Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo ca Reta "Exetat" catanguye ukuri kwamye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo ca Reta "Exetat" catanguye ukuri kwamye

Ikibazo ca Reta "Exetat" catanguye ukuri kwamye

lundi 21 Mukakaro 2014

Ikibazo giha uburenganzira abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye, bwo kuja mu mashure ya kaminuza cakozwe ukuri kwamye mu gihugu cose.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Mukakaro, abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bakoze ca kibazo "Exetat" kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza. Aho ikinyamakuru IGIHE caciye, ico kibazo cariko kirakorwa ukuri kwamye, ariko icibonekeje n’uko ahenshi bagiye batangura hakeye, nk’igice c’isaha zine zirenga z’agatondo. Kw’ishure "Indépendante" hakoreye amashure 11, atatu ya Reta n’ayashika 8 y’abigenga. Kuri iryo shure batanguye gukora igihe c’isaha zine n’igice, hakaba hakoreye abanyeshure 824. Nk’uko Sibomana Rita, umukuru w’ico kigo abisigura, icatumye bateba n’uko ahanini bari bafise ibitigiri binini vy’abana bakorera muri ico kibanza, kandi amashure ari menshi bigatuma batevya mu guhamagara no gutanga inimero. Tubamenyeshe ko amashure yakoreye muri ico kibanza ari CESTE, CST, Ecole Independante, Ecole Saint Michel Archange, Ecole Polyvalente de Kanyosha, ESTI, Kibenga shine school, Lycée Municipal de Mutanga, Lycée de la Comibu, hamwe na Redeemed School de Kibenga.

Mu kibanza ca Lycée du Lac Tanganyika hari ibigo bibiri, Tanganyika 1 na Tanganyika 2. Ku kibanza Tanganyika 1, hakoreye abanyeshure 563 n’amashure indwi. Ico kibazo catanguye igihe c’isaha zine n’iminota 15 mu gihe cari gitegekanijwe gutangura igihe c’isaha 3 n’igice, nk’uko tubimenyeshwa n’umukuru w’ico kibanza Fabiyano Nahimana. Mu kibanza Tanganyika 2 hari hitavye abanyeshure 631 harimwo 13 basivye, muri abo umwe akaba yarahevye amashure. IKibazo catanguye igihe c’isaha zine n’iminota 20. Naho nyene icatumye bateba vyavuye ku banyeshure bashitse bacerewe, baca batangura guhamagara batevye, nk’uko Kazage Caritas umukuru w’ico kibanza yabidushikirije.

Tubamenyeshe ko aho twagiye duca ikibazo cariko kiraranguka mu mutekano ntangere, ahanini hakaba hibonekeje gusa ikibazo c’ugutangura batevye ariko abakuru b’ivyo bibanza bakamenyesha ko ari kubera ari umunsi wa mbere iyindi minsi bizoba vyakosowe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.