IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rwanda : Impunzi z’abarundi zatanguye kwimurirwa kure y’urubibe

Rwanda : Impunzi z’abarundi zatanguye kwimurirwa kure y’urubibe

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Reta y’Urwanda yatanguye kwimura impunzi z’abarundi zari mu karere ka Nyanza hafi y’urubibe rw’Uburundi zimurirwa mw’ikambi ya Mahama iri mu karere ka Kirehe kure y’urubibe kandi hagutse.

Igikorwa co kwimura izo mpunzi catanguye kuri uyu wa gatatu itariki ya 22 Ndamukiza 2015, aho impunzi z’Abarundi zari mu karere ka Nyanza arizo zatanguye kwimurwa mu gihe izo mu turere twa Bugesera na Rusizi arizo zizokurikira.
Mu kiganiro na IGIHE, Ntawukuriryayo Frederic ashinzwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bufise mu minwe ikibazo c’impunzi, yavuze ko izo mpunzi zo mu karere ka Nyanza zatanguye kwimurwa kugira zishobore kugira ubuzima bwiza gusumba ubwo bari babayemwo.

Yavuze ko aho zari zisanzwe ziri hatari hagutse kandi ko hari hafi y’urubibe rw’igihugu c’Uburundi bavuyemwo, ivyo navyo bikaba bitemerwa n’amategeko agenga impunzi kuko ategekanya ko impunzi zijanwa kure y’urubibe rw’igihugu zivamwo. Izo mpunzi z’abarundi zimuriwe mu kibanza kingana na hegitari 50 mu karere ka Kirehe kandi umutekano wazo uracungerewe.

Ntawukuriryayo yavuze ko ku bijanye n’imfungurwa vyavugwa ko ari nkeya, izo mpunzi zigiye gutangura kuronswa ibikoreshwa mu muryango mu kiringo c’ukwezi.Yasiguye ko ikibazo cari catewe n’uko ata biharuro nyakuri vy’impunzi bari bafise.

Ibikorwa vyo kwimura impunzi biriko bifashwamwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR. Bitegekanijwe ko ku munsi umwe hazoza harimurwa impunzi 600.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turasavye abanyarwanda babangamiwe nubutegetsi bwurwanda ko bohungira muburundi imiryango iruguruye kandi ntanubwisanzure mufite murwanda.karibu muburundi turabakiriza yompi

  • Turasavye abanyarwanda babangamiwe nubutegetsi bwurwanda ko bohungira muburundi imiryango iruguruye kandi ntanubwisanzure mufite murwanda.karibu muburundi turabakiriza yompi

  • @ macumi AHAHHAHA, that is day dreaming, cyangwa indoto zo kumurango if you want. That will never happen my friend, Rwandans are busy making money and enjoying life. Rwandans are smart enough in 2015 as to be fooled by empty posting. niba wabuze icyo wandika shut up.

  • ABO BARUNDI BARAHENZWE BATA IGIHUGU CABO KANDI ATABARIKO BARICWA ATANINTAMBARA IHARI NIBAGENDE ARIKO BARAHENDWA KUKO NTANTAMBARA YUBWOKO IBURUNDI IHARI...MBEGA KO HEGENDA ABASANZWE BARI MU MAKAMBI YIMPUNZI ABO BITA ABA DEPLACES!!!!!

    HAHAHAHHAHAHAHAHA....UKO MUGENDA NIKO MUZOIGARUKA.

  • @ Darling, warivuzeneza, ariko nuko mumyaka idashija 2 muBurundi hazobahashitse impuzi zabanyarwanda zitari musi yi million 2 inyishi zizobaziri Cibitoke, izindinyishi Kirundo, cokinwe na Ngozi tutibagiwe na Muyinga, Muyinga hazocayobake kubera hari akuzi kitwa Akagera karabangamye beshirero bazoca Kirundo abandibeshi Tanzania . Ivyobizogendagute? Ubwambere ntamuntu azobayatege igihugu cu Rwanda ariko hazobabo ikintu kimeze nkigihuha noneho habeho nabantubake bahasiga ubuzima bacebishiramwoko hariho abanegihugu babigizemwo uruhare maze bavuze urusasu munzirakarengane abantu bihereze inzirabahunge ariko kubera ivyobita kwihagaciro bazogerageza kubana ngwabantu ntibahunge ariko bamwebasanzwe bashakako ibintu vyohinduka Rwanda bazocabaheraho batangure intambara izokwitwa iyokwibohora nyakuri noneho nabamwe mubabuzabandi guhunga batangurenabo bambuke imipaka bahunge noneho.................ahantacondahanditse ariko abahunze bazotahaningoga kuko hariho abanyarwandabeshi bakomakomeye bazocabashigikira kwibintubihinduka mugihugu abarimubuhungiro bakabigiramwo ijambo nkaza RNC na FDLR niyindimigambwe nimiryango yabanyarwanda ikorerahanze yigihugu, ibintubizoja muburyo ningoga. Ariko abantu bomumicungararo u Rwanda ruherereyemwo mbese namakungu bazotangazwa nuko ivyobaribibaza kobizoba muburundi ahubwo bikababibaye Rwanda! Abazikubika mubike iyi taliki nandikiyeko ibibintu ariko ntimuzinyite umupfumu canke nareretswe nkukobamwe bakunze kubikora.

  • @ Darling

    Judging by the way your government runs things — Where no one is allowed to oppose it, According to history, None of those type of governments ever lasted long. Ubwo rero iyo ubonye umuntu avuze u Rwanda, be quick to hear and not to run your mouth defending obvious matters. Ukwiye kwiha umwanya wo kuja wiyumvira; Birafasha cane. Ntumere nka bano bantu biyita #NUWERA #NDUWIMANA na #VUGANEZA. Barihaye akazi ko ku defend, defend defend. No kubintu vyibonekeza, bama muri position ya defend, defend defend. Nimba wibaza ngo ndakubeshe, subira usome ivyiyumviro vyabo vyose. Uzasanga ari ku defend, defend defend. Biragoye kuyaga n’abantu batiyumvira. Ubwo rero ukaba ukunda igihugu cawe, wokwibaza igikwiye kugira ibintu bivugwa bibe prevented. Ikushinga ku defend authority, uzosanuka amazi yarenze inkombe.

  • Mbega ko twebwe turi mugihugu boba badusumvya umubiri? Abo nimitwe kuko urwanda ruriko rwakira abana barwo,mbega ko muburundi atantambara ihari boba bagiye kurya impungurure batavunikiye ,erega bamenyereye kurya badakoze niyo mpamvu ,urazi umuceri weze mukirundo? Bibiliya niyo ivuga ngo : umunyakibi ahunga atawumwirutseko.

  • Ntawifuza guhunga amahoro nico gituma kwubwanj mbona obo barundi bafise ico bahunze uravye ibi mugihugu cacu nabandi tutiri inyuma kubera ibikorwa vyitera bwobwoba bikorwa nimbonerakure numugambwe cnd kubo batavuga rumwe kukiringo ca3 ca Petero Nkurunziza

  • @World (e) , Now that you have started talking without insulting people, then we can hold a debate. i will get back to you before the end of the business and comment to your posting if you are willing to do the same ( in a positive manner of course). If not, we close the debate and say wait and see. cheers

  • mbega abarundi tuzoruhuka kuryana ryari???emwe ngokwisamburirako nk’impene kimwe gusa coremesh’abarundi l’home propose et dieu dispose.

  • mbega abarundi tuzoruhuka kuryana ryari???emwe ngokwisamburirako nk’impene kimwe gusa coremesh’abarundi l’home propose et dieu dispose.

  • @ Darling

    So far, you are doing great representing yourself as a hypocrite. Your second previous comment was full of ignorance and insults. " AHAHHAHA, that is day dreaming, cyangwa indoto zo kumurango if you want" Does that sound like you? You can’t come here and try to act smarter than anyone OKAY? Yes I take it personal when you try to endorse your tyrannical government by being a jerk to my fellow Burundian. Talking about manners, You are one disrespectful jerk I ever met on a social media. If you want to see some Rwanda-Urundi manners, it have to start with you. Do you want to explain how respectful it is to reply to someone in a broken (messed up) English when their comment was written in Kirundi?? What made you think that they speak that foreign language? Since you have done nothing but proving how ridiculous your hypocrisy is, there is no need for holding a debate with you. I no longer trust anything that comes out of that big mouth. Try again; cheers

  • @ IGIHE

    Kuki twanditse ivyiyumviro bibafata imisi kugira mubishire ahabona? Mbega namwe mufise ivyo mushaka ko abantu babona, n’ivyo mudashaka ko babona kuko mudahuza ivyiyumviro n’abavyanditse? Ndabona website yanyu iracari Inyuma.

  • WARUNDI, VITA LINI ITAISHA?

  • nashaka kubaz ko nkuwoshaka gutaha kubandanya amashure bomuzana akiga mu gihe yumvise ko iwabo hagarutse amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.