IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Tanzaniya : Guhasha abapfumu nivyo bibaza ko vyokiza ba nyamwema (...)

Tanzaniya : Guhasha abapfumu nivyo bibaza ko vyokiza ba nyamwema bageramiwe

mercredi 14 Nzero 2015

Ikibazo c’iyicwa canke itemwa rya bimwe mu bihimba vy’imibiri vya ba nyamwema, Reta ya Tanzaniya imenyesha ko igiye kubihagurukira, abo banyagihugu bagakingirwa bimwe bishimishije.

Nk’uko bivugwa na Mathias Chikawe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko abanyamwema bagiye gukingirwa gutyo bakabanza guhasha abapfumu bo muri ico gihugu, kuko bagirizwa ko bari mu bantu batuma abanyamwema bama bariko barahigwa buhongo. Gukingira ba nyamwema rero babangamiwe muri ico gihugu, bikaba vyaranasabwe ndetse n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ihigwa buhongo ry’abo banyagihugu ryohagarara, Reta ikabakingira.

Alvaro Rodriguez aserukira umunyamabanaga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Tanzaniya avuga ko ishirahamwe aserukira rizoterera ibishoboka kugira ntihagire nyamwema asubira gutorwa ikiziga.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe mu kwezi kwa Kigarama guheze umwe muri ba nyamwema w’imyaka ine yanyurujwe, ariko kugeza ubu ababikoze bakaba bataramenyekana. Muri iki gihe amatohoza akaba ariko aba ku bantu bagera kuri 15, harimwo se w’uwo mwana hamwe n’abasewabo babiri.

Mukamenya ko ku rubibe igihugu ca Tanzaniya gihana n’Uburundi, banyamwema bamana amakenga ku buzima bwabo ko bashobora nabone kunyuruzwa kugira bimwe mu bihimba vyabo bishirwe abo bapfumu, canke mbere bakanicwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.