Accueil > Amakuru > umutekano > Imirwi y’iterabwoba igiye gukurikiranwa aho ikura uburyo
Imirwi y’iterabwoba igiye gukurikiranwa aho ikura uburyo
vendredi 5 Nyakanga 2014
Ugutuza imirwi y’iterabwoba nivyo biri mu vyizwe mu nama y’umutekano y’ishirahamwe ry’Afrika, mu nama yari yahuje abakuru b’ibihugu n’amareta ari muri iryo shirahamwe.
Muri iyo nama yariko ibera mu gihugu ca Kenya, bakaba basavye ko hoba uguhanahana amakuru mu ntumbero yo gutuza iyo mirwi y’iterabwoba, iyogomvya akarere k’Afrika. Abari bitavye iyo nama, bakaba basavye kandi ko hokurikiranirirwa hagufi ahava uburyo bufasha iyo mirwi, co kimwe n’abandi bantu babafasha mubindi bitandukanye. Muri iyo nama yari yaserukiwe ku ruhande rw’Uburundi na Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yavuze ko uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu gutuza iyo mirwi y’iterabwoba, narirya igihugu c’Uburundi kiriko kirafasha ibindi bihugu mu gutuza imirwi y’iterabwoba.
Mwomenya ko ico gihugu ca Kenya cabereyemwo iyo nama, kiri mu bihugu vy’Afrika bimaze guterwa kenshi n’imirwi y’iterabwoba, inganda n’ibintu bigatikira.
Aristide Nizigire