n’akanya ko kwigaya kubwicanyi yakoze abavyeyi yahekuye, yarakwiye gufatwa akazocirwa urubanza akavuga n’ama secret menshi, hanyuma ngo gusaba Imana rugira vyose, mwarayikinishije ariko yoyo ntikina igihe cayo ntikirashika co kubereka ko ari Imana

  • Ntakndi arko uburundi burbze intwari.

  • Nyimba Yakoz Vyiza Izomwakira Yakoze Bibi Naho Ntakundi.Ariko Burundi Bwacu Ihangane.

  • imana yakire amahasa abiri numuvyeyi wabo na babikira batatu yakire abobose bapfuye bishwe nabantu batamenyekanye yakire abahitanwe na manda yagatatu yemwe uwapfuye ntacoyabonye ndahojej adorufo nti ikibanza cawe gikomere

  • IVYABAYE KUMUHISI NYAKWIGENDERA ADOROFE NSHIMIRIMANA VYABABAJE IGIHUGU NA BARUNDI IMANA IWAKIRE

  • imana yakire amahasa abiri numuvyeyi wabo na babikira batatu yakire abobose bapfuye bishwe nabantu batamenyekanye yakire abahitanwe na manda yagatatu yemwe uwapfuye ntacoyabonye ndahojej adorufo nti ikibanza cawe gikomere

  • Mutama Nukuri uravuze pe Ahubwo nubu ubahaye imisi mike Yubaha amasaha mirogibiri nabiri bakaba babafashe abo bicanyi bashaka konona isura yuburundi ariko imana imwakire mubayo?

  • HAHAHA KOMERA PETER WE KUKO WAKOZE IGIKORWA CIZA CA MCHEZO WANDANI CUKWIKIZA UYO RUDOLOFE NARIRYA ARINAWE YAGUKWEGEYE AGUKORESHA IBIDAKOGWA NGO UHÖYANGE AMASEZERANO YA ASUSHA HAMWE YAGUTERA UBWOBA NGO UTIYAMAMAJE AZOKUGARIKA NONE UMWERETSE YUKO NAHO WARI WAMUHAYE IPETE RYANYUMA ATACO BIMUMARIYE JUSTE KUBERA YUKO YARI UN SIMPLE VOYOU A KAMENGE ENCIEN KOKAYI UMWERETSE YUKO PLUS AU MOINR WEWE WIZE NAMAKEYI KUMUSUMVYA HAMA PETER NKURUNZIYA USIGAJE KWIKIZA BUNYONI,KAZUNGU,NA NDAKUGARIKA HAMA UCE WISABIRA UBURUNDI N’AMAKUNGU IKIGONGWE KUMABI WAKORESHEJWE NA RUDOLUÈ MUGA NAWE BICE BIKUBERA ICIGWA NVZE USUBIRE KUZOJA U RECRUTANT MURI SNR IBIJUJU BITIZE VYIBI VOYOU! WE NTUBONA YUKO YAGUAYE MURUDUBI WARABONYE YUKO NYAKWUBAHWA GENERAL GODEFROID IRYA MISI MIKE YAMAZE MURI DOCUMENTATION WEWE YAGOMBA ATANGURE KU RECRUTANT DES JEUNES INTELLECTUELS MURI SNR,EGA BURYA UKORESHEJE IBI VOYOU BIKORA NYENE NKIBI VOYOU. KOMERA KWUYO MUGAMBI UGIYE WAVA IBUZIMU PETER WE! HAMA WEWE FIDELE NTIBIGUTANGAZE UKUBA PETER YAGANDAGUYE RUDOLOFE YAMUGANDAGUYE KUBERA UBUJUJU NUBUGABA YEREKANYE MUMISI YORE YATWAYE SNS NUKUTAGIRA ICO YUBAHA MPAKA AGATAKO AKÃŒEREZA NABA SOEURS BABANDI BO MUKAMENGEKWA BUYENGERO!

  • Reka kwipfatikanya n’IMANA yo irazi ivyo mukorera inzirakarengane z’abarundi. reka muvyishure.irabazi reka kwiha akamenyo!

  • HAHAHAHA KOMERA RAMBA MUSHINGANTAHE GATI KABISI EKA MBERE UMCXE KURE NOGUHAYE AGA CHAMGAHNE AHA JEWE ZIRI MUKUNYICA CHAMGAHNE JUSTE MUGU CÉLÉBRANT URUPFU RWURYA MUGESERA NGO NI RUDOROÈ WEWE UVUZE AMAJAMBO MAZIMA NAYO UYO PETER WEWE NTAVYO AHAYE AVUGA KUKO AFISE INDA NDENDE ARINAYO MUGENZI WIWE AZIYE EKA MBERE NAWEWE FELECITE NAHO MBONA WAKANYE ICO WOMENYA NUKO TUZOBONA VYINSHI NGO UWAPFUYE YARANYARUTSE BASI MUNV WAHWEREYE UTABONYE AKAZIGA KUWAHORA YIYITA NGO NI LIEUTENANT GENERAL HAHAHA SINARIBWAMUBONE IKIZIGA YAHINDUTSE IMBWA YEMWE! BURYA NAWE YAKABAYE YAHORA YICA ABARUNDI NAWE AVA AMARASO NKAYABANDI! NAJE KWIZINA RY’ABARUNDI NDAHOJEJE IMIRYANGO YABO BOSE BAGUYE MUMYIYEREKANO BAZIRA 3ÈME MANDAT NKATAKO NKAGIRANTI L’AMOUR DE LA PATRIE LA VIE OU LA MORT NS VAINCRONS #STOP NKURUMBI NTITURI ABAJA BAWE!

  • Mana Ingo Uhindure Imitima Yabarundi!Icotubuze Nurukundo N’umutima Ukwubaha!

  • mbemwumvis jake yakobo nawe ya vuze kwiradiyo ngara babaye mbe barya bana bagwasa ataco bazira bapfa katarabahoza ibigwarudubi bibaho ndahojeje pu yakobo urigipfu mbe ubu mutama wacu ntagiye guhangama je gati nda bivuze napfe ejo nugukara ba pe bujumburayos muroteraterany tuvuy kumwereka itwari aho zii

  • Ewe Nkurumbi nawe uratwenza, ngo Imana imwakire mubwami bwayo!Ahubwo Satani yakoreye imwakire mumuriro wayo!Heheeeeee,mbega yakwiweyooo!?Namwe muri inyuma ko mwanse kwihana, aho bakuburira ukararika izosi,ntamu profete yari yabivuze ngo tera iyo sema!wait end se,uwamwishe ntawe muzotora ni Imana yahoye kandi nubu iraje nawe ngaho, ntaho muzoyihungira,amasengesho n,ay,amaraso yaberanda yaratakavye Imana irayumva ,ije guhora abayoooooo,mugira mubone ishavu ryayoooooo!

  • mbemwumvis jake yakobo nawe ya vuze kwiradiyo ngara babaye mbe barya bana bagwasa ataco bazira bapfa katarabahoza ibigwarudubi bibaho ndahojeje pu yakobo urigipfu mbe ubu mutama wacu ntagiye guhangama je gati nda bivuze napfe ejo nugukara ba pe bujumburayos muroteraterany tuvuy kumwereka itwari aho zii

  • Abarundi Bensi Baragandaguwe Arikn Ubu Niho Avuze Ubuheruka, Umunyepolitike Yaragandaguwe Kandi Ari Umukuru W, Umugambwe Ntiyarukuye Mukanwa Uwo Twokwise Sebarundi Yabaye SEBAMWEBAMWE

  • Uwuramvy’azobona,ngo Hapfuy’intwari?Abahora Bapfa Ntibar’abantu?Barapfa Kakab’akamizwe N’ingoma Arik Ubuho Na Président Yavuye Mugacerere,hama Yakoze Neza Imana Yamwakiriye Yakoze Nabi Naho Ntakundi Niyishure,bibiria Iti:uwicish’inkota Azicwa N’inkota,uwicish’inkoho Azicwa N’inkoho,ic’udashaka Ko Bakugirira Ntukakigirir’abandi.@

  • najende,kabisa naweyishe beshi.ahubwonabandi barebereho kuko ntacyinanicyananiyi’ Mana.

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • ivyo ni vyiwe ivyo yakoz abarundi turabizi

  • Abashakashatsi barerekanye bikwiye ko iyo Abantu bakoresha ijambo "Imana" bose bataba bavuga Imana y’Ubuzima, Imana y’amahoro, Imana Rurema... benshi bafise Imana biziriringiye bo nyene, uko bayiyumvira n’uko bashaka ko ikora. Uwugiye kwica igira ngo Imana yompa nka mugarika, uwugiye kwiba agira ati Imana yompa simfatwe, uwutwara igihugu agira ati Imana yompa simpave, Uwurwaye agira ngo Imana yompa ngakira, uwushonje agira ati Imana yompa ico mfungura, uwakoze icaha agira ngo Imana yompa nkera... Mwari muzi ko na bamwe twita kamikaze ko batikiza inganda bavuga ngo Imana niyo nkuru. None mwibaza ko abo bose basaba Imana imwe?
    Hatagira Abarundi bihenda: iyo Nkurunziza n’umugore wiwe bavuga Imana, mwibaza ko iri imwe twese tuzi? Ihi bambewe, bariziriringiye ikigirwa mama bipfuza ko gikora uko bashaka bagaheza bakacita Imana. Iyo shetani basenga rero niyo nyene izobatwara. Ikigoye kandi kibabaje n’uko inzirakarengane nazo zizohasiga ubuzima.

  • mbe sha kagabo peter ba wubaha imana,ibishikiye Adolphe witegure nawe uri inyuma satani yakire Adolphe mu kuzimu,wari kwica ababikira ngo birijana?

  • Abarundi muzige kwandika mbere ya byose!

  • Ntangorane kabisa, umutekano mugihugu cose ni 99.9999999%. Hahah. hari aho ari irementanya wosanga atapfuye!

  • ese imana ya kwacyira umunya byaha

  • ndababaye koagiye atichuye ibibiyakOREYE
    ABANYAGIHUGU
    MWIJURUHARIMANA
    IZIGUHORA

  • mbe sha kagabo peter ba wubaha imana,ibishikiye Adolphe witegure nawe uri inyuma satani yakire Adolphe mu kuzimu,wari kwica ababikira ngo birijana?

  • Wewe ivyo uvuze biragusa!! Kuko wewe niwe mwicanyi wambere muburundi. Kuko abo bose baguma bapfa niwewe uriko urabica. Rero wewe nkurunziza reka guhenda abantu!!! Ntutinya nokuvuga izina ryi mana!!! Icompa ugaca bugufi ugasaba imana imbabazi!!!! Nawe bazokwica nkuko.

  • nguwakunda adolphe yigenze nkawe ararivumereye basha ngo basigare bakora amaraso bahekura uburundi, emwe agiye kwa shetani uwuraho twiruhire barundi bacu

  • Ahubwo nkurunziza aratwengeje kweli ngo abo babisha bamaze imisi bakora ubwicanyi nabakoze ubwuno musi ngw,Imana izobagaragaza mbe izobagaragaza kangahe ko yatanguye kubagaragaza nabandi basigaye badasavye ikigongwe irabagaragaza pe.Isaha y,Imana ntiva kugihe.ugire abagucunze ibihumbi nibihumbagiza vyose nubusa umurinzi wukuri ni Yesu.Ndibuka peter ari mu kamenge kuba adventiste yavuze ko ari president kumurango ko mw,ijoro inyenzi zimutondera kandi afise abamucunze ubwo rero abo bose bishe kuva le 26/04/2015 bishikane basabe Imana ikigongwe nayubundi inkoni y,Imana yatanguye.

  • buryamuriyisi umunt u arakoraikibiariko imana ikamuhora haribeshi bafuyearikonyakubahya petero ku—ruzizantavuge ariko ararose ahoavugira niyihaganenikobimeze mubuzima umuntuabura icoakundasawa

  • komera mutama mugiz nez guhumuriza umuryang wabuz arik abasi bigihug baracarih arik ntantambw bazoter.

  • HAHAHA EWE PETER WARAMENJE MBE IYO UTINYUKA KUVUGA NGO IMANA IMWAKIRE HAMA NGO IMANA NGWIZOGARAGAZA NGWABAGIZE NGUBWO BWICANYI NTANIKINYA WUMVA? ASHA IYO MANA MUFYINISHA YOYOSHA NTIYIYUMVIRA NKAMWEBWE MBE IMANA IBEREKANA KANGAHE NTIYATANGUYE KUTWEREKA ABISHE ABA SOEURS BABATALIAÖ MU KAMENGE AHUBWO NAWE URAKUMBURE UBE URIYEZA KUKO ISAHA Y’IMANA KUGIRA IMARAMAZE IBINYWAMARASO YASHITSE!MWEHO MURAGANDAYE ALORS MOI F MON MPAYE NIGINA URUPFU RWUYU MUMENKA YARI YARAYOGOJE UBURUNDI N’ABAVYEYI ASHA AHA AYE KA CHAMPAGNE GAHERA NUGURURA AKANDI JUSTE POUR ME REJOUILER ADOLUFE NUJE KWA SHETANI WAKOREYE UZE UBANDANYA UHIRAYO MUMURIRO UDAHERA!

  • Nyenicubahiro umukuruwigihugu urakoze kuturemesha kandi dutegerezwa kugendera kumpanuro muduhaye. Abamenyereye iyonandika nkunzekwandika vyishi ariko uyumusi inkokora zacitse ntavyishimvuze, ariko icomwomenya kubamaso turimaso, kandi abariko baravyina babicishije kumbukazitandukanye turikoturabakurikirana ukurikwamye,UYUMUSI AMARIRA EJO NIMPUNDU IKINTUCOSE NUMWANYAWACO.

  • tu n’es pas honte de tes mots, igihugu cacu gishitse aho umwansi ashaka mugabo umucunguzi wacu nimuzima amen

  • Bacozib’Imana ndagombatuganire canecane abafashe uwiyise koyahawe amajambo n’Imana ngo ayahe umukuruwigihugu cuburundi president Nkurunziza (Gakwaya) murivyishiyavuze yavuzengo: president Nkurunziza azicwa na Adolth Nshimirimana uwahejeje kuba nyakwigendera kuruyumwanya nandiyiye ibi. Sishatse kuvugavyishi kwuyumwanya ariko uryamuntu yarihuse kandi nuko Imana atawoyitako yamukoreye nabi kukotwebwe tumaze gusoba ijambo ry’Imana rikatubwiravyishi kubijanye nabantu bashobora kuvugishwa n’Imana nabashobora kwiyerekwa n’Imana, Gakwaya icoyarikwiye gukorerwa yarikwiye kubanza akiyegereza uyundimurwi wibihangange vyatoranijwe ni’Imana bakajahamwe bakabwirwa neza ivyaryamabanga yavuze ngoyahawe nimana. Mwibukeko niyo murusengero Imana ibatoyemwo umuntu avugishwanayo, niko ica ibaroso nuyundimuntu ajejwe gusorongora ivyabavugishwa mwiryoshengero, kuko hariho abashobona guterwa namadayimoni akamuteza kuvugishwa ibishobora gukwega imitongano murusengero mbere nogusambuka rukabarwosambuka kukonyene satani abarivyo ashaka, Nkakarorero akavugishwa avuga umukosiw’Imana runaka canke uyundi mwizigirwa womururworusengero runaka akavugako arabasambanyi, ibisuma, abicanyi nibindi, abarozi, ubworero Imana itabateguriye uyundimurwi wogusenga cane kugira ibereke ukuri nkabanababantu barimwiryosengero bocabahunga ubonako vyocavyoroha kwemera kuko ibintunkivyo hariho abakosi b"imana bake muribeshi bamaze gufatwa babikoze. ikindi cantangaje kururyamuntu Gakwaya nuko mbere yogutwara ubutumwa kumukuru wigihugu Nkurunziza yabanje kubishira kurubuga rwa youtube! Ntimugire nukubesha murazokurikirana igihe bamufatiye ariko ararondeza ukoyoshikira umukuruwigihugu cu Burundi NKurunziza yariyarahejeje kubishirisha kuri youtube.

  • EEEEEEEH BASHA BURYA KWERI NGO MURI NGO NTAVYUBUGENZI’ PETER ARAGUKINYE AKAJENF WAKIVAGUNDUWE ARAGUSABIJE KUBERA AMABI YAGUKORESHEJE NONE ABONYE UZOMUVAMWO UKAMENA AMABANGA MUFITANIYE NARIRYA YARI YAGUHENZE NGO KUBERA UTANAHONYOYE NO MURI YAGA MUKAMA ATARI UKUNIGAGURA ABARUNDI GUSA KUKO ATAKINDI WARI GUSHOBORA MUBUZIMA BWAWE ACA ARAGUHENDA NGO UMUGORE WAWE NGWAZOMUHA IMANA NSHINGAMATEKA NGWAYIRONGORE HAWA AMAZE KUYIHA PASCAL NYABENDA NIKWO GUCA ATAKO AKANAKUGANDAGURA KUBERA WARIMAMAZE KUMURENZA URWAMO NGO IBITI YEMEREYE MUKAWE KO ATABIMUHAYE ASHA BURYA KWELI NGO UMWE WESE AZORONSWA IMPEMBO ZINGANA NIVYO NAWE YAKOZE AKIRI MWISI QUE TU REPOSES EN PIÈCE DÉCHIRÉ TOI EEEEEEEH BASHA BURYA KWERI NGO MURI NGO NTAVYUBUGENZI’ PETER ARAGUKINYE AKAJENF WAKIVAGUNDUWE ARAGUSABIJE KUBERA AMABI YAGUKORESHEJE NONE ABONYE UZOMUVAMWO UKAMENA AMABANGA MUFITANIYE NARIRYA YARI YAGUHENZE NGO KUBERA UTANAHONYOYE NO MURI YAGA MUKAMA ATARI UKUNIGAGURA ABARUNDI GUSA KUKO ATAKINDI WARI GUSHOBORA MUBUZIMA BWAWE ACA ARAGUHENDA NGO UMUGORE WAWE NGWAZOMUHA IMANA NSHINGAMATEKA NGWAYIRONGORE HAWA AMAZE KUYIHA PASCAL NYABENDA NIKWO GUCA ATAKO AKANAKUGANDAGURA KUBERA WARIMAMAZE KUMURENZA URWAMO NGO IBITI YEMEREYE MUKAWE KO ATABIMUHAYE ASHA BURYA KWELI NGO UMWE WESE AZORONSWA IMPEMBO ZINGANA NIVYO NAWE YAKOZE AKIRI MWISI QUE TU REPOSES EN PIÈCE DÉCHIRÉ TOI SANGUINAIRE!

  • abanyafurika bafise amavirisi mu mutwe; uyu mutwa Nkurumbi yagaruwe mu gihugu n’amasezerano ya Arusha, none ageze mu gihugu amasezerano arayahonyora; mubona ababatwa ba CNDD biyumvira? reka abatutsi badutware baradusumba umutwe kabisa; kandi abafirika bakwiye gusubira ku muco n’imigenzo vyabo, abarundi baririmba Imana mugabo bagakora ibitandunye nayo; abazungu ntibaririmba Imana ariko bakayikorera; mu banyafurika hariho agahaze, nta ntangagaciro n’umuco biriho muri Afirika; gusenga dukoresha imihango y’abarabu n’abazungu, intwaro dukoresha inyaburayi.... harageze ko umwafirika yimenya agahindura imitekerereze, akiga kuba umuntu w’umuco, akiga kuba inyankamugayo.

  • Petero nkuru ntanisoni abarundi mwishe mucibitoke nyakabiga uwo munywa wawe nugorutye wararuzanye kubahoza abafiriwe rindira iyo nintango turaje.

  • Ibihejeje kuba bishobora guhabwa insiguro 2:
    1° Igihugu catewe none bahereye ku muntu Imbonerakure ziyumvamwo kugira zice zihora, Uburundi bube Urwanda rwa 1994;

    2°Akagwi nk’intagondwa hagati y’abari ku ntwaro kishe umuntu bita inkingi kugira babonereho guhonya abatavuga rumwe na Nkurunziza. N’aha nyene ihonyabwoko rirashoboka.

    Hari isano nk’igiharo n’igiharage hagati y’ibibaye n’intango ya génocide mu Rwanda.Ariko Kubera aba DD mutazi gusoma kahise , ntimumenye iyo muja, iryo sano ntimushobora kuribona. Nibaza ko FDD/CNDD yabaye infiltré kuva kera none bagira babakoreshe ishano nko mu Rwanda.

    Ubwenge buke bwa Nkurunziza bambe Nkurumbi burataye igihugu mu kaga.
    Aba DD mwarirutse inyuma y’amashetani, amaronko...ngaha aho mushikanye Uburundi.Vya bihumbi umugani wanyu mugiye kubirira i Congo canke i Tanzaniya ni mwashobora gushikayo. Ikibabaje ni isinzi ry’Abarundi bagiye kuhasigara.

    Genda Nkurunziza urasize izina ribi nka Micombero.

  • Nkurunziza nakize agatwe kiwe na famille yiwe, ivy’abarundi abirekere abarundi n’Igihugu cabo, kuko Uburundi si itongo ryiwe canke rya Se. Yarahejeje mandat ziwe zibiri, iya 3 niyo kuryanisha abarundi no gusesa amaraso y’ubusa. Ndi ngaha muzoba mumbarira. Nama mvuga ati, abakina n’urupfu canke barukinisha baze baribuka ko uwugiye atagaruka.
    RIP Nshimirimana !!!...

  • BAMWE BAHANYA NGO AGIYE KWA SHETANI.YEZU ATI"NTUGACIRE URUBANZA ABANDI KUKO NAWE UTAZORIBWA,NTUGATSINDISHE..."MURI MWESE ABAVUGA KO AGIYE KWA SHETANI SINDABEMERA ABAHAMYA KO ARI MU BWAMI BWAYO NABO SINDABEMERA KUKO IMANA NIYO IZI AHO AJA.UWOKUBAZA ADOLPHE AGIYE MW’IJURU CANKE KWA SHETANI WE WOBIMENYA KO URI UMWANA W’UMUNTU?BA TWITONDA MUKWANDIKA IMBERE YO KWISHURA UMUNTU KUKO NAWE WOMUSANGAYO.MBE KO UVUZE KO AGIYE KWA SHETANI NAWE UPFUYE UGACA UMUSANGAYO YO KWEREKA SHA.PFUNGA KINWA.

  • Mbe Adolphe yica abandi azi ko atazopfa?hasigaye kazungu na pre peter

  • Ahubwo uyo mugayo nkurumbi sinomwita umugabo noba nkosheje mbe ubamaz’igihe bicwa nabo asangiy’ubwicanyi sabantu ubu niho acagira icavuze you talk rubbish

  • nagend ashe kuk nivy yashimy gukorer.

  • Mutama wacu dukunda mucunge neza uwo muri kumwe niw amwishe,uwo ni RWASA abatutsi n’abahutu bamwe bamwe batumye.RWASA naw mumugire nka ADOLPHE sinon yaje kubegera kugira abamare,ubu yiteguriy NKURUNZIZA.FIDELITE ubwir aba DD ko ari RWASA yabikoze bahez bamucunge

  • Ahubwo uratangaje kweri. ngw’IMANA imwakire Mubwami bwayo, uburundi nabarundi ngo birabuze intwari,ariko sha wibagiye ko IMANA atari ikijuju kweri? uratangaje pe.mwenawe mwaribajije ko muri hejuru yububasha bw’IMANA ,kuri mwese mushigikiye mandant ya 3,vya2mye abatari bake bicwa ngaho,, IMANA ntizovyihanganira. peter je ndaragushimye ukiri president wuburundi mumyaka 10 watwaye uburundi,gira wikebuke uce bugufi hanyuma usabe IMANA imbabazi,hamwe iravye uko wakoze mumyaka 10 wamaze uri umurongozi mwiza apana ubu, wigira ngo urumukirisu kumbe wapi,mbe ntutinya nokuvuga izina ry’IMANA kweri? hamwe IMANA yoguharira." VA IKUZIMU UJE IBUNTU"

  • Abarundi co nobasaba n’uko twotinya IMANA tukongera tukayemera,tukagira urukundo muvukanyi igihug cacu tukagisubiza iteka kuko cabaye agatwengo mumakungu aho basigaye bavuga yuko hako wobona umurundi wopfuma ubona umu ali -shababe,dukunde igihug cacu kirangw n’amahoro.

  • emma
    nyakubahwa president turakubaha mugabo ntitugiye kuvyemera ahubwo wewe tubonako umengo uriko urabakingira abo bicanyi. Wanka wemera tugiye kwihora kuko icotwabuze nitwe tuzi ico catumariye,nawewe nyakubahwa bavuga ngo utegerezwa gupfa,oya ntitwemer

  • Ubwo bwoba n,abureke yitegure gupfa

  • batutsi nabahutubamwebamwebihemu baratwijiriye nakagayekeshi bakamenyekana nukubanyonganaho azoba naho azo amezengute ndahojeje umuryankowiwenigihungu cuburundi
    basilikare bapolisi mubemaso ntidusubilekuba93

  • Imana N,imwakire M,uBwami Bwayo Dusabe Imana Ngo Yiyerekane Mukwerekana Izo Nkozi Zibibi Toze Tuyishimire Murivyose

  • Mbega Yemwe uyu mukuru wigihugu buca arangiza ikiringo ciwe IMANA avuga arayizi, igihe inganda zatikira zitabwa muruvubu, igihemwica inzirakarengane mu gatumba , igihe ibara ryarwa mukagandagura ababikira mu kamenge ,igihe mwica isinzi ry’abahutu bene wanyu mubahoye ngo bayoboka rwasa ,tutavuze inganda zidaharurika ziciwe mumabarabara mumwiyerekano zizira ivyo bishimu vyanyu bidahomwa, abo bose igihe bapfa ko utari bwavuge ngo usabe IMANA igaragaze ababagandaguye bunyamaswa ,none utoye umumenja arapfuye ngw’Imana imwakire ngwibafashe no gufata abamwishe ,ndagusetse basi, muko uvuga Imana urabanza ugende kubakozi bayo bakubwire kamere zayo ,ntiwitege gishasha rero kivuye ku Mana ngo nuko uwo mumenja apfuye kuko kuriyo apfuye nkuko abandi bapfa, kuko yoyo ntaco imutinyamwo

  • ngewe naho nakagendeye sindabona umuntu w ubwenge nka peter mwirwa mumwita ikigugu yinumiye reka abereke ko akina kuri 9 ufite ubwenge bwa hatari kabisa no 1 yivugira ngo imana niyo cabona huuummm mwinumire vyose ubu agiye kubishira kumurongo maze t

  • IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO KANDI UMURYANGO WIWE,INCUTI,ABAGENZI N’ABO BAKORANYE BOSE BIHANGANE.

  • Kwihangana .ariko na Eleneste yarumuntu .kukiwobabazwa numwicanyi afuye mwibuke inzirakarengane nza guye ejo bundi nziyamiza ikiringo3nindeyabikoraga suyomwicanyi.ahubwo nabandi bitegure

  • Nugende hiyo sha uburundi bubuze iki ngaho canke yuvuga isinzi ryabarundi bakize kubona agiye

  • ABOBA,OPOS,BAKUMBURE,BAGENDEBUKE,BAZIBONERAKO,RINDIRA,USI,BAZIYUMVIRA,UMUKURU,WIGIHUGU,ISEGUNDANYEN,TUZOBAGIRIRAKANT,KATAZIBAGIRWA,KWISI,YOS,OK

  • Mber nambere reka nshimire imana kubona batamuhushije! Nagende rero urukiko rwimbere yimana rumubaze ico yakoz cos kuko twizey ko rutazomutinya nkurw mu burundi yar yarifatiy!!! Twes tzopfa!

  • uragahora utyo imyaka yonse nahose

  • Imana y’umvire abarundi n’abarundikazi bashaka amahoro

  • TWESE ABARUNDI TUGIZE DUTI "ASHIIIII! MUGUSHIMIRA PETER NKURUNZIZA KUGIKORWA YARAYE ADUKOREYE CUKWIKURAKO URYA MUMENJA NGO NI RUDOLUFE PETER TURAKWEMEYE YUKO URI UN MEILLEUR BUTEUR! ASHA URAZI MCHEZO WA NDANI KWESI HAMA UZE WIKIZE NA BUNYONI,NYAMITWE, PRIME,UWAMAHORO DESIRE, NYABENDA PASCAL NA NDAKUGARIKA HAMA UCE WIYEMERERA LETA YA TRANSITION IZOMARA JUSTE UNE ANNÉE HAMA TWIGIRE MUMATORA NYAKURI KUKO UTWO TUGABO NANDITSE NGAHA TWESE TURABIZI YUKWARITWO TUKUGORA MUKUKUREMERA NGO UGUME KUBUTEGETSI KUGIRA TUGUME TWICA ABARUNDI MUKUGIRA BAGUME BASAHURA UBURUNDI BRAVO PETER TU ES UN BON JOUEUR.

  • A VERIFIER ;
    Le général
    NSHIMIRIMANA tué
    au palais présidentiel
    burundi24 / Il y a 44 minutes
    La capitale burundais est sous le choc
    après l’annonce par la radio nationale
    (RTNB) de la mort, dans un attentat à
    la roquette, du général NSHIMIRIMANA
    Adolphe, l’éminence grise du pouvoir.
    C’est la colère pour certain et la joie
    pour d’autres car ce général était
    accusé de tous les maux de la
    république depuis bientôt dix ans. Et lui
    même ne le cachait pas.
    Les faits.
    Chaque samedi soir, les généraux, pour
    ne pas dire les membres de l’oligarchie
    militaire, qui dirigent le Burundi se
    rencontrent au palais présidentiel
    autour du président NKURUNZIZA et
    discutent des stratégies àprendre pour
    garder le pouvoir. A chaque fois il y a
    des querelles mais celle d’hier soir avait
    une allure d’apocalypse.
    La discussion, selon nos sources
    proches de la présidence, est partie sur
    une préparation d’un coup d’état
    militaire afin de pérenniser le pouvoir.
    Certains généraux auraient proposé que
    le fils ainé du président puisse prendre
    le pouvoir puisqu’il vient de rejoindre
    l’ISCAM. Le général NSHIMIRIMANA a
    trouvé ce scenario débile et certains se
    sont sentis humiliés. La discussion
    s’en est suivi d’une dispute et un des
    généraux, NDAKUGARIKA pour notre
    informateur, a sorti son pistolet pour
    menacer le général NSHIMIRIMANA afin
    qu’il puisse cautionner son plan.
    Comme il est toujours convenu, les
    généraux déposent leurs armes avant
    d’enter dans le salon ou retirent leurs
    chargeurs des pistolets pour éviter les
    dérapages. L’un des généraux aurait
    alors agressé NSHIMIRIMNA avec le
    pistolet mais comme la discussion
    prenait un tour plus que habituel, dans
    un geste d’énervement, le général en
    question a appuyé sur la détente et
    malheureusement il y avait une balle
    resté coincée dans le pistolet.
    Une autre source affirme que ce n’était
    pas un accident et que le général a bel
    et bien été assassiné sur l’ordre du
    chef de l’état en personne après la
    dispute. La deuxième source ne nous
    donne pas l’objet de la dispute
    contrairement àla première. Ceux qui
    connaissent le président avec sa
    tendance poussée vers le fétichisme
    affirme que NKURUNZIZA l’a fait
    assassiné pour que la prophétie du
    pasteur Damascene ne soie pas
    réalisée. Suite àla création du CNARED
    en terres éthiopiennes et la nomination
    de NYANGOMA àsa tête, le président a
    compris que la prophétie du pasteur
    risquait de se réaliser d’où le forfait.
    Un simulacre pour cacher la vérité.
    Après le forfait, la garde présidentielle a
    organisé une embuscade àKamenge
    dans le fief du général afin de faire
    croire àune attaque de l’ennemi. Il faut
    noter que organiser une attaque à
    quelques mètres du bar
    IWABOWABANTU est quasiment
    impossible. Il faut l’aval ou la
    complicité des responsables de la
    sécurité.
    Pour bien faire, la garde présidentielle a
    réquisitionné un pick up militaire du
    camps NGAGARA et ont tiré sur le
    cadavre du général afin d’accuser les
    tutsi de l’armée. La garde rapprochée
    du général ne savait pas qu’il était
    mort car les gardes du palais leurs ont
    dit qu’il était ivre comme àson
    habitude et qu’il s’est endormi.
    Il faut notre que le correspondant de la
    RFI qui est arrivé sur place a été arrêté
    et conduit àla documentation nationale
    où il subit des tortures graves. Ces
    bourreaux voulaient savoir qui lui a
    donné l’information. NDIKUMANA
    Esdras est actuellement en soins
    intensif àl’hôpital CMCK.
    KABURUNDI Jean Jacques

  • Amatohoza atangurir muri CNDD-FDD nabamw bahor bakorana ba ndakugarika kuk hatapfuyuwund hagapfa adolphe?niw yabarush ubukare bashats bamwikiz kugira ntazobahindukirire ababikir babishe mukwa9 nn rab arabahambij ntanumwak uhez!Imana ihorihoze nabo babkorany babe bariyeza kuk iraj kubakurah

  • TWESE ABARUNI VYARATUBABAJE UBURUNDI BWARAYE BUBUZE INTARI

  • Imbere yavyose ndashimira imana kubona yahakiriye uyo muja ndanezerewe cane kumutima wanje ntagende uyo muja wuburundi asigaye nkurunziza tuce tugira amahoro mugihugu

  • Imbere yavyose ndashimira imana kubona yahakiriye uyo muja ndanezerewe cane kumutima wanje ntagende uyo muja wuburundi asigaye nkurunziza tuce tugira amahoro mugihugu

  • Imbere yavyose ndashimira imana kubona yahakiriye uyo muja ndanezerewe cane kumutima wanje ntagende uyo muja wuburundi asigaye nkurunziza tuce tugira amahoro mugihugu

  • Imbere yavyose ndashimira imana kubona yahakiriye uyo muja ndanezerewe cane kumutima wanje ntagende uyo muja wuburundi asigaye nkurunziza tuce tugira amahoro mugihugu

  • Imbere yavyose ndashimira imana kubona yahakiriye uyo muja ndanezerewe cane kumutima wanje ntagende uyo muja wuburundi asigaye nkurunziza tuce tugira amahoro mugihugu

  • ntitukifatanye n’abicanyi na rimwe; ahubwo tubabazwe n’uwupfuye wese; bishoboka gukingira ubuzima bwiwe tubikore twihuta kandi bivuye ku mutima. "uwicisha inkota azokwicwa n’inkota nawe". Ntabwo yari intore ni ukuri nk’uko peter abivuga. eka ni abicanyi bose.

  • Adophin yarakoze neza akiri mwwishamba ariko nyuma yogushika kubutegetSi ntakindi yakooze atarukwica gusa ntiyavangura nabihebeye Imana yavanyako.

  • Umugambwe wa Cndd kubwicanyi nuwambe.bishe simon Nyandwi bamuhaye isumu,none nguyo bishe ingabo ikomeye yashikanye aba roberi kugihugu.mchezo Wandi wao mtaisha nyinyi kwanyinyi!ariko ruriye abandi rutakwibagiye.

  • Nkurunziza , kwizina rya mandat ya gatatu, bose ubamare uhereye ku ba nyagitega maze Ngozi igabe iganze.

  • Jewe ndatangazwa na nkuru aja kumaradio avuga ayo guhuma amaso abarundi na makungu umenye ivyo uriko urakora tuzogutoza abiri kandi weho tuzokurya inyama turagavye twaramenye kwariwe waduhekuye

  • Muzehe wacu niyigire Imana imuhe iruhuko ridahera

  • Natwe abanya KIRI bo mu kdo turahojeje incuti,abakunzi,banyakwigendera muzehe wacu Imana Imwakire

  • Abarundi turahomve umugabowijunjanijambopeï¼ IMANA Imwakire.

  • NAGOMBA MBERE YAVYOSE NSHIMIRE IMANA YO MUCAMANZA ATARENGANYA KUBONA IYI MISSION PETER YARI YAHAYE NDAKUGARIKA YABAYE ACCOMPLIE COMME ELLE AVAIT ETE PREVUE SANS AUCUNE ERREUR NKACA NTAKO MUGUHOZA UMUPFASONI WA RUDOFUFE YITWA "FIDELITE" NDAMUBARIRA NTI NTUBABARE GOSE KUKO NGO BURYA IKIBOSHWE MWISI NO MWIJURU UMUKAMA NTASHOBORA KUKIBOHORA AHUBWO ACA AGITEREQA KWA SHETANI NUKO RERO NAGENDE ATUVUYE KUMUTWE YARATUREMBEJE IMANA IHABWE ICUBAHIRO KUBA YADUKIJIJE UMUMENJA RUDOLUFE.

  • Turahojeje umuryango wiwe kuko uburundi burabuze umugabo wijunja dusabe abajezwe umutekano mukwirikirane vuba izonkozi zikibi zihanwe zigomba gusubiza uburundi mwihumbi turasav ye zifatwe zihanwe imana imwakire mubwami bwayo

  • NAHO UMWEWESE AVUGA UKWIWE UBURUNDI TURAHEKUWE UMUGABO AHAMBAYE YARAZIGUKINGIRA IGIHUGU KIGOMBA KIRWE MUMANGA MPEREYE KURI YAKUDETA YAGOMBA KUBA KANDI NTAKINDI BAMUHOYE NDAHOJEJE NUMURWANGO WABUZE WIHANGANE IMANA NIYO NKURU

  • Umuprofete ati general adorphe ngoniwe ozorasa pierre nkurunziza none aragiye atamurashe kweriii

  • IMANA IMWAKIRE MUBWAMI BWAYO.

  • Murahaye musubiranamwo. Aho muhenda ba nde? Ingwano itanguriye iwanyu kandi izoherera iwanyu. Ubu haramukiwe Nyamitwe.

  • twarabuze nukuri ariko iciza nuko amatwi adusumira barya bamurashe bafashwe.nikubanyarukiriza kandi hagatangwa akarorero keza kandi kabakwiye.

  • EWE MUKAMA BURYA KWELI NGO WEWE NTUKORA NKABANA BABANTU AKAGABO KADAPIMA NA 80 KGS NIKO KARI KARAYOGOJE BENE BURUNDI EN PLUS ATARI NUMURUNDI ARI UMUGESERA WUMU CONGO MAN UMUNTU YARI UMUSODA WA MUBUTU ARI 2ème CLASSE HAMA AKAZA IWACU NGO NIHO RWITAHA HAMA NGO ABAYE LIEUTENANT GENERAL NKA JEWE NIYE ISCAM NKAJA NO MURI BELGIQUE NA RUSSIE ALORS QUE IMBUNUZA IRAHO ITARI NOGUPFA IBAYE NA SERGENT! MBE BURYA RIRYA PETE HARYA NGO PETER NGO YARI YARIMUHAYE NGO KUBERA YARAZI KWICANA CANE OK NTANGORANE NAWE IMPEMBO YIWE YARAYE ARIRONSE FIDELITE KO WAJUMARARIWE MURINO MISI UGANDARIYE IKINYWAMARASO CAWE KUMBURA WISHIKGNE TUKUJIJURE KUKO AVANT LE 28/08/2015 TU SERA PERPLEXÉE SANS DOUTE! L’AMOUR DE LA PATRIE VIVRE OU LA MORT
    #"CFD"
    VAINCRA MALHEUR À CEUX QUI BÂILLONNENT lES PEUPLES BURUNDAIS

  • ukora amabi uziko atazogushikira????iyo akora vyiza ntabwo yarikugandagugwa,that is the impact of doing evil. imana tuzi kuyivugisha akanwa ariko ibyo dukora nivyo dufise mumitima ntibihura kabisa,please dont create the source of enemity and broods,nawaombea warundi kuendelea na na nguvu zakutafuta ufumbuzi wa matatizo yao.

  • Imana Imwakire Mubayo kdi mukomere.

  • ndababwire bagumyabanga mwese mureme cndd fdd irabuze umugabo ariko ntisenyutse na majoro ngurube yatwara cndd fdd ukiri umuhari yarapfuye beshi barishimye ariko cndd fdd yagumyeho nanubu na adolphe arapfuye mugani cndd fdd izogumaho kandi ikomeye

  • Mutama Bamaso Nawewe,igiti Bagiciye Amashami Ntakiba Gisigaye Nticumva Umuyaga Kandi Ntawugamamwo Izuba Ngo Yumve Akayaga!Imana Nibazigame.

  • mbe basha abarubonye rwafyanyutse, mwamboneye nago ruva amaraso nkayabandi?? go nuko rupfuy neza gwari rukwiy gukwegwa mw’ikaburimbi. umuntu yabishitse ko ni intwari.

  • IMANA NIMUZIGAME NDAZI KO HAMYEHO ABANTU B’AKARIGANGAMUHOGO OK

  • Imana Izomuzigama Abantu Sibo Bacarubanza Naho Bimwishe Ntibamuciriye Urubanza

  • Perezida? amaraso y’arundi akameneka? aba abona ko ariwe muntu abandi atari abantu? haba mu bamushyigikiye n’atamushyikiye ababa perezida ni benshi cyane mu Burundi. Sinemera ababona ko aribo bonyine bashoboye kuko Imana yahaye benshi ubwenge .

  • abenshi ko bavugako nkurunziza abifisemwo uruhara mwigandagurwa rya general adolph nshimirimana vyoba arivyo koko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.