IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inguvu Uburundi bwerekana muri Somaliya zirakengurukwa n’abatari (...)

Inguvu Uburundi bwerekana muri Somaliya zirakengurukwa n’abatari bake

mardi 2 Mukakaro 2013

Mu gihe bariko barahimbaza imyaka 51 ihaciye turonse intahe y’ukwikukira, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Mukakaro 2013, ingabo z’igisirikare zarerekanye imbere y’abategetsi b’abarundi n’abanyamahanga umunezero bafise ku ntambwe bagezeko mu gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalie n’ahandi kw’isi.

« Inguvu twerekena zarashimwe kw’isi yose mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya kandi n’ibindi bihugu biri mu ntambara bikaba vyipfuza navyo ko twobifasha », ivyashikirijwe na colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi. yongeye amenyesha ko ingabo zishika 5600 zo mu mabatayo atandatu, arizo ziriko zirafasha bimwe biboneka kandi ko ku mwaka ku mwaka barungika ingabo muri Somaliya mu ntumbero yo kugarukana amahoro.

« Mogadishio isigaye ifise umutekano kubera igisirikare c’Uburundi, n’abanyasomaliya barabinezererewe, ndetse bakipfuza kandi ko abasirikare b’abarundi bogumayo igihe kirekire ». Abandanya avuga ko intwazangabo z’Uburundi zitanze mu gushika muri Baidoa, igisagara gifise ubu umutekano ariko gifatwa nk’ahahoze hari abagwanyi ba El-Shebab bakomeye. Ibirori vy’uwo munsi wo guhimbaza intahe yo kwikukira, vyaranzwe na defile ndende y’intwazangabo z’igisirikare n’igipolisi, ikimenyetso cerekana ko igihugu cikukiye.

Iyo defile ikaba kandi yari yitabwe n’inzego z’igihugu zitandukanye n’amashirahamwe atari make asanzwe akorera hano mu Burundi. Abapara nabo bakaba barerekanye ubumenyi bafise mugukoroka bava mu ndege iri mu kirere, imbere y’umurongozi wabo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’imbere y’abatumire b’icubahiro, nk’umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta eka n’abandi batumire barungitswe, baje bava mu bihugu nka Gabon, Ouganda, Tanzanie ,Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, n’ahandi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Vyari vyiza mugabo iyo mudoca mutumira urya mugesera w`umwicanyi nyene. Simuvuze mugabo nzomuvumba.Umukama wenyine aramuraba. Siku ya mwizi ni arobayine !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.