Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ingorane zitandukanye ziri mu rwego rw’ubutungane zoba zigiye gutorerwa (...)
Ingorane zitandukanye ziri mu rwego rw’ubutungane zoba zigiye gutorerwa umuti
vendredi 2 Myandagaro 2013
Abategetsi bagera ku majana atatu bava mu buzi butandukanye bararindiriwe nu ntara ya Gitega ahazobera inama rukokoma kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika ku rya 9 myandagaro 2013 mu ntara ya Gitega ahazobera iyo nama rukokoma.
Iyo nama rukokoma rero ikaba iriko itegurwa na Leta y’Uburundi afatikanije n’amashirahamwe mpuzamakunga nka PNUD, BINUB,ishirahamwe ry’abadagi CTB. Iyo nama kandi ikazitabwa n’abantu atari bake nk’uko bishikirizwa na Gerard Rugemintwaza ari mu murwi uriko urategura iyo nama.
Ubutungane ni ikintu cagutse cane aho usanga inzego z’ubutungane hamwe n’izindi nzego zijejwe gufasha abarenganijwe zizitaba iyo nama rukokoma. Muri ivyo, hariho cebac ifasha ingorane ziri mu gisata c’ubudandaji, urwego rw’ abashingantahe, ibiro vy’umuhuza, abasitanteri. Havuyemwo abashitsi bazoja mu birori vyo kwugurura iyo nama rukokoma hamwe no kuyisozera, abandi bose bazohamara imisi itanu batanga intererano bongera bahanahana ivyiyumviro, kurabira hamwe no kwibaza ivyoshoborwa guhindurwa muri co gisata. Ubwa mbere bazovuga ukuntu ubutungane bw ’Uburundi bumeze muri kino gihe, hakwirikirwe guhanahana ivyiyumviro ku bintu umunani bizoba bishingiyeko ivyo bikorwa.
Urwo runani rukazoba rugamirije guteza imbere ubutungane bwigenga butorera inyishu ababwitura .Urwo runani rukazoba rufise intumbero zikurikira haba ibiganiro bidakumira , ikindi ni nakaryo ko kuraba ivyagiye birahindurwa kuva mu biganiro vy’i Arusha kugira barabire hamwe ibitagenze neza hamwe ni utugorane bagiye baragira kugira igisata c’ubutungane ntigishobore gukora neza. Muri iyo nama tukaba twiteze ko ivyagiye birahinduka mu gisata c ’ ubutungane, biboneka bakabivuga muri iyo nama.
Intambamyi ntizabuze mu gisata c’ ubutungane, ivyo bazokwongeramwo bigashobora kuzotuma ubutungane bw’Uburundi bugera ku yindi ntambwe. Ikindi naco n’ugushiraho ikirangamisi c’ukuntu ivyo bikorwa bizokorwa kandi hakabaho ugucungera ibizoba vyasabwe muri yo nama ko biriko biraranguka.
Tubamenyeshe ko urwego rw’abashingwamanza batewe umutimauhagaze niyo nama kuko batashizwe ku ntonde z’abazokwitaba iyo nama, kandi n’ibizohigirwa ntanakimwe babimenyeshejwe ko.
Floxella Karire