Accueil > Amakuru > umutekano > Imbere ya RPA abapolisi biruka ku banyagihugu
Imbere ya RPA abapolisi biruka ku banyagihugu
mercredi 18 Ruhuhuma 2015
Abanyagihugu bamaze amasaha ashika atanu bagira imyiyerekano yo gushigikira Radio RPA kubw’irekurwa ry’umuyobozi wayo Bob RUGURIKA, igipolisi kirongowe na Bertin GAHUNGU cahavuye cirukana abo banyagihugu.
Aba polisi bampaye inkinzo, bafise ibirwanisho, eka n’ibiduga birasa amazi canke irangi bahavuye birukana abanyagihugu bari imbere ya RPA. Bamwe murabo bahungiye mu kogo RPA ikoreramwo abndi biruka bahungira ahitwa "Cercle Hippique".
Commisseri Bertin GAHUNGU yararongoye ico gipolisi yasavye ko abanyagihugu bari mu kigo ca RPA gusohoka, uri abandi nabo bagatinya gusohoka kubera umutekano wabo wohava uhungabana canke batwagwa mw’ibohero. Pascal Niyoyankuze umumenyesjamakuru wa RPA yahavuye yumvikana na Bertin ko abo bantu bosohoka ariko ntihagire uwubarya urwara, ivyahavuye bikorwa abo banyagihugu bagasohoka ukuri kwamye.
Muri ako kanya igipolisi cashika imbere yahakorera RPA, umunyagihgua umwe yafashwe n’imoto y’umuntu yahagaritse aho ari yizimya akanyot irafatwa ariko abo bapolisi bakemera ko irekurwa yerekanye ibiyaranga. Muri kino gihe, abanyagihugu buzuye amabarabara yinjira ahakorera RPA bacunganye n’abapolisi.
Cherif Nkeshimana
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 13:39, par uwikunda vivi
humura ukuri kuzoja ahabona.duteye ivyatsi abasha gutoteza abanyamakuru,amashramwe yigenga.ukuri ubu turakuzi nibateshwe bate.turindiriye ko amatora aba tukagaragaza ukuri.
19 Ruhuhuma 2015, 15:14, par Kirinyota
Pauvres policiers. Vous êtes malheureux. Vous faites un sale boulot. Quand est ce que vous allez vous réveiller et travailler comme de vrais policier digne de leur nom.
19 Nzero 2016, 10:22, par ruberintwari
jewe ico mvuze kwiyinkuru nuko hoboneka amahoro muburundi
5 Rusama 2016, 19:20, par Edwark
Duheamahorivyobirbaraba