Accueil > Amakuru > umutekano > Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe ku Mutakura
Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe ku Mutakura
mercredi 12 Myandagaro 2015
Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashinkov,amasasu arenga amajana atanu,grenade,impuzu n’ibirato vya gisirikare,ni bimwe mu vyatowe n’igipolisi mu gikorwa co gusaka cakoze mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2015.
Nkuko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,igikorwa co gusaka cakozwe muri quartier ya Mutakura kw’ibarabara rya 4 inomero 50 ku rugo rw’uwitwa Ayoub ariko asanzwe aba ahandi.
Icegera c’umuvugizi w’igipolisi yavuze kandi ko bafashe ibikoresho vyo kwa muganga,harimwo imiti.Yavuze kandi ko bafashe n’abantu bane ku mvo z’amatohoza.
Mwomenya komu gihe igipolisi cariko gisaka ku Mutakura,no muri quartier ya Jabe igipolisi cazindutse kihugarije atawusohoka canke ngo yinjire.
IGIHE
Messages
12 Myandagaro 2015, 13:45, par Vianney clever
Ahaaa! Murabireb neza, non vyagenz gt kugir ng baj gusopa uwomuhana kandi nyeneho atarih asanzw aba?
12 Myandagaro 2015, 14:13, par INTAGOHEKA
NIBAKOMEZE GUSAKAHOSE BAKURIBIRWANISHO MUBANYAGIHUGU,KOBAVUGANGO IMBONERAKURE NIZOZIFISIBIRWANISHO,ABOBAZIFATANWE NIMBONERAKURE? TWARABAHINYUYE,
12 Myandagaro 2015, 15:01, par ndikuriyo alexis
MUKORE UKO NYENE. INGABO Z’IGIHUGU ZIRARIKANUYE KU GIKORWA KIRIKO KIRAKORWA MU MUTEKANO NTANGERE. ABANYAGIHUGU TURABAKEJE KU NYIFATO MURIKO MUBIKORAMWO MU MUTEKANO NTANGERE. NAMWE BENE GIHUGU SUBIZA IVYO BIGWANISHO NTACO BIZOBAMARIRA ATARI UKUBAHEKURA.
12 Myandagaro 2015, 15:06, par kibwa2
Ni mukomereze aho muhige izo nkozi zi ibibi zose, izo mufata kandi muzikanite uruzikwiye!!
12 Myandagaro 2015, 15:30, par Justice KURIBOSE
Irementanya gushka ryari?mwasats JABE,NYAKABIGA, MUSAGA mwafashe KANYANGA,non kanyanga niyo irasa?vyumvikan kar mwebw nyen murasa hama mukabeshera aben gihugu.
12 Myandagaro 2015, 16:46, par fidelite
inkoho zibiri gusa,abobatutsi bazimbuye guhera 72,ntimusamare,hari zose,za roquettes zagwa kuri general wacu nazo,niyo ziri,abamwishe si yo bazananye?Bandanya mubafyineko,ziruzuye muri utwo tuzu twabo,rondera,rondera baramaze aba cnddfdd muri ayo ma quartiers babita imbonerakure,zibiri gusa ,zana vya catelpillard birandure vyimbe murabe ko mutazitora
12 Myandagaro 2015, 16:52, par Kanyosha
Comeza mubake ivyobirwanisho kandidukomeje gushimira abigize kobakorana nizonjavyi muntumbero yokugira bazebaratungira agatoke abajejwe umutekano ahobababafise cankebabitse ibirwanisho, uyumurwi urikurakoraneza ngaha mugihugu kuko ahobamaze gutungiragatoke abajejwe umutekano usanga batabeshe cokimwe nabakorerahanze yigihugu iyobabwiye inzegozumutekanoko bagombagutera baturuturutse ahanturunaka usangabatabeshe. Ivyovyarabaye batera Cibitoke, batera Kayanza, nahandibafata imirwiyabantu atacirakora. Abarimubihuguvyakurenabo barimwuwomurwi bakigira abakorana nizonjavyi turabashimira komuguma muturungikira imigabonimigambi ikorwanabariyo cane cane abari mubihugu vya Bulaya,Amerika,Australia nahandi, rekambonereho nogushimira uyumuntu ari ahitwa New York muri Amerika aheritse kuduha agakuru kabamwe mubarundi ngobariko barahavugira ayamuhe ngobigira ibitangaza bakibagirako vyahindutse.
12 Myandagaro 2015, 17:18, par Scott
Reka kuza mubesha ngo mwafashe inkoho? None ko mutazerekana kumasanamu, mugashima gushira izo sura zanyu imbere noneho turabimenyereye ko mugenda ahantu mukabitaho hama mukavyagiriza abanyagihugu twarabahinyuye.
12 Myandagaro 2015, 18:27, par pasteur
none ivyo bigwanisho mu kwinjira biza par osmose?canke imbibe ntizicunzw?cank bikorerwa mu burundi?biratangaj nukuri.
12 Myandagaro 2015, 18:33, par Falcon
Erega nizo mwahaye imbonerakure bashobora kuzigurisha kubandi banyagihugu,rekana iyo mitwe,twebwe turindiriye inteko mvamakungu nayo mwebwe ninzoya zirazi ivyanyu.
12 Myandagaro 2015, 19:26, par THAST
FATA NYISHI NIZO ZITEJE UMUTEKANO MUZIMARE
12 Myandagaro 2015, 20:15, par kanyarwanda
Ibi ni ibikorwa byiza gusaka abanyagihugu. Barundi mbashimira ko mwamenye amayeri y’umwanzi. Gusaka bizahoreho kugeza izo nkozu zikibi zose zifashwe cyangwa zomoke zijye murwanda kurya impungure. Urwishyigikiye ararusoma. Ndizera ko abo bose bahenzwe kujya mwibarabara cg gutera grenades aba polices ubu bagiye gutangira kwicuza. Gusa mugabo police niba ifashe izo nkozi zikibi umuti uroroshye cyane. Iyo umuntu ashaka kukwica ukamutanga umushyira mucyobo aba yateganyije kugushyiramo
12 Myandagaro 2015, 20:22, par emma
emma
jewe ndashima kuba muriko murarondera ibigwanisho biri mubanyagihugu, mugabo banze mukorere kurabo murongoye mugi POLICE no mugisoda, kuko mubasoda naba POLICE harimwo abaha inkoho nama grenade abagwanya ikiringo cumukuru wigihugu wacu NKURUNZIZA P.
12 Myandagaro 2015, 21:58, par NIHESO
BIRABABAJE KUVUGA NGO MWAFASHE IBISA NAMABUTURA YIGISODA MWIRIW AHANTU NON MWARIMWATWAW NAYO MABUTURA?
12 Myandagaro 2015, 22:14
muragenda mukabishirgyo kugira muronke abo mudfndereza
13 Myandagaro 2015, 07:31, par akimana
irementanya.com.mbe kobasaka ayo ma quartien yagize imyiyerekano gusa?za mbonesi zanyu mwanbika tenis ko muta zivuga?twarabahinyuye.burakeye tubirabe.
13 Myandagaro 2015, 14:30, par rjmt
Gkgdjmawgm gdk1mt,122376
16 Myandagaro 2015, 21:32, par innocent
kuri abobantu bakwiye guhanwa bikwiye
17 Myandagaro 2015, 11:47, par bavuga
reka bige kurasa nabobonyene kuko igihugu c`uburundi gisigaye ari akananira bahinga kuko ntanumwe yumwe yumva