Accueil > Amakuru > umutekano > Inkoho zitanu nizo zafashwe muma karitiye ane
Inkoho zitanu nizo zafashwe muma karitiye ane
mercredi 11 Munyonyo 2015, par
Igiporisi c’Uburundi kirabandanya igikorwa catanguye kuri uwu w’Imana c’ukwaka ku nguvu ibirwanisho biri mu banyagihugu batabifitiye uruhusha. Ku munsi ugira gatatu w’ico gikorwa, igiporisi c’Uburundi kirashima aho kigejeje uwo murimo.
Amakuru atangwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalachnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa pistolet, inkoho imwe yo mu bwoko bwa R4, gerenade imwe, iradiyo (Motorola), hamwe n’ibikono bibiri vy’amasasu vyuzuye arivyo vyafashwe kuri uwu wa kabiri muma karitiye ya Jabe, Kanyosha, Rohero na Kinindo mu bikorwa vy’ugusaka vyakozwe n’igiporisi c’Uburundi.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bashima ingene ico gikorwa kiriko kirarangurwa mu mutekano.
IGIHE
Messages
11 Munyonyo 2015, 09:01, par yaya
Je ndi wewe hako noguma mbesha abenegihugu namkungu nopfuma ndagaheba kwamurabesha sivyiza
11 Munyonyo 2015, 09:22, par Haha hhhh
Amaterefone ngendanwa yabanyagihugu yoyo ko mutayavuga muguma mutwara
11 Munyonyo 2015, 10:40, par charity
ariko kweli abarundi dusigaye tur’ibijuju,turahendwa nk’abana,ariko izo nizo nkoho zari zimaz’imaz’imisi zihungabanya bujumbura?
11 Munyonyo 2015, 10:59, par Muzumirwa
Izo nkoho muzana mu mazu mubanje kubomora mbe mwibazako bizoshika kuki abo mwazihaye mwongera murabigisha kiliba ondes waruzi ko muriko mubaha ibiharage, izo nterahamwe mwazanye mugihugu mwibaza ko bizoborohera , reka ikinyoma mwe na Baratuza nta mapete murusha Niyombare cnke ubushingantahe ,murabe cane cane kazoza kabana banyu, Peter naveho mureke kuba abaja , bumuntu ngo mukorera igihugu igihugu sicana, murekekwibá abanyagihugu ngo muriko musaka ibigwanisho.
11 Munyonyo 2015, 11:16, par Ikiziga liLi
Inkoho niyo yaba imwe yakwica abantu 100. Police nikomereze aho.
11 Munyonyo 2015, 17:13, par FURAHA
izo nkoho ziriho kweli, ariko muzironderera aho zitari. reka ndabarangire abazifise ni zirya nterahamwe n’imbonerakure zizifise. muzikuyeyo naho muce mubwira nkurunziza yubahirize ibwirizwanshingiro yamaze guhonyanga. aho azoba avuye ibuzimu agiye ibuntu.
11 Munyonyo 2015, 18:23, par Izina
Iyomihimbiri bakoreshwa nakagame bakica inzirakarengane baheza bakavyagiriza police. Mumenyeko kagame abatuma kwica abarundi benewanyu atarabanyarwanda!
11 Munyonyo 2015, 19:51, par Young jee
Nibazironder Nizo Zaduhekuye 1993
11 Munyonyo 2015, 19:53, par Young jee
Nibazironder Nizo Zaduhekuye 1993
11 Munyonyo 2015, 21:43, par YEAH
aBARUNDI BISHI BALIFUZA KUBA PROVINCE ZURWANDA WENDA UBURUNDI BUKAVAHO , KUKO IKIZERE CYABO NTACYO BIBONAMO BABONA FUTURE YABO ALI URWANDA RWABAFASHA ,
12 Munyonyo 2015, 00:58, par KIBAYA
BARATUZA , nibareke kukudendereza abagutuma. Izo nkoho n’ubu uwovuga ati: Piter aremeye kutanga igihugu ca bandi kuko si iciwe gushika ubu, na wewe woca worohegwa mw"ayo majambo wama washikirije. Kandi nawe woca uyitwara muri stock ikigumiraho iyo nkoho yawe.Ni murabe nyabuna icatumye inkoho zizanwa mu bantu, kibe arico mututumura. Nayo izo zo aho zafatiwe nikera nta murundi aba acicwa canke ngo yangazwe.
12 Munyonyo 2015, 07:46, par mahoro
Nn izinkoho numvise nizo zamaze abarundi????mwebwe ingorane muriko muzironderera aho zitari ahubwo nimwikubite agashi naho ntabikorwa bishimishije mwakoze ntavyo
12 Munyonyo 2015, 08:13, par jamali
none aho ubulundi buzo ba nkatanzania nahima na
12 Munyonyo 2015, 08:19, par ntila mpeba
jewe nzoba ndaba ivyu bulundi iyo bizodushik ana sinzi
12 Munyonyo 2015, 09:21, par Karimu
Le clown me fait rire encore une fois! nonese araraba agasanga ziriya nkoho zaguye umugese zishobora no kurasa isasu rimwe? nibareke gukina mu bikomeye
12 Munyonyo 2015, 22:14, par Ferdinand
Kurikirina Ivyo Mujejw Kugrango Abavyong Igihug Batuzwe Ariko Ubuzma Bwumunyagihugu Asanzw Bwubahrizwe
14 Munyonyo 2015, 20:42, par nduwimana
nibafate.Izonkohokukonizozamaze.Abavyeyibacu.Nabanabacu.Nimiryangoyacumugabo.Abasengatwesetujekumavidusenge
15 Munyonyo 2015, 17:11, par Gakwaya abdallah
Jewe ndashimiye cane igiporisi c’uburundi kubera izo gikorwa, kiriko kirakorwa nibabandanye nkuzu kunzu! bazaka kuberabe turakeneye umutekano mukiguhungu jacu camavukiro!